Intanga ngabo zirimwo uduce ndangakamere dutera kanseri zakoreshejwe mu gusama imbanyi hafi 200

Ahavuye isanamu, Shutterstock
- Umwanditsi, James Gallagher
- Igikorwa, Umunyamakuru mu vy'amagara y'abantu
- Umwanditsi, Natalie Truswell
- Igikorwa, Umunyamakuru ashikiriza amakuru y'ubushakashatsi
Umuntu yatanze intanga ziwe atazi ko zifise uduce ndangakamere twihinduranya imero dutera cane ingwara ya kanseri, yavyaye abana barenga 197 mu Buraya bwose, nk'uko amatohoza akomeye yavyerekanye.
Abana bamwe baramaze gupfa kandi bakeyi gusa muri abo bafise utwo turemangingo ni bo batazorwara kanseri mu buzima bwabo.
Izo ntanga ntizagurishijwe mu bitaro vyo mu Bwongereza, ariko BBC irashobora kwemeza ko imiryango "mike cane" y'Abongereza, ikaba imaze kubimenyeshwa, yakoresheje izi ntanga z'uwo mugabo igihe bari kwivuza muri Danemark ingorane zijanye no kurondoka.
Ikigo co muri Danemark cegeranya intanga, European Sperm Bank, ari na co cagurishije izi ntanga, kivuga ko gisangiye umubabaro n'imiryango yagizweko ingaruka n'izo ntanga, kandi kikemeza ko izo ntanga zakoreshejwe mu kuvyara abana benshi cane mu bihugu bimwe bimwe.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Iri tohoza ryakozwe n'ibimenyeshamakuru 14 vyegamiye amareta, harimwo na BBC, mu rwego rw'ishirahamwe Investigative Journalism Network (IJN) ry'urunani rw'ibimenyeshamakuru vya Bulaya (European Broadcasting Union).
Izi ntanga zatanzwe n'umugabo atashize ahabona umwidondoro wiwe yari yahawe amahera kugira atange intanga ziwe nk'umunyeshure, guhera mu 2005. Intanga ziwe zaciye zikoreshwa n'abagore mu myaka yababa nka 17.
Afise amagara meza kandi ibipimo vyo kwa muganga vyose vyerekana ko ata ngwara afise. Ariko rero, ibipimo ndangakamere (ADN/DNA) vyo mu turemangingo twise tumwe tumwe twarihinduranye imero imbere y'uko uwo mugabo avuka.
ADN yononye agace ndangakamere ka TP53 gafise uruhara runini mu kubuza uturemangingo guhindukamwo utwa kanseri.
Akenshi umubiri w'umuntu atanga intanga ntuba ufise aka gace ndangakamere ko mu bwoko bwa TP53 buteza akaga, ariko 20% vy'intanga ziwe ziba zigafise.
Ariko rero, abana bavuye muri izo ntanga zanduye bazogira impinduka z'imero muri buri karemangingo kose mu mubiri wabo.
Ibi bizwi kw'izina rya Li Fraumeni syndrome kandi bizanana n'ivyago gushika kuri 90% vyo gufatwa na kanseri, cane cane mu bwana hamwe n'indwara ya kanseri y'ibere mu gihe kanaka mu buzima.
Prof Clare Turnbull, umuhinga mu bijanye n'indwara ya kanseri mu kigo c'ubushakashatsi ku ndwara ya kanseri i Londres, yabwiye ikinyamakuru BBC ati: "Iki ni ikimenyesho c'indwara giteye ubwoba cane. Ni ikimenyetso kibabaje cane c'indwara yinjiye mu muryango, ikibazo kizanye umutwaro w'ubuzima bwose, ni ukuri ni ikinti kibabaje cane."
Buri mwaka harakenerwa ibipimo vy'ubuhinga bwa (MRI) bwo gufotora imbere mu mubiri no mu bwonko, hamwe n'ivyo mu nda mu kugerageza kuraba ko ata bivyimba. Abagore kenshi bahitamwo gucibwa amabere kugira ngo bagabanye ingorane zo kurwara kanseri.
Ikigo European Sperm Bank kivuga ko uwo muntu yatanze intanga we ubwiwe n'abagize umuryango wiwe batarwaye, kandi ko uko kwihinduranya kw'imero ndangakamere "kutamenyekana biciye mu gupima uduce ndangakamere kugira ngo umuntu akingirwe". Bavuze ko "baciye bahagarika kwakira intanga" z'uwo muntu igihe ikibazo c'izi ntanga ziwe camenyekana.
