Ukwezi kwazoye bidasanzwe n’Ubwirakabiri bwakwo byashimishije abakunzi b’ikirere

Ukwezi kwazoye bidasanzwe 'supermoon' kuzamuka hejuru y'imisozi ya Goran yigaruriwe na Israel mu museke wo kuri uyu wa gatatu
Insiguro y'isanamu, Ukwezi kwazoye bidasanzwe 'supermoon' kuzamuka hejuru y'imisozi ya Goran yigaruriwe na Israel mu museke wo kuri uyu wa gatatu

Ukwezi kw’inzora nini bidasanzwe kwamuritse ikirere henshi ku isi ubwo kandi – mu buryo bw’imbonekarimwe - kwahuriranaga n’ubwirakabiri bw’igice bw’Ukwezi.

Ibi bintu by’imbonekarimwe mu kirere byagaragaye mu ijoro ryo ku wa kabiri rishyira kuri uyu wa gatatu ku masaha atandukanye mu bice bitandukanye by’Isi.

Ku masaha yo mu Burundi no mu Rwanda, byabonetse kuri uyu wa gatatu hagati ya saa 4:12 na saa 4:44 z’Umuseke w’Abashotsi.

Ukwezi kwagaragaye kumurika cyane kandi ari kunini, ibizwi mu Cyongereza nka ‘Supermoon’.

‘Supermoon’ ibaho iyo Ukwezi kwegereye Isi kurusha ibindi bihe byose kuri ‘orbit’ yakwo.

Ubwirakabiri bw’igice bw’Ukwezi – buba iyo igicucu cy’Isi gikingirije igice cy’Ukwezi – na bwo bwabonetse ubwo hafi 4% y’ubuso bw’Ukwezi hari mu mwijima.

Ubwo bwirakabiri bwabonetse muri Afurika, Amerika y’Epfo, Amerika ya Ruguru, Uburayi, n’ibice bimwe na bimwe bya Aziya n’Uburasirazuba bwo hagati.

Iriya nzora nini idasanzwe y’Ukwezi yo muri uku kwezi ni iya kabiri ibayeho muri uyu mwaka.

Naho ubundi bwirakabiri bw’igice bw’Ukwezi bwitezwe muri Kanama(8) 2026, ubwo bizaba bidasanzwe kuko hafi 96% y’Ukwezi hazaba hijimye hakingirijwe n’isi.

Ukwezi kwazoye bidasanzwe kuzamuka hejuru y'inzo yo mu cyaro cya Warwickshire mu Bwongereza

Ahavuye isanamu, BBC Weather Watchers/Jack March

Insiguro y'isanamu, Ukwezi kwazoye bidasanzwe kuzamuka hejuru y'inzo yo mu cyaro cya Warwickshire mu Bwongereza
Umuntu witegereza inyenyeri yashinze indebakure (telescope) muri Indonesia ngo yitegereze

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umuntu witegereza inyenyeri yashinze indebakure (telescope) muri Indonesia ngo yitegereze aka gashya
Uko uku Kwezi kwabonetse i Nanjing mu Bushinwa mu ntara ya Jiangsu

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uko uku Kwezi kwabonetse i Nanjing mu Bushinwa mu ntara ya Jiangsu
Uko uko Kwezi kwabonetse i Caracas muri Venezuela

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uko uko Kwezi kwabonetse i Caracas muri Venezuela
Indege irimo guca imbere y'uko Kwezi i Toronto muri Canada

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Indege irimo guca imbere y'uko Kwezi i Toronto muri Canada
Uko Kwezi guhinguka inyuma y'Umunara wa Galata i Istanbul muri Turkiya

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uko Kwezi guhinguka inyuma y'Umunara wa Galata i Istanbul muri Turkiya