Abanya-Palestina bategerezwa kugira uburenganzira bwo kuba muri Gaza - Blinken

Antony Blinken ari mu rugendo mu Buseruko bwo hagati

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Antony Blinken ari mu rugendo mu Buseruko bwo hagati
    • Umwanditsi, Na George Wright
    • Igikorwa, BBC News

Umushikiranganji wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ajejwe imigenderanire, Antony Blinken, avuga ko abanya-Palestina badategerezwa guterwa igitsure ngo bave muri Gaza, kandi ko ari uburenganzira bwabo bwo gusubira mu mihana yabo igihe ibintu bizoba bisubiye mu buryo.

Blinken ariyamiriza ibivugwa na bamwe mu bashikiranganji ba Israel basaba ko abanya-Palestina borondererwa ahandi ho kuba.

Yavuze ibi ari muri Qatar mu rugendo arimwo mu karere k’Ubuseruko bwo hagati.

Ashikirije ano majambo inyuma y’amakuru avuga ko abantu batari bake biciwe mw’ikambi y’impunzi mu buraruko bwa Gaza.

Amashusho ava i Jabalia yerekana ibiziga birambaraye mu bihomoka vy’inzu yabomowe – abenshi muri bo bakaba ari abagore n’abana.

Igisirikare ca Israel ntikirashobora kugira ico kivuze kuri ano makuru.

Bivugwa ko abanya-Palestina barenga 60 bishwe ku musi w’ejo mu gisagara ca Khan Younis kiri mu bumanuko bwa Gaza.

Ikambi ya Jabalia iramaze guterwa incuro zitari nke kuva Israel itanguye intambara na Hamas inyuma y’igitero c’abarwanyi ba Hamas kitari bwigere kibaho mu bumanuko bwa Israel ku wa 7 Gitugutu(10).

Abantu bababa 1.200 barishwe – abenshi muri bo bakaba ari abasivire – abababa 240 na bo baranyuruzwa muri ico gitero ca Hamas.

Abarenga 22.000 – benshi muri bo bakaba ari abagore n’abana – baramaze kwicwa muri Gaza, nk’uko bivugwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu butegetsi bwa Hamas. Buvuga ko abantu nibura 113 bapfiriye mu bitero vy’amabombe vya Israel mu masaha 24 aheze.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

"Abasivire ba Palestina bategerezwa kugira uburenganzira bwo gusubira mu mihana yabo igihe ibintu bizoba bisubiye mu buryo”, niko Blinken yaraye avuze ejo ku wa Mungu. "Ntibashobora, ntibategerezwa guterwa igitsure kugira bave muri Gaza".

Umushikiranganji wa Israel ajejwe ikigega Bezalel Smotrich yahamagariye abanya-Palestina kuva muri Gaza bakabisa abanya-Israel “bashoboye guhindura ubugaragwa bugasayangana”.

N’umushikiranganji ajejwe umutekano Itamar Ben-Gvir muri iyo ndwi yateye akamo ko “guhimiriza abanya-Gaza guta bakomoka” nk’”inyishu” kuri izi ndyane.

Abategetsi ba reta ya Israel bavuga ko abanya-Gaza bazoshobora gusubira mu mihana yabo, n’aho bataravuga ingene n’igihe ibi bizoshobokera.

Hagati aho, ibintu bibandanya bimera nabi muri Gaza. Abajejwe amagara y’abantu bavuga ko ibigo vy’ubuvuzi harimwo n’ibitaro ubu ata mutekano bifise.

Amashirahamwe mpuzamakungu atatu ajejwe ubuvuzi yatangaje ko yariko arava mu bitaro Al-Aqsa biri hagati muri Gaza inyuma y’aho Israel isohoreye itangazo ritegeka abantu gukura meza.

Intumwa y’ishami rya ONU rijejwe ubutabazi OCHA yabwiye ikiganiro Newshour ca BBC ko bafise “impungenge nyinshi ku kungene ibintu bimeze”.

“Ibintu bisigura ko ubu ata buryo na butoya ibitaro bisanzwe bihaye indaro abantu b’umurengera kandi vyarengewe bisigaranye bwo guhangana n’ibitigiri vy’abakomeretse bibandanya vyiyongera”, niko Gemma Connell avuga.

Umukuru w’ishirahamwe OMS rijejwe amagara y’abantu kw’isi, Tedros Adhanom Ghebreyesus, avuga ko abavuzi n’abarwaye barenga 600 vyabaye ngombwa ko bata ibi bitaro, nk’uko bivugwa n’umukuru wavyo.

"Nta wuzi ubu aho bagiye kuja", niko Tedros yanditse ku rubuga rwa X, rwahozwe ruzwi nka Twitter.

Igandagurwa rya Al-Arouri ryabaye akaga kuri Hamas, ariko kandi ryagize ingaruka ku ncuti yayo Hezbollah

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Igandagurwa rya Al-Arouri ryabaye akaga kuri Hamas, ariko kandi ryagize ingaruka ku ncuti yayo Hezbollah

Uru rugendo rwa Blinken mu Buseruko bwo hagati ruje mu gihe icuka kibi kibandanya ciyongera, kandi hakaba hari ubwoba ko intambara yo muri Gaza ishobora gukwirakwira.

Saleh al-Arouri, umutegetsi wo ku rwego rwo hejuru wa Hamas, yarishwe mu gitero cikekwa ko ari ica Israel mu bumanuko bwa Beirut ku wa kabiri kumwe n’abandi batandatu – intwazangabo zibiri za Hamas hamwe n’abandi bategetsi bane.

Hassan Nasrallah, umukuru wa Hezbollah, umuhari ukomeye cane muri Libani ufashwe mu mugongo na Irani, yavuze ko igandagurwa rya Arouri ari "igitero ceruye ca Israel" kidashobora kwijana.

Mu nyuma Hezbollah yaciye irekurira ibisasu vya muzinga muri Israel ku wa gatandatu nk’”igitero c’ibanze co kwihora” igandagurwa rya Arouri.

Blinken ati: "Iki ni igihe c’icuka kibi gikomeye muri aka karere. Iyi ni intambara ishobora kurandaranda, igateza umutekano muke gusumba igasubira guteza ubundi bubabare”.

Umushikiranganji wa mbere wa Qatar Sheikh Mohammed bin Abdulrahman al -Thani avuga ko igandagurwa rya Arouri ryagize ingaruka ku "mugambi w’amahoro utoroshe".

Blinken avuga kandi ko urupfu rw’umunyamakuru Hamza al-Dahdouh, umuhungu mukuru w’umukuru w’ibiro vya Al Jazeera muri Gaza, mu gitero ca Israel mu bumanuko bwa Gaza, ari “akaga gasiga ubwenge”.

Yongerako ko "inzirakarengane nyinshi cane z’abagabo, abagore n’abana b’abanya-Palestina” bamaze gupfira muri ino ntambara.

Blinken yashitse muri Qatar inyuma y’ingendo yagize muri Yorodaniya, Turukiya n’Ubugiriki. Yarashitse no muri Abu Dhabi mu masaha yitereye y’ejo ku wa Mungu, uno musi ku wa mbere akaba yitezwe muri Arabia Sawudite.