Abana baramaze gupfa
Abaganga babonye abana barwaye kanseri ifitaniye isano n'intanga z'intangano, nibo bashikirije impungenge zabo muri uyu mwaka ku kigo c'i Buraya ca European Society of Human Genetics kijejwe ivyo uduce ndandakamere tw'abantu.
Bavuze ko bari babonye abana 23 kuri 67 bari bafise iyo ndwara ico gihe. Icumi bari bamaze gufatwa na kanseri.
Dufatiye ku makuru twahawe hamwe n'ibiyago twahawe n'abaganga hamwe n'abarwayi, turashobora guhishura ko abana benshi cane bavutse kuri uwo muntu.
Ico gitigiri ni abana bababa 197, ariko kirashobora kuba atari ntabanduka kuko amakuru atabonetse mu bihugu vyose.
Igitigiri c'abana muri bo barazwe iyi ndwara iteye akaga ntikizwi.

Dr Edwige Kasper, umuhinga mu ngwara ya kanseri mu bitaro vya kaminuza vya Rouen, mu Bufaransa, ari na we yatanguye gutanga aya makuru, yabwiye abakoze iri tohoza ati: "Turafise abana benshi bamaze kurwara kanseri.
"Turafise abana bamwe bamwe bamaze gufatwa n'ubwoko bubiri bwa kanseri, kandi bamwe muri bo baramaze gupfa bakiri bato cane."
Céline, si izina ryiwe ry'ukuri, ni umuvyeyi aba mu Bufaransa yasamye inda y'umwana wiwe ahawe intanga z'uwo umugabo, haraciye imyaka 14, kandi umwana wiwe afise utwo duce ndangakamere.
Yarahamagawe kuri terefone n'ibitaro bivura indwara zijanye n'irondoka yivurizamwo mu Bubirigi rimuhamagarira gusuzumisha umukobwa wiwe.
Avuga ko ata nzigo afitiye uwamuhaye intanga ariko ko bibabaje ko bamuhaye intanga "zitari nziza, zishobora gutera ingorane".
Kandi arazi ko mu buzima bwabo bwose bazokwama biteze kurwara kanseri.
Avuga ati: "Ntituzi igihe, ntituzi ubwoko bwayo, kandi ntituzi ngo ni bungahe".
"Ndatahura ko hari ivyago vyinshi ko bizoshika kandi ni vyashika, tuzohangana na vyo, kandi nimba bizoba ari vyinshi, tuzorwana incuro nyinshi."
Intanga z'uwo muntu zakoreshejwe mu bitaro 67 vy'ubuvuzi bujanye n'irondoka mu bihugu 14.
Izo ntanga ntizagurishijwe mu bitaro vyo mu Bwongereza.
Ariko rero, kubera iryo tohoza, abategetsi ba Danemark baramenyesheje ikigo c'Ubwongereza kijejwe ivy'irondoka ry'umuntu (Human Fertilisation and Embryology Authority HFEA) ku wa mbere ko abagore b'Abongereza bagiye muri ico gihugu kwivuza ibibazo vy'irondoka bagahabwa intanga z'uwo muntu.
Abo bagore barabimenyeshejwe.
Peter Thompson, umuyobozi mukuru wa HFEA, yavuze ko "igitigiri gito cane" c'abagore bashikiwe n'iyo ngorane kandi "babwiwe ivy'uwo mugabo n'ibitaro vyo muri Danemark aho bavuriwe".
Ntituzi nimba hari abagore b'Abongereza bavuwe mu bindi bihugu aho intanga z'uwo mugabo zatanzwe.
Abavyeyi vyerekeye basabwa kwitura ibi bitaro bivurijemwo hamwe n'igisata kijejwe ibibazo vy'irondoka muri ico gihugu.
BBC yahisemwo kudatanga inomero y'uwo mugabo kuko yatanze intanga ziwe ntego mbi afise kandi abamenyekanye ko bafise iyo ndwara mu Bwongereza barabimenyeshejwe.
Nta tegeko rivuga incuro intanga z'umuntu atanga zishobora gukoreshwa kw'isi yose. Ariko rero, ibihugu kimwe kimwe ukwaco birashiraho igitigiri ntarengwa.
Ikigo European Sperm Bank cmera ko ibi gitigiri ntarengwa "vyarenzwe" mu bihugu bimwe bimwe kandi ko kiri "mu biganiro n'ubutegetsi bwa Danemark n'ubw'Ububirigi".
Mu Bubirigi, umuntu umwe yemerewe guha intanga ziwe imiryango itarenga itandatu. Ariko, vyagiye kuboneka ko hari abagore 38 batandukanye bavyaye abana 53 bakoresheje intanga z'uwo mugabo umwe.
Mu Bwongereza, umuntu umwe yemerewe guha intanga ziwe imiryango itarenga itandatu.
'Ntushobora gupima ibintu vyose
Prof Allan Pacey, yigeze kurongora ikigo cari kijejwe kwegeranya intanga ngabo i Sheffield, ubu akaba ari icegera c'umuyobozi w'igisata c'ubuvuzi muri kaminuza ya Manchester, yavuze ko ibihugu bisigaye vyikora ku bigo mpuzamakungu vyegeranya intanga ngabo kandi ko inusu y'intanga ngabo mu Bwongereza ubu ziva hanze.
Yabwiye BBC ati: "Ni ngombwa ko tugurira hanze mu bigo mpuzamakungu bikomeye vyegeranya intanga ngabo, na vyo nyene bisanzwe bigurisha mu bindi bihugu kuko ni ko bironka amahera, kandi aha ni ho ingorane zitangurira, kuko nta tegeko mpuzamakungu rivuga ingene ushobora gukoresha izo ntanga."
Yavuze ko ico kibazo "giteye ubwoba" ku muntu wese cashikiye, ariko ko bidashoboka ko intanga zigira umutekano wose.
"Ntushobora gupima ibintu vyose, twemera gusa 1% canke 2% vy'abagabo bose basaba kuba ku rutonde rw'abatanga intanga ufatiye ku buryo bwo gupima busanzwe Buhari ubu, rero ari nka hamwe twoshiramwo amategeko aremereye, ntitwoba tukironka abatanga intanga - aho niho hari ikibazo".
Ico kibazo, gishizwe hamwe n'ic'umugabo yategetswe guhagarika amaze kuvyara abana 550 biciye mu gutanga intanga, carasubiye kuvyura impari ku bijanye n'uko hoba hakwiye gushingwa ibitigiri ntarengwa.
Ishirahamwe rya Buraya rijejwe ivy'irondoka ry'umuntu riherutse gutanga iciyumviro c'uko umuntu umwe yotanga intanga ziwe ku miryango 50.
Ariko rero, ryavuze ko ivyo bitazogabanya ivyago vyo kuragwa indwara zidasanzwe ziterwa n'impinduka ry'imero ry'uduce ndangakamere.
Ahubwo vyoba vyiza ku bana baza kumenya ko bavukana n'abandi amajana n'amajana.
Sarah Norcross, umuyobozi w'ishirahamwe ry'abagiraneza, Progress Educational Trust, rifasha abashikiwe n'ingorane z'ubugumba, yavuze ati: "Hari vyinshi bikwiye gukorwa kugira ngo imiryango yamuka ku bantu bamwe batanze intanga igabanuke kw'isi yose".
Yabwiye BBC News ati: "Ntidutahura neza ingaruka bizoteza mu kibano no mu marangamutima kugira abavukanyi amajana n'amajana. Bishoroa gutera ihahamuka".
Ikigo European Sperm Bank kigira kiti: "Ni ngombwa, ufatiye cane cane kuri iki kibazo, kwibuka ko hari ibihumbi n'ibihumbi vy'abagore n'ababiranye badashobora kuronka akaryo ko kuvyara umwana batifashishije intanga z'uwundi mugabo."
"Mu bisanzwe ni ikintu ciza kuvyara umwana ku bufasha bw'abatanga intanga iyo abazitanga basuzumwe hakurikijwe amabwirizwa y'ubuvuzi."
Bimeze gute nimba utegura kwifashisha abatnga intanga?
Sarah Norcross yavuze ko ivyabaye ari "bito cane" ufatiye ku gitigiri c'abana bavutse hifashishijwe abatanga ntanga.
Abahinga bose twavuganye bavuze ko gukoresha ibitaro bibifitiye uruhusha bisigura ko intanga zosuzumwa kuruta hafi abazitanga kugira ngo bihweze nimba ata zindi ndwara zirimwo.
Prof Pacey avuga ko yobaza ati: "Uwatanze intanga ni uwo mu Bwongereza canke ni uwo ahandi?"
"Nimba ari uwo ahandi mbona ko ari vyiza kubaza kubaza nimba uwazitanze yoba yari amaze kuzitanga n'ahandi, canke incuro zoba zimaze gukoreshwa".













