'Umugenzi wanje yagiye ku kazi -aca ahenukirwako n'iyarara arapfa'

Okuku Prince
    • Umwanditsi, Hasham Cheema
    • Igikorwa, BBC News, Kampala

Yigumya ngo amosozi ntakoroke, Okuku Prince, umusore w'imyaka 22 atora iyarara, aribuka umunsi ikiziga c'umwe mu bagenzi biwe ba mbere catorwa mu kirundo c'iyarara ku murwa mukuru wa Uganda, Kampala.

Umunsi uwo musozi w'iyarara wa Kiteezi wahindimuka mu kwezi kwa Myandagoro(8) mu mwaka uheze, hapfuye abantu 30, harimwo umugenzi wiwe Sanya Kezia.

''Nibaza ko n'ubu hari abakiri munsi y'iryo yarara,'' niko yabwiye BBC.

Benshi mu bo iryo yarara ryaguyeko baronka icorirenza n'icorikesha mu gutoratora, bakoza canke bakamesa hanyuma bakagurisha ikintu ico ari co cose caba catawe ariko kigishobora kugira akamaro - kuva ku nsenga zo kuroba gushika ku macupa ya plastike, n'utwuma tw'ibikoresho nk'ama terefone n'amatereviziyo.

Ugutanako umwikomo kwaciye gutangura ubwo nyene iryo sanganya rikiba, ubutegetsi bw'igisagara ca Kampala na reta bagirizanya gufata ibintu minenerwe, mu gihe ibiziga vya bamwe mu bapfuye vyari bikiri munsi y'uwo musozi w'iyarara, batanahambanywe iteka.

Aho tingatinga za reta ziruhiye zikaza zikazura ikiziga ca Kezia, uwo musore w'imyaka 21 yari afise inguma mu maso.

Vyari biteye ubwoba ku mugenzi wiwe kumuraba mu munuko w'iyarara ryaboze.

''Nta mutekano dufise ngaha. Kiretse bahakoze, bakahasena. Ahandi ho abantu ntibatekanye,'' bivugwa na Prince, yaje gutora iyarara yahora yiga mu gisata c'amategeko kuri kaminuza ya ki-Islam muri Uganda.

Tingatinga zibiri mw'iyarara rya Kiteezi n'amazu aboneka inyuma yazo hamwe n'abariko bararaba- Kampala, Uganda, Myandagaro 2024.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Uwo musozi w'iyarara wahindimutse haheze iminsi hagwa imvura y'isegenya.
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Kuva ananiwe no kuronka amafaranga y'ishure inyuma y'aho umuryango wiwe ugiriye ibibazo vy'ubutunzi, ubu akazi kiwe ka minsi yose ntaho gahuriye n'amazu yo gusomeramwo ibitabo canke intebe y'sihure.

Ubushomeri [ukubura akazi] biri ku rugero runini muri Uganda, kandi hari benshi nka Prince bakora ibishobora kubangamira amagara yabo bakanaheba ivyo bifuza gushikako mu buzima kugira barondere ingene babaho.

''Ndaza kuri iri yarara mu gitondo, nkegeranya imifuko y'ubumwanya, nkagenda nkayimesa hanyuma nkayigurisha,'' niko Prince avuga. ''Ndakuramwo nk'ama shilingi 10.000 [hafi 8.000 mu mafaranga y'Uburundi canke 3.800 mu y'Urwanda].''

Uguhindumuka kw'uwo musozi kwamwongereje ibibazo vy'amafaranga, kuko kare yaba hafi y'iryo yarara - ariko biba ngombwa ko yimuka kubera amakenga ku mutekano.

Hari n'abandi amazu yabo yabomowe igihe hariko haraba ibikorwa vyo gutabara.

Amafaranga y'indishi y'akababaro yarahawe imiryango y'ababuze, ariko abantu bashika 200 amazu yabo yabomotse bo ntaco baronse, nk'uko abategetsi b'aho bavyemereye BBC.

Bamwe bavuga ko uguhindimuka kw'iyarara rya Kiteezi cari ikintu co kwitega kuko ivyo umuntu wese akomeye ashobora kubona vyarirengagijwe.

''Ntushobora gufata abantu miriyoni zine, wegeranye iyarara ryabo, rivangatiranye -ibibora n'ibitabora - ryose urizane kurita mu kibanza kimwe. Oya uko siko twategerezwa kubikora. Ariko tumaze imyaka irenga 20 tubikora uko.'' niko Frank Muramuzi, umuhinga mu gutunganya ibisagara yabwiye BBC.

Ico kibanza ca Kiteezi co gutamwo iyarara cubatswe mu 1996, ku mafaranga y'Ibanki y'Isi, kugira kibe ikibanza kimwe, kinini co gutamwo iyarara riva mu gisagara ca Kampala.

Uko Kampala yagiye iraguka, niko n'ico kibanza c'iyarara cagutse.

Aho kiri ku mpera z'uburaruko bw'igisagara, ubu kiri kuri hegitari 15 - ahantu hangana n'ibibuga 22 vy'umupira w'amaguru, umunuko kirekura ukaba ushika kure kuruta aho.

Inyoni n'ibisiga birondera ico birya vyirigwa biratambatamba hejuru yaco.

Kiteezi
Insiguro y'isanamu, Ikibanza c'iyarara ca Kiteezi kimaze hafi imyaka 30

Ababa n'abacururiza mu gisagara bigereranywa ko ku munsi bata iyarara ringana amatoni 2.500, igice caryo kikaba gitabwa mu bibanza vy'iyarara hirya no hino mu gisagara - kinini muri vyo kikaba ari Kiteezi.

Ariko ingorane ya Kiteezi ni uko itagira ikibanza co kurobanura iryo yarara, ibishobora gusubira kunagurwa ngo bikore binagurwe, ibindi biturirwe, nk'uko bikorwa ku bindi bibanza bitabwamwo iyarara.

''Uko bazana ibindi gusuka hejuru, ivyo munsi bica bitakaza inguvu, na cane cane ko ukuvunguka n'ugusanguka kw'ibibora guca kuduza ubushuhe,'' nk'uko bisigurwa na Muramuzi.

Muramuzi avuga ko ivyo vyose bishobora gutunganywa neza hamwe reta yokwiyemeza kubikurikirana no kubisuzuma buri igihe hisunzwe ibikeneye mu bidukikije, imibano n'ubutunzi.

Iyo ivyo bikaba bihari, ''ivyashitse i Kiteezi ntivyari kuba vyabaye'', niko avuga.

Inyishu rero iroroshe, ariko none ni kuki ivyo bitaraba?

Inyishu isa n'uko ifatanije ukunyinyanira ububasha n'ingene amafaranga akoreshwa.

Inshingano za mbere z'ukugira Kampala kigume ari igisagara ''c'isuku, kibereye kubamwo kandi cubahiriza ibidukikije'' ni iza Kampala Capital City Authority (KCCA), ariko umukuru w'igisagara Erias Lukwago wo mu mugambwe utavuga rumwe n'ubutegetsi Forum for Democratic Change, avuga ko urwego rwiwe rutagira ububasha bukenewe kugira rushire mu ngiro impinduka zikenewe.

KCCA ivuga ko imaze gutanga incuro nyinshi integuro zo guhagarika gukoresha Kiteezi ariko ko amafaranga akenewe yo ku bikora - miriyoni 9.7 z'ama dorari - arengeye ayo ico gisagara gisanzwe gikoresha hanyuma reta ikaba itarayatanga.

''Gushika ubu dushigikirwa n'abadufasha mw'iterambere nka Bill and Melinda Gate Foundation, GIZ na WaterAid... ariko uburyo buduha bufise aho bugarukira,'' niko umukuru wa Kampala yavuze ubu vuba.

''Iyaba twaronswa uburyo na reta, ubu tuba tugeze kure.''

Reta ntaco iravuga niba izotanga uburyo bwo gutunganya ico kibanza ca mbere kinini c'iyarara muri Kampala.

Yaratanze amafaranga angana na $1.350 (hafi miriyoni 4 mu mfaranga y'Uburundi), ivuga ko ayandi mafaranga ayari yo yose azotangwa hanyuma bibonetse ko inzego za reta ''zikora neza''.

Haheze ukwezi isanganya ribaye, icegeranyo catanzwe n'igiporisi c'igihugu hamwe n'igisara co gutohoza ivyaha catumye perezida Yoweri Museveni - bizwi ko ari umukeba muri poritike w'umukuru wa Kampala - yirukana abakozi bakuru batatu ba KCCA.

Umugabo ariko arafasha abandi kwiremeka imatera avuye Kiteezi inyuma y'aho ihindimukiye muri Myandagaro mu 2024 - Kampala, Uganda

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abantu hafi 200 baratakaje amazu yabo igihe uwo musozi w'iyarara wahindimuka muri Myandagaro

James Bond Kunobere, umwe mu bakozi bajejwe gutunganya iyarara, avuga ko isanganya rya Kiteezi ryavugije inzamba yari ikenewe.

Ubu abategetsi mu gisagara ca Kampala bariko barategura imigambi y'uko iyarara riva mu bintu bibora ryohingurwamwo ifumbire rikagabanya ''umwavu udakenewe'' uza gusukwa mu gisagara.

Ariko bashaka ko n'abanyagihugu bagira uruhara, Gushika ubu abantu bariha amakompanyi indwi yikorera ku giti cayo akorera muri Kampala kugira abegeranirize iyarara, nayo akaba ata bumenyi afise mu bijanye no kunagura (recycling).

''Ntiturahindura uko abantu bateye kugira barobanure iyarara,'' niko Kunobere yabwiye BBC.

''Urobanuye, iyarara rica rigira amayira atandukanye rijamwo. Uriretse rivanganye, ryose rija mu kibanza kimwe.''

Abahinga bavuga ko bene iyo migambi ari myiza ariko ko idatorera inyishu ikibazo kinini kuruta aho c'ibidatunganye i Kiteezi.

Naho ku bantu ubuzima bwabo bwahungabanijwe n'ivyashitse, ni bito kandi bije bitevye.

''Bari batwemereye indishi, ariko nta na kimwe ndaronka gushika ubu - hafi abantu bose baridoga,'' niko Prince yabwite BBC.

''Twabuze umugenzi. Ikiguma kigaragara mu biba vyose ni intuntu.''

Natasha Booty yaratereye muri iyi nkuru.