$100.000 n'inzu ku mukinyi umwe umwe w'umugwi w'abagore wa Nigeria mu mupira w'amaguru

Kapeteni wa Super Falcons ba Nigeria Rasheedat Ajibade afashe igikombe ca Afrika c'ibihugu mu rwego rw'abagore

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Kapiteni Rasheedat Ajibade niwe yaje ateruye igikombe batsindiye muri Maroc
    • Umwanditsi, Basillioh Rukanga
    • Igikorwa, BBC News

Umukuru w'igihugu ca Nigeria Bola Tinubu yaraye akeje abakinyi b'umugwi nserukiragihugu w'abagore mu mupira w'amaguru ku ntsinzi batahanye y'igikombe ca Afrika c'ibihugu, CAN y'abagore, aca abemerera udushimwe n'udushirukabute turimwo n'amafaranga.

Igihe yabakira ku kirimba c'umukuru w'igihugu kizwi nka Aso Rock ku wa mbere, Tinubu yamenyesheje ko umukinyi umwe umwe azohabwa amadorari 100.000 (hafi miriyaridi 3 mu mafaranga y'Uburundi) hamwe n'inzu y'ivyumba bitatu.

Uwo mugwi w'abagore 24 warasamiranye igihe wumva iyo nkuru, ariko bivugwa ko muri kahise ubushimwe bwemewe na reta ya Nigeria butigera butangwa.

Super Falcons ba Nigeria – nk'uko uwo mugwi witwa – batsinze Maroc yari yakiriye izo nkino 3-2 ku wa gatandatu mu kwivyukiranya gutangaje mu gice ca kabiri, gutyo batahana ico gikombe ubugira 10.

Tinubu yavuze ko ari ''intsinzi y'umwete, ishaka n'ukutadebukirwa'' avuga ko hageze aho ''atari agishaka kubandanya araba urwo rukino'' kubera yari yihebuye ko badatsinda.

''Uyu munsi mutashe nk'abahizi ba Afrika,'' niko yavuze. ''Nta codushimisha kurusha ico.''

Aho bashikiye ku kibuga gikuru c'indege ca Abuja, abo bakinyi basanganiwe n'abatamvyi kavukire, abavuza ingoma, abamenyeshamakuru hamwe n'abategetsi bo muri reta. Mu nyuma baciye bajanwa ku kirimba c'umukuru w'igihugu mu rukurikirane rw'imiduga.

Tinubu yaciye abambika umwe umwe muri bo hamwe n'abakozi b'umugwi umudari w'iteka ry'igihugu, avuga ko ari ''kw'izina ry'igihugu kibashimira''.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Kapiteni Rasheedat Ajibade yavuze ko intsinzi y'uwo mugwi ari ''iy'umwana wese w'umukobwa mu bigwati n'ibisagara vyacu bubahuka bakagira indoto''.

Yaranashimitse ku mbonakazoza Super Falcons yo kuba umugwi wa mbere mwiza kw'isi ariko avuga ko ivyo bishoboka gusa ariko babandanije gushigikirwa n'urwego rw'umupira w'amaguru na reta.

Super Falcons bamaze gutwara igikombe ca Afrika incuro 10 kuri 13 kuva gitanguye guhiganirwa mu 1998. Umukuru w'igihugu yavuze ko iyo ntsinzi ya vuba ari ''intambwe ikomeye muri mateka y'inkino''.

N'aho abakinyi baryohewe n'utwo dushimwe bahawe n'umukuru w'igihugu, muri kahise, imigwi y'igihugu ya Nigeria yaba iy'abagabo yaba n'iy'abagore yarahuye n'ibibazo vyo guteba kuronswa udushimwe baba bahawe hamwe n'imishahara.

Ubu vuba, inyuma y'imyaka 30, niho reta iherutse gushikiriza amazu mashasha yari yaremereye umugwi w'abagabo, Super Eagles, wari watahanye igikombe ca Afrika c'ibihugu co mu 1994.

Na Super Falcons kenshi baramaze kugira inyiyerekano mu kwicara mu gihe c'amahiganwa akomeye kubera ibibazo vyo guhembwa, harimwo n'inyuma y'igikombe c'abagore co mu 2023.

Harabaye kandi n'ikibazo c'ubusumbane mu guhemba, kandi muri iyi myaka ya vuba, abafana basavye ko bohembwa ayangana n'ayahembwa aba Super Eagles.

Imbere y'urukino rwabo rwa nyuma ku wa gatandatu, Tinubu bivugwa ko yemeje amafaranga n'udushirukabute tw'abakinyi vy'urwo rukino, harimwo n'ayo bari baheraniwe, aca avuga ko uko ariko bizohora bikorwa muri kazoza.