'Nari umuhagarikizi wa Premier League, ariko raba, ubu ndiko niga gutambuka'

- Umwanditsi, Lucy Ashton
- Igikorwa, BBC News, Yorkshire
- Yakoze inkuru ari, Sheffield
Uriah Rennie ni umuntu yamenyekanye cane mu mamiriyoni n'amamiriyoni y'abafana b'umupira w'amaguru inyuma yo kuba umuhagarikizi wa mbere w'umwirabure mw'ihiganwa ry'Ubwongereza mu mupira w'amaguru, Premier League.
Inyuma yo kwitwa umuhagarikizi w'umupira w'amaguru "ameze neza gusumba abandi bose" kandi akaba yari n'umuhinga mu vyo kurwana hakoreshejwe amaboko (art martial/martial art), ubu ariko yiga gusubira gutambuka inyuma yo gufatwa n'indwara itamenyerewe yatumye afatwa n'ubumuga kuva mu rukenyerero kumanuka.
Inyuma y'amezi atanu yamaze mu bitaro, uno mugabo w'imyaka 65 yavuganye na BBC ku kungene ariko agerageza gusubirana, ishaka ryiwe ryo kurwana hamwe n'akazi kiwe gashasha.
Rennie, yahagarikiye inkino zirenga 300 zo mu cicaro ca mbere hagati ya 1997 na 2008, yari mu rugendo rw'isabukuru y'amavuko muri Turukiya umwaka uheze, aho yafatwa n'ububabare bwo mu mugongo bwaje bukwi na bukwi.
Avuga ati: "Nibaza ko nari nsanzwe nduhutse ku kazuba, nizeye ko nari gukina parapente [urukino rwo kugendera mu kirere n'umutaka], ariko kubera ububabare bwo mu mugongo sinashoboye kugenda.
"Mpejeje akaruhuko kanje, sinashobora gutora n'ak'imbwa kubera ububabare, igihe nashika i muhira naho, sinashobora no gutambuka".

Ahavuye isanamu, Richard Sellers/Sportsphoto/Allstar/Getty
Rennie yatanguye kumenyekana mu 1997 aho yahagarikira urukino hagati ya Derby County na Wimbledon, aba umuhagarikizi wa mbere w'umwirabure mu cicaro ca mbere.
Nk'umugabo muremure akaba n'umuhinga mu guterana ingumu no mu mukino uzwi nka aikido, abakinyi bashwana mu kibuga ntibatevye kubona ko yari umuntu yihagararako mu gihe c'impari.
Nk'umucamanza i Sheffield kuva mu 1996, yaraharaniye ibibazo bitari bike, nko guharanira ko abantu bose bongana kandi bagahabwa ikibanza mu nkino, gushigikira urugamba rwo kurwanya indwara zo mu mutwe no guhangana n'ubukene.
Rennie yari agiye gutangura amabanga mashasha yo kurongora kaminuza ya Sheffield Hallam igihe yinjizwa ibitaro bikuru Northern General Hospital muri Gitugutu (10).
Avuga ati: "Namaze ukwezi ndyamiye umugongo, ayandi nayo ndayamara nicaye ku gitanda.
"Bangumije mu bitaro gushika muri Ruhuhuma (2), aho basanze ari akavyimba kamereye ku ruti rw'umugongo, indwara y'imitsi itamenyerewe, ikintu rero badashobora kubaga.
"Nategerejwe kwiga gusubira gutambuka, ndiko ndasubira kumenyereza amaguru yanje".
"Ni ibintu bitangaje: navuye mu vyo kwiruka mu gisagara gushika, mu vy'ukuri, aho mba umuntu wo gusunikwa igihe kirekire nk'ico".
"Nta ngorane y'umugongo nari narigeze ngira ariko bukwi na bukwi, nisanga ntashobora no gutambuka, ndi mu bitaro vy'indwara z'umugongo.
Avuga ku bijanye n'ingene ubu yiyumva, agira ati: "Ubu ndashobora kunyiganza ibirenge kandi ndashobora guhagarara nishikimije igifadikizo gifatanye n'intebe y'abamugaye ariko ndakeneye gukoresha cane imitsi y'ubwicariro.
Ariko atwenga, yerekana aho acisha intebe yiwe y'abamugaye ku mbaho zikikije inzu yiwe, aho ibikorwa ngororamubiri bimutwara igice kinini c'umusi wiwe.
Atwenga agira ati: "Ndazunguruka mu ntebe yanje nkora imyimenyerezo yanje, ndi umurwayi mwiza cane, yubaha".
"Ni ibintu bibabaje cane ariko umuryango n'abagenzi baramfasha bidasanzwe, ibitaro vyakoze igikorwa gikomeye cane kandi na kaminuza irakora ibikora inka".
Bitegekanijwe ko azotangura ku mugaragaro akazi kiwe nk'umukuru wa kaminuza muri Rusama (5), akazi yiyemeje kurangura nubwo aherutse gushikirwa n'ibi bibazo.
Avuga ati: "Naravuze nshimitse ko nshaka gukora ibintu bidasanzwe i Sheffield no mu kibano hano".
"Narabandanije nkorana n'imirwi y'inkino mu kibano igihe nari mu bitaro, ndayiyobora ndi mu gitanda canje".

Ahavuye isanamu, Stu Forster/Allsport/Getty
Yarize ivyigwa vyamuhaye urupapuro rw'umutsindo rwa MBA kuri iyi kaminuza mu gihe yari umuhagarikizi, aca aronka urupapuro rw'icubahiro rwa PhD/doctorat mu 2023 kubera ibikorwa yakoze mu nkino no mu kibano mu karere.
Avuga ati: "Mfise intego yo gukora uko nshoboye kwose kugira ngo nsubirane.
"Nta n'umwe yambwiye ko ntazosubira gutambuka, ariko naho hoba hari umuntu yoba yarabivuze, nshaka kwerekana ko nakoze ivyo nshobora vyose kugira ngo ngerageze.
Inyuma yo kuva muri Jamaica akaja mu Bwongereza akiri umwana muto, Rennie yakuriye mu karere ka Wybourn muri ico gisagara, akavuga ko kuba umuhagarikizi wa mbere w'umwirabure kwari gufise intego yo "gushinga iragi ryo gutuma abandi bantu bashobora kunyigana".
Avuga ku ngorane aherutse guhura na zo, avuga ko iyo ngorane y'uruti rw'umugongo yatumye abona ubuzima mu buryo bushasha.
Avuga ati: "Abantu benshi bari mu ntebe z'ibimuga, ariko ntibitahura.
"Vyatumye nshobora kwihangana, ngira n'inkomezi, kandi sinzokwigera ncika intege - sindi jenyene, ababanyi bose baramfasha".
Asozera ati: "Ubu ndatahura ingene ibintu bishobora kumera nabi mu buzima.
"Sinzi nimba nzoshobora gusubira gutambuka neza, ariko ndazi ico nkeneye gukora kugira ngo ngerageze kandi kirazira gutakaza icizere".













