Pakistan yagize ibitero vyo kwihora kuri Iran bihitana abantu icenda

Pakistan ivuga ko ibitero vyayo vyatumbereye "ahinyegeje abitwaje iterabwoba"

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Pakistan ivuga ko ibitero vyayo vyatumbereye "ahinyegeje abitwaje iterabwoba"

Pakistan yagize ibitero vya misile muri Iran, bihitana abantu icenda, inyuma y'aho Iran igiriye igitero muri ico gihugu ku musi wa kabiri ku mugoroba.

Pakistan ivuga ko ibitero vyayo vyatumbereye "ahinyegeje abitwaje iterabwoba" mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Iran, mu ntara ya Baluchestan.

Iran yiyamirije ico gitero, yavuze ko cahitanye abagore batatu, abagabo babiri hamwe n'abana bane.

Uko gusubizanya mu bitero bibaye mu gihe hari imishamirano ikaze mu burasirazuba bwo hagati, hakaba hari intambara zinjiranamwo.

Israel iriko iriko iragwana n'umuhari w'abanye Palestine, Hamas, mu karere ka Gaza, ari na ko irasana n'umuhari wa Hezbollah wo muri Libani, ufashwe mu mugongo na Iran; imigwi na yo ifashwe mu mugongo na Iran yo muri Irak na Syria na yo iriko iragira ibitero ku ngabo za Amerika, mu gihe Amerika na yo iri kumwe n'Ubwongereza yarashe umuhari w'aba Houthis ufashwa na Iran muri Yemen, umaze imisi ugira ibitero ku mato.

Ubushikiranganji bwa Pakistan bujejwe imigenderanire buvuga ko ibitero vy'ico gihugu mu micungararo y'igisagara ca Saravan vyakozwe bishimikije "amakuru y'iperereza yemeza ko hariko harategurwa ibitero vy'iterabwoba ku rugero runini" buca bwongerako ko "bubaha ata guhigimanga ubwigenge " bw'igihugu ca Iran.

Mw'itangazo ryaco, igisirikare ca Pakistan cavuze ko "ibitero bidahusha" vyabaye hakoreshejwe drone, rekete na misile zirasa kure, bakaba babitumbereje ku mihari ya Balochistan Liberation Army na Balochistan Liberation Front..

Iyo migwi yose ikaba iri mu rugamba rumaze imyaka irenga mirongo ibiri rwo gushaka ko intara ya Balochistan, akarere kari akakonyene mu bumanuko bushira uburengero bwa Pakistan, yigenga.

Pakistan yariyamirije yivuye inyuma ibitero vya Iran vyo ku musi wa kabiri, vyagizwe ku karere k'intara ya Balochistan kari ku ruhande rwa Pakistan ku rubibe rwa Iran, Pakistan ivuga ko vyahitanye abana babiri.

Iran yavuze ishimitse ko ibitero vyayo vyari bitumbereye Jaish al-Adl canke "igisirikare kirondera ubutungane", umuhari w'ubwoko bw'aba Baloch b'aba Sunni (uzwi kw'izina rya Jundllah) wagize ibitero ku butaka bwa Iran, ko rero bitari bitumbereye abanyagihugu ba Pakistan.

Kuri uyu wa kane, ibinyamakuru vya reta ya Iran vyavuze ko Iran yatumyeko uwuserukira Pakistan vy'imfatakibanza kumubaza ivyerekeye ivyo bitero. Pakistan yari yahamagaje uwuyiserukira inabuza intumwa ya Iran gusubira mu gihugu ciwe.

Ubushinwa, Turkia na reta y'aba Talibani muri Afghanistani bose bateye akamo ngo ivyo bihugu vyigumye ahubwo biganire.