'Jewe ni je nigurira impuzu ... Ndaja no kuri internet nkaraba izigezweho'- Angeline Ndayishimiye

    • Umwanditsi, Cyriaque Muhawenayo
    • Igikorwa, BBC GAHUZA

Umupfasoni w'umukuru w'igihugu c'Uburundi, Angeline Ndayishimiye, azwi nk'umuntu yambara imideli itandukanye y'impuzu, bamwe bakaba bibaza uwujejwe kumwambika.

Mu kiganiro na BBC, umupfasoni Angelique avuga ko ari we yigurira impuzu.

Agira ati: "Jewe ndagenda kwigurira impuzu canke nkagenda mw'ibutike kanaka kwigurira igikoresho co mu nzu.

"Hariho ababona niyambariye irori bakibaza ati uwo muhumure na we ariko ahumura yambara amarori. Jewe amarori nayambaye kuva kera, wanashaka si n'ayo amaso gusa, ndafise ifoto mfise imyaka 15 nambaye amarori

"Ndi umuntu aronka akaryo ko kujabuka imbibe nkasuma kandi nkaja kuri internet nkaraba izigezweho."

Ivyo ariko ngo ntibimubuza kuguma akora vyinshi mu vyo yahora akora umucance wiwe ataraba umukuru w'igihugu.

Angeline Ndayishimiye yakuze ari umwigeme ameze gute?

Uwo mutambukanyi w'umukuru w'igihugu c'Uburundi avuga ko yakuze akunda ibikorwa, cane cane kurima.

Avuga kandi ko yakuze akunda isuku.

Angeline Ndayishimiye agira ati: "Jewe narakunda udukorwa two muhira. Cane cane narakunda kurima. Nk'ubu mvuye kw'ishure nararima, no mu ci narashobora gutera ibigori, nkabivomera.

"Hanyuma ndi umuntu yakunda isuku, narumva nkunda ko muhira hoba hakubuye."

Umucance wiwe prezida Evariste Ndayishimiye bamenyanye gute?

Prezida Evariste Ndayishimiye yatanguye umwaka w'indwi w'amashure yisumbuye, umutambukanyi wiwe na we atanguye umwaka wa mbere w'amashure y'intango.

Angeline avuga ko bamenyanye mu gihe c'amagume, ahejeje umwaka w'indwi.

Ico gihe ngo yumvise inkuru zivuga ko bagira basubire kwugurura ishure ryo mu Kibimba aca ajana na mukuru we kwiyandikisha.

Uwo bavuga biyandikishako yari mukuru w'umucance wiwe yitwa Medi.

Ico gihe agiye kwiyandikisha "uwatwanditse si Medi, yari umugabo wanje."

Yitwengera Angeline agira ati: "Nibaza ko mu kwandika, ngira ntiyaraba ku rupapuro abo ariko arandika abo ari bo, ngira yandika ariko araraba abaje kwiyandikisha."

Aho rero ni ho bamenyaniye. Hari mu 1994.

Prezida Evariste Ndayishimiye ngo yaraza gutembera kwa nakuru wa Angeline, kuko babana hagufi, ariko uwo mwigeme ngo yibaza ko yaba aje kuramutsa ba narume.

Agira ati: "Hariho umwanya nabaye kwa nyokuru hafi y'iwabo, akaza gutembera kwa nyokuru. Jewe nibaza ko aje kuramutsa ba marume kubera ndamubonye n'ukuntu yangana. Nabona ko atari je aje kuramutsa.

"Naramuherekeza nkamushikana nyene ku myugariro, ngira ni ko kera babivuga.

"Mugabo ibijanye n'uko tuzobana canke tuzogira gute, aho ntitwabishikako, mugabo wewe usanga ku mutima vyariyo, kubera uwugukurira agusumvya ubwenge n'amayeri."

Mu Nyuma, prezida Evariste Ndayishimiye yarandikiye umukunzi wiwe ko batewe muri kaminuza, ari na ho yaca aja ku Rugamba.

Angeline, avuga ko basubiye kubonana mu 1996, prezida Evariste Ndayishimiye ariko arava Karusi agiye mu Kibira,

Ariko ngo bamaranye umwanya urume rumara, kuko inkoho zaciye zasana biruka atawusezeye uwundi, umwe wese anyaga amagara.

Uwo mutambukanyi w'umukuru w'igihugu avuga ko yasubiye kubona ikete ry'umukunzi wiwe mu 1998 yiga kuri ESTA ari na ho yaciye yigira inama yo kuja kumuramutsa aho yari ari mu ntara ya Makamba.

Angeline Ndayishimiye yatinze yigira inama na we yo gufasha muri urwo rugamba.

Uruhara rwa Angeline Ndayishimiye mu ntambara ya CNDD-FDD rwabaye uruhe?

Mu gufasha mu ntambara yahuza umuhari witwaje ibigwanisho wa CNDD-FDD yawuhuza na reta y'Uburundi, Angelique yakoze akazi ko kuza aragemura ibintu vya nkenerwa abagwanyi bari bakeneye, harimwo n'amasase.

Agira ati: "Ari nk'amasasu bakeneye twarayatwara, ari nk'impuzu umwambaro wa gisoda, twarawutwara."

Mu nyuma uwo mupfasoni ngo yatinze na we yiyumvamwo kuba umusirikare yuzuye.

Ati: "Harageze igihe nanje numva umengo nogira umwimenyerezo wa gisirikare. Nabaye 'démobilisée'. mfise ipeta rya Lieutenant.

Ubu nk'umupfasoni w'umukuru w'igihugu Angeline akora iki?

Muri kino gihe, Angeline Ndayishimiye ni we arongoye ishirahamwe ry'abatambukanyi b'abakuru b'ibihugu ba Africa riharanira amahoro.

Mu gihugu na ho avuga ko akora ibikorwa bitandukanye, harimwo gufasha abatamakazi n'urwaruka.

Angeline yabwiye BBC ati: "Hariho gufasha abatamakazi bageze mu za bukuru, hariho gufasha urwaruka rukeneye kwiteza imbere.

"Turafise n'umugambi wo kugira ishure. Hariho iryo turiko turubaka mugabo ahanini nabonye ko amagara y'abantu ni wo mushinge wa vyose

Imigenderanire bafitaniye n'abatambukanyi b'abahoze barongoye Uburundi

"Jewe ndabafata nk'abavyeyi banje", uko ni ko Angeline Ndayishimiye ku vyerekeye imigenderanire bafitaniye n'abapfasoni b'abahoze barongoye Uburundi.

Avuga ko iyo agize ikimuzazanira abahanuza.

Uwo batarabonana gusa ngo ni mu prezida Micombero gusa.

Ariko avuga "ndizera ko tuzobonana."

Angeline Ndayishimiye ni we nyene ishirahamwe Prestige ridandaza ibitoro mu Burundi?

Angeline arahakana akarengwa ko ata sano bafitaniye n'ishirahamwe Prestige ridandaza ibitoro mu Burundi.

Uwo mupfasoni avuga ko yabonye ubwa mbere nyene iryo shirahamwe bahuriye mu ndege, kandi na ho nyene ari we amwibwiye.

Agira ati: "Umusi umwe nari mu ndege, hanyuma mbona umuntu aguma andaba atwenga, nca ndamuramutsa. Hanyuma aca ambwira izina ryiwe kandi ko ari we nyene ishirahamwe Prestige ridandaza ibitoro.

"Naciye mpagurutsa abantu bose twari kumwe nti nimuze murabe nyene rya shirahamwe banyitirira."

Na yo ku muceri yagemuye mu gihugu ca Guinée équatoriale, wavuzwe wavuye mu mfashanyo Ubushinwa bwari bwahaye Uburundi, Angeline arabihakana.

Agira ati: "Kugemura n'ibintu bisanzwe.

"Umuceri nagemuye n'uwo Fondation Mugiraneza yashiriye Fondation y'umutambukanyi w'umukuru w'igihugu ca Guinée équatoriale.

"Uwo muceri ntiwari uwo abashinwa, no ku mifuko n'uko bataravye bari kubibona. Barabeshe."

Angeline Ndayishimiye ntahakana ko hari ibindi bikorwa akora bimwinjiriza amahera ngo kuko nk'ivyo umucance wiwe yahora akora ntiyoca abireka.

Agira ati: "None nk'ivyo umucance wanje yahora akora ataraba umukuru w'igihugu noca ndabireka.

"Kugira ikindi gikorwa nkora nta tegeko na rimwe ribimbuza.

"Kandi iki kibanza turimwo yuzikivamwo, umuntu n'ukuba aritegura kugira ntazobure utuvuta."