Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
DR Congo: Perezida Felix Tshisekedi yemejwe ko yatsinze amatora aheruka
Perezida Félix Tshisekedi ahejeje gutangazwa ko ari we yatsinze amatora aheruka muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo.
Perezida Tshisekedi yatsinze ku rugero rwababa 73% y’amajwi yose, aho uwuza ubwa kabiri Moïse Katumbi, yaronse 18%, nk’uko vyatangajwe n’umurwi ujejwe amatora.
Ano matora yo ku wa 20 Kigarama (12) yaranzwe n’utunenge twatumye abatavuga rumwe na we bayiyamiriza.
Mu turere tumwe tumwe vyabaye ngombwa ko amatora abandanya ku musi ugira kabiri.
Tumwe mu tunenge twibonekeje ni uko hafi bibiri vya bitatu vy‘ibiro vy’amatora mu gihugu cose vyacerewe kwugurura, mu gihe 30% vy’amamashini y’itora atakoze ku musi wa mbere, nk’uko bivugwa n’ishirahamwe rimwe mu yari yagiye gukurikirana ano matora.
Amamiriyoni y’abatora barindiriye amasaha n’amasaha kugira bashobore gutora, bamwe mbere baranabivamwo baritahira.
Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Tshisekedi w’imyaka 60 bavuga ko izi ngorane zabaye n’ibigirankana, bakavuga ko zari mu nteguro zo kumwibira amatora.
Abatari bake mu bakeba biwe bahamagaje imyiyerekano inyuma y’aho ivyayavuyemwo bitangarijwe kuri uno wa Mungu.
Mw’itangazo rusangi, banditse bati: "Dusavye abantu bacu gusidukana n’iyonka inyuma y’aho ubu busuma butangarijwe”.
Igisirikare cakwiragijwe mu turere dutandukanye tw’umugwa mukuru Kinshasa kugira ngo kizibire imigumuko yokwaduka, mu gihe abanywanyi ba Tshisekedi bobo bihaye amabarabara bahimbaza intsinzi yabo.
Umukuru w’umurwi ujejwe gutegura amatora Denis Kadima aremera ko habaye utunenge ariko agashimangira ko ivyavuye mu matora vyerekana ishaka ry’abanyagihugu ba Congo.
Perezida Tshisekedi mbere aza yatanguye no gukezwa kuri ino ntsinzi yiwe. Perezida Evariste Ndayishimiye w’Uburundi ni umwe mu bamaze kumukeza “kubona yasubiye gutorwa ngo arongore RDC inyuma y’aho ibiharuro mfatakibanza bitangarijwe”.
Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa X (rwahoze rwitwa Twitter), iminota mikeya Tshisekedi ahejeje gutangazwa ko yatsinze, Perezida Ndayishimiye asaba ko mu gihe hokwaduka impari zishingiye ku matora, “nipfuza ko zotorerwa umuti biciye mu nzira z’ubutungane”.
Bitegekanijwe ko Perezida Tshisekedi azorahirira ikiringo kigira kabiri ku wa 20 Nzero (1) 2024.
Yari yatorewe ikiringo ca mbere mu 2018, mu matora bamwe mu bayakurikiranye, harimwo na Ekleziya Katolika ifise ikibanza kidasanzwe mu buzima bw’igihugu, bavuze ko yari yatsinzwe na Martin Fayulu. Muri ano matora yaje mu kibanza ca gatatu n’amajwi 5%.
Kadima avuga ko amatora yitabiriwe ku rugero rwa 43% mu miriyoni 41 bari biyandikishije kugira batore.
Ntibizwi neza nimba hari n’umwe muri 18 batavuga rumwe na Tshisekedi bari bitoje azohava yitura ubutungane mu kwanka ibiheje gutangazwa ko vyayavuyemwo. Katumbi yaramaze kumenyesha ko bidakenewe kuko ku bwiwe amasentare atigenga.
Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro ifise imisi cumi kugira ngo yumvirize ibirego vy’aboyitura imbere y’uko ivyayavuyemwo bitangazwa burundu ku wa 10 Nzero 2024.
Ano matora ntiyabaye mu turere tumwe tumwe two mu buseruko bw’igihugu kubera intambara ihabera.