Kiteezi: rya yarara ryica abantu, rigafurira amazu

Insiguro ya video, Kiteezi: rya yarara ryica abantu, rigafurira amazu
Kiteezi: rya yarara ryica abantu, rigafurira amazu

Amatoni 2 000 arahasukwa k'umunsi, ata buryo bwo gutandukanya ibigize uwo mwanda.

Ni iyarara risukwamwo umwanda uva mu gisagara Kampala cose.

"Tumaze imyaka 20 biri uko, kandi siko vyabwirizwa gukorwa", uko bivugwa n'umuhinga mu gutunganya ibisagara.

Ni ikibanza cagumye kiraguka, kuva mu 1996.

Kampala: ahasukwa umwanda nk'uyu ubu hangana n'ibibuga 37 vy'umupira w'amahuru.
Insiguro y'