'Nigeria na Kenya mu bihugu vyakehaniwe n'imiti ipfupfahaza SIDA' - OMS

Umukozi afise mu ntoke umuti kw'ivuriro rya TASO Mulago i kampala muri Uganda, muri Ruhuhuma 17, 2025.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Hafi miliyoni 25 z'abagendana umugera wa SIDA bari mu bihugu vyo munsi y'ubugararwa bwa Sahara
    • Umwanditsi, Wycliffe Muia
    • Igikorwa, BBC News, Nairobi

Ibihugu umunani - birimwo ivyo muri Afirika, birimwo Nigeria, Kenya na Lesotho- bishobora kubura burundu imiti yo gupfupfahaza umugera wa SIDA/VIH, inyuma y'aho leta Zunze Ubumwe za Amerika zifatiye ingingo yo guhagarika infashanyo zatangwa mu makungu, bivugwa na OMS/ WHO, ishami rya ONU ryitaho amagara kw'isi .

Perezida Donald Trump yatangaje ihagarikwa ry'imfashanyo kuva ku munsi wa mbere akija ku butegetsi mu kwezi kwa mbere, nka kimwe mu vyo yari yategekanije gukora mu kugabanya amafaranga leta ikoresha.

Umunyamabanga mukuru wa OMS Tedros Adhanom Ghebreyesus agabisha ko: "Ihungabana ry'ibikorwa vyo kurwanya umugera wa SIDA, rishobora gutuma intambwe yari imaze guterwa mu myaka 20 ishize isubira inyuma".

Yongerako ko "Bishobora no gutuma ku bandura umugera wa SIDA hiyongerako miliyoni 10, nayo miliyoni 3 bagahitanwa n'uwo mugera wa VIH, abo bakaba barenga incuro zitatu abahitanywe n'uwo mugera mu mwaka uheze.

Nigeria, Kenya, Lesotho, Sudani y'Epfo, Burkina Faso na Mali - hamwe na Haiti na Ukraine - bishobora kubura imiti yo kuramira ubuzima bw'abagwaye umugera wa SIDA (anti-retroviral -ARV) mu mezi ari imbere, Dr Tedros ivyo yabishikirije mu kiganiro yatanze kuri uyu wa mbere.

Itegeko rya Trump ryahagaritse imfashanyo yaja mu makungu, mu kiringo c'iminsi 90, ingingo iri mu nzira y'umugambi wiwe uzwi nka "America First" wo kubanza kwitaho inyungu z'imbere mu gihugu imbere yo gufasha mu makungu.

Iyi ngingo yagize ingaruka ku migambi yo kurwanya SIDA hirya no hino mu bihugu bitandukanye, bituma imiti ya nkenerwa cane irimwo iyo gupfupfahaza umugera wa SIDA, ihagarikwa gushikanwa aho yari yagenewe.

Myinshi mu migambi ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika yakorwa n' igisata kijejwe iterambere mu makungu USAID yarahagaritswe.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

N'ubwo umugambi wo kurwanya SIDA /VIH wakuwemwo mu yahagaritswe yahora itangwamwo intererano na Leta zunze Ubumwe za Amerika, ibikorwa vyayo vyaragizweko ingaruka navyo nyene.

Pepfar, umugambi uzwi nk'uwa perezida wo kuramira ahakenewe imfashanyo yihuta, nawo nyene uzera uburaro n'uburamuko kuri USAID n'iyindi migambi yahagaritswe.

"Ibi vyatumye mu bihugu bigera ku 50, vyabaye ngombwa guhagarika ako kanya nyene gutanga imiti ya SIDA, gupima no gufasha kwirinda uwo mugera," nk'uko bivugwa na Dr Tedros.

Umugambi Pepfar watanguye mu 2003, washoboje ibihugu bikenye kuronka imiti ipfupfahaza umugera wa SIDA, bituma baramira ubuzima bw'abarenga miliyoni 26.

Mu misi yiwe ya mbere ku butegetsi, Trump yatangaje kandi ko Leta Zunze Ubumwe za Amerika zivanye muri OMS, bituma iyindi migambi yari ishigikiwe na OMS ihura n'ingaruka.

Dr Tredos yongeyeko ko: "Ubutegetsi bwa Amerika bwatanze vyinshi kandi mu myaka myinshi, ariko kandi, biri mu burenganzira bwazo gufata ingingo yo gutoranya infashanyo butanga n'uko zingana".

"Ariko Leta Zunze Ubumwe za Amerika zifise n'inshingano zo kuraba, hamwe yoba ishaka guhagarika izo nfashanyo, ko ibikora mu buryo budateza guhungabana kandi burimwo ubuntu, ku buryo abazatswe bagira umwanya wo kuronderera ahandi izindi nfashanyo.

Abaharurwa muri miliyoni 25 babana n'umugera wa SIDA-VIH muri Afirika yo munsi y'ubugararwa bwa Sahara, n'ukuvuga abarenga bibiri vya gatatu vy'abafise uwo mugera bose kw'isi, nabo bagera ku miliyoni 38.

Muri Nigeria, hafi miliyoni zibiri bagendana umugera wa SIDA, aho benshi bazera ku miti yo gupfupfahaza itangwa nk'imfashanyo.

Kenya iza ku mwanya ugira indwi ku rwego rw'isi, mu kugira abantu benshi bagendana umugera wa SIDA, bagera ku miliyoni 1,4 nk'uko vyerekanwa n'ibiharuro bitangwa na OMS.

Dr Tedros avuga ati: "Dusaba Leta Zunze Ubumwe za Amerika gusubira kwihweza iyi ngingo yo gushigikira imigambi y'amagara y'abantu kw'isi, ibidafasha gusa kuramira ubuzima mw'isi, ariko bigafasha na Leta Zunze Ubumwe ubwazo mu gukinga ikwirakwira ry'ibiza hirya no hino ku rwego mpuzamakungu''.