Botswana: Inyuma y'imyaka 58, umugambwe uri ku butegetsi watsinzwe, menya uno muntu aweguye

Ahavuye isanamu, AFP
- Umwanditsi, Wycliffe Muia & Damian Zane
- Igikorwa, BBC News
Abanyagihugu ba Botswana baraye biganzuye umugambwe wari umaze imyaka n'imyaka wiganziye ubutegetsi, ivyabaye nka nyamugigima muri ico gihugu co muri Afrika y'Ubumanuko gikungahaye ku butare bwa diyama.
Umugambwe Botswana Democratic Party (BDP) - wari ku butegetsi kuva iki gihugu kironse intahe y'ukwikukira mu 1966 - wari umaze kuronka intebe zine gusa mu nama nshingamateka gushika ku mugoroba w'ejo ku wa gatanu. Utsinzwe n'umugambwe uzwi nka Umbrella for Democratic Change (UDC), mu matora yabaye ku wa 30 Gitugutu (10).
Mu kiyago yagiranye kuri terefone n'umukuru w'uno mugambwe UDC, Duma Boko, Perezida Mokgweetsi Masisi yemeye ko yatsinzwe aca aranakeza mukeba wiwe.
Nubwo wazanye impinduka zikomeye muri Botswana, umugambwe BDP waratakaje icizere kubera utavyifashemwo neza mu bijanye n'ubutunzi, hamwe kandi n'ubushomeri burenze urugero.
Umugambwe "waravyifashemwo nabi cane", niko Masisi yabwiye abanyamakuru.
Ati: "Mu cubahiro cinshi ndemeye gukura akarenge kandi nzofasha neza mu bikorwa vyo guhanahana ubutegetsi imbere y'uko umukuru w'igihugu arahira. Ndishimiye demokarasi yacu kandi ndubahiriza ishaka ry'abanyagihugu".
Asaba abanywanyi biwe gutekana kandi bongere bashigikire intwaro nshasha.
Muri ico kiyago co kuri terefone yagiriraniye na Boko, uno mukuru w'igihugu asezerewe yamubwiye ati: " Nditeguye kuzokwama ndagufasha igihe cose uzoba ubishatse".
Mw'ijambo ryiwe rya mbere yashikirije abanyamakuru inyuma y'aho ivyavuye mu matora bimenyekaniye, Boko w'imyaka 54 yahoze ari umunyamategeko mu bijanye n'agateka ka zina muntu, yagize ati: "Ivyabaye uno musi bishikanye demokarasi yacu ku rwego rwo hejuru. Ni ihinduka ry'ubutegetsi ryiza, rikozwe mu nzira ya demokarasi, mu mahoro kandi riteguye neza".
Yongerako ati: "Natangaye mbonye ibitigiri, ni ukuri ndaciye bugufi kandi ikintu conyene nokwemerera abanyagihugu [ba Botswana] ni uko nzobitangira uko nshoboye".
Bwari bugize gatatu yitoza kuba umukuru w’igihugu.
Ejo ku wa gatanu, abanywanyi ba UDC n'uwundi mugambwe utavuga rumwe n'uwari ku butegetsi bari mu munezero bigina intsinzi ku mugwa mukuru, Gaborone, n'ahandi hose mu gihugu.
"Si nashobora kwibaza ko nobonye iri hinduka mu buzima bwanje", niko umwigeme Mpho Mogorosi, umunyeshure w'imyaka 23 yari mw'ibarabara yigina ino ntsinzi, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters.
Ati "BDP yari imaze igihe kirekire cane ku butegetsi, ni iteka kuri jewe kubona mbaye umwe mu bantu bayitembagaje kugira twubake Botswana nziza".
Umugambwe UDC watsindiye intebe 35 mu nama nshingamateka nk'uko ibiharuro vyari bimaze kuvyerekana, ibi bigasigura ko watsindiye intebe nyinshi.
Wiyemeje gushinga imigambi mishasha izotanga ubuzi buzozanira akarusho abakozi wongere usaranganye amatungo y'igihugu kugira azanire akarusho abanyagihugu bose.
Kgoberego Nkawana yatowe nk'umushingamateka ku ncuro ya mbere, yabwiye ikiganiro Newsday ca BBC ko urwaruka rwinshi muri Botswana bari abashomeri mu gihe igihugu gikungahaye ku butare bwinshi bwa diyama, n'igisata c'ingenzi c'iki gihugu giteye imbere cane.

Ahavuye isanamu, AFP
"Ubushomeri buri ku rugero runini cane kandi abanyagihugu babeshejweho n'imfashanyo bahabwa na reta kubera ata buzi buhari. Rero vy'ukuri ibintu ni bibi cane".
Umuhinga mu vya poritike Lesole Machacha avuga ko ari ibintu bishimishije cane kubona ingene ihinduka ry'intwaro rigenze.
Yabwiye BBC ati: "Ni gake cane [kuri uno mugabane] haba uguhanahana ubutegetsi mu mahoro. Iki ni ikintu kibaye mu mahoro".
Nk'umukuru w'igihugu kuva mu 2018, Masisi ni we yarongoye imyiyamamazo y'umugambwe BDP watsinzwe.
Mu myiyamamazo yiwe, ubutumwa yatanga bwavuga ko umugambwe wiwe woshoboye kuzana "impinduka", ariko si benshi mu banyagihugu batora bemera ko koko BDP woshoboye gukora ivyo igihugu gikeneye.
Ni nde uno munyaporitike akoze ibintu ata muntu numwe yiyumvira?
Duma Boko, umugabo yavutse mu 1969, mu gisagara gito ca Mahalapye kiri mu ntara yo hagati mu gihugu, ni umuntu yamye arangwa n'umutima w’icubahiro, nk’uko incuti zibivuga.
Nubwo yerekanye ukwicisha bugufi inyuma y'intsinzi yiwe, kuba yatsinze ano matora y'umukuru w’igihugu ku ncuro ya gatatu, birerekana ko ari co cipfuzo kimwe gusa yari afise.
Mu myaka irenga 50, abanyaporitike batavuga rumwe n'ubutegetsi bagumye barondera gukura ku butegetsi uno mugambwe ukomeye, BDP, ariko biranka, bikaba bigiye gukorwa na Boko.
Iyi ntsinzi y’umugambwe wiwe Umbrella for Democratic Change (UDC) yaje nk’igitangaza, eka no kuri Boko we nyene ubwiwe, aho avuga ko ibiharuro biteye ubwoba.
Boko yarizigiwe n'igihugu cariko gica mu bihe bigoye mu bijanye n'ubutunzi, maze yiyemeza kuzana impinduka no kurwanya ubushomeri.
Umunyamakuru Innocent Selatlhwa yabwiye ikiganiro Focus on Africa ca BBC ati: “Abanyagihugu baramukunze cane, ibi rero ni ivyavuye muri uru rukundo bamufitiye".
Uno munyamakuru yongerako y'uko mu myiyamamazo yiwe, Boko yahamagara abanywanyi biwe kugira bamwegere maze akumviriza ingorane zabo mu buryo bwatuma abakiri bato bamwiyumvamwo. Boko yerekana umutima rugabo, ariko kandi akerekana ubugenzi.
Yari yaranse kwitoza nk'umushingamateka, ahubwo ashira inguvu ziwe zose mu kibanza c'umukuru w'igihugu - ikintu gisaba ukurinda, nk'uko Selatlhwa abivuga.










