Abantu 200 bagiye gupfungwa imyaka 2200 mu Butaliyano ku vyaha vyo gukorana n'aba-mafia

Abacamanza bashashe mu ntahe y'icese

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu, Abacamanza bo muri uru rubanza bacungerewe umutekano n'igipolisi
    • Umwanditsi, Na Davide Ghiglione
    • Igikorwa, BBC News, Roma

Abantu barenga 200 bagirizwa ivyaha muri rumwe mu manza za mbere zikomeye ku ngero nyinshi z'urunganwe mu Butaliano, baciriwe ibihano vyo gupfungwa imyaka irenga 2200 uyiteranije yose.

Uru rubanza rwari rumaze imyaka itatu rwaregwamo abantu bakekwa gukorana n'umurwi uzwi kw'izina rya 'Ndrangheta' bagiriwe n'ivyaha vy'ubwambuzi no gucuruza ibiyoyayuramutwe.

Mu bagiriwe n'icaha harimwo uwahoze ari umukenguzamateka w'Umutaliyano, naho bishoboka ko yunguruza urubanza.

'Ndrangheta' ni umwe mu migwi y'inkozi z'ibibi ikomeye y'i Bulaya.

Uru rubanza rwerekanye ububasha bunini ako kagwi gafise muri poritike no ku banyagihugu bo mu bumanuko bw'Ubutaliyano. Abahinga bavuga ko ibihano vyahawe abakozi bakuru, harimwo abategetsi bo hasi, abacuruzi n'abanyeporitike, vyerekanye ingaruka zikomeye z'ivyaha vyateguwe mu nzego z'Ubutaliyano.

Mu bantu bazwi bagiriwe n'icaha harimwo Giancarlo Pittelli, umushingwamanza akaba yahoze ari n'umukenguzamateka w'umugambwe Forza Italia w'uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Silvio Berlusconi. Pittelli yaciriwe imyaka 11 kubera gukorana n'umugwi umeze nk'uw'abamafia.

Abandi bagiriwe n'icaha harimwo abakozi ba reta, abakozi bo mu mahinguriro atandukanye n'abayobozi bo mu nzego zo hejuru, bagize uruhara runini mu kwinjira kwa 'Ndrangheta' mu nzego z'ubutunzi zemewe be no mu nzego za reta.

Abarenga 100 mu baregwa muri uru rubanza bambitswe izera.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Abacamanza bari bafise uru rubanza mu minwe bahawe abapolisi babacungera ku bwoba bw'umutekano wabo.

'Ndrangheta' ifise amamuko mu karere gakenye kitwa Calabria, ifatwa nk'imwe mu migwi iteye ubwoba y'abagizi ba nabi kw'isi. Igenzura hafi ibice 80% vy'isoko y'ikiyayuramutwe ca kokayine (cocaïne) i Bulaya.

Uyu mugwi werekana ko buri mwaka wegeranya amafaranga yababa imiliyaridi 60 z'amadorari y'Abanyamerika.

Uru rubanza rwabereye mu kigo co guhamagarana (call center/centre d'appel) giherereye mu nkengera z'igisagara ca Lamezia Terme, cahinduwemwo inzu y'iburaniro icungerewe cane n'abajejwe umutekano, ifise utwumba twakira abaregwa, kandi kikaba cagutse bikwiye ku buryo gishobora kwakira abashingwamanza bababa 600 n'ivyabona 900.

Mu vyaha baregwa harimwo ubwicanyi, ubwambuzi, gucuruza ibiyayuramutwe, gusaba inyungu z'umurengera ku ngurane, gukoresha nabi ububasha, kunyegeza amahera mu buryo buteye kubiri n’amategeko (money laundering/blanchiment d'argent).

Mu myaka itatu, imburano zarerekanye ingene uyu murwi wo muri Calabria wagiye uragura ibikorwa vyayo mu migabane y'isi, gushika naho ukorera ahantu kure nko muri Amerika y'ubumanuko no muri Australia. Abanywanyi bawo baracengetereye mu butunzi bwaho, mu nzego za reta no mu gisata c'amagara y'abantu, biba amasoko ya reta batanga n'ibiturire ku bategetsi bo hasi.

Muri uru rubanza rukomeye kurusha izindi zabayeho kuva mu myaka ya 1980, abacamanza bumvirije ivyabona amasaha ibihumbi vyinshi. Abahoze muri uwo mugwi bahavuye bahinduka bakifatanya n'ubutungane mu kwagiriza umuryango wa Mancuso n'abo bafashanya mu bikorwa vyabo, bagenzura mu buryo bwagutse intara ya Vibo Valentia.

Umuryango wa Mancuso, ukomoka mu gisagara ca Limbadi, ni umwe mu yikomeye igizwe n'imiryango 150 yashinze 'Ndrangheta'.

Anna Sergi, umwigisha w'ivyigwa vyerekeye inyifato y'abagizi ba nabi n'ubugizi bwa nabi (criminology) muri kaminuza ya Exeter, yavuze ati: "Uru rubanza rwemeje ibihano vyagiye bihabwa aba-mafia, bakubiswe intahe mu gahanga ku vyaha bisanzwe bifitanye isano cane n'ubugizi bwa nabi, nk'ubwambuzi canke ugucuruza ibiyayuramutwe".

Benshi mu baregwa bafashwe muri Kigarama (12), 2019, inyuma y'amatohoza yimbitse yakozwe mu turere 11 tw'Ubutaliyano, yari yatanguye mu 2016. Abapolisi bababa 2500 baritabiriye ibitero vyarondera abikekwako ivyaha muri Vibo Valentia, akarere gasanzwe kagenzurwa n'abagize umuryango wa Mancuso uri mu mugwi Ndragheta'.

Abarenga 50 bahoze ari abamafia baremeye gufasha muri uru rubanza, muri bo hakaba harimwo Emanuele, umwishwa wa Luigi Mancuso, .

Ivyemezo vyabo vyashize ahabona ingene ibikorwa vy'umwe mu mirwi y'inkozi z'ikibi ikomeye cane mu Butaliyano bitunganijwe. Uru rubanza rwarerekanye ingene abaregwa bo murwi 'Ndrangheta' banyegeza ibirwanisho mu masengero ari hafi y'imva, ingene bakoresha imodoka z'ubutabazi (ambulances) mu kuwnguruza ibiyayuramutwe n'ingene bakatisha imihora y'amazi rusangi mu mirima ya marijuana.

Abarwanije uwo murwi w'inkozi z'ikibi barahura n'ingaruka zikomeye, harimwo gusanga ibibunda vyapfuye n'imitwe y'impene imbere y'amazu yabo, amamodoka yaturiwe n'amadirisha y'amazu y'ubucuruzi yononywe.

Antonio Nicaso, umwanditsi akaba n'umuhinga ku vyaha bikorwa vyateguwe (organised crime), yavuze ati:" Iki gice ca mbere c'ibihano kirerekana ingene bigoye kurwanya umurwi 'Ndrangheta' kubera ukuntu ukorana n'abanyeporitike, n'abajejwe ubutunzi n'ikigega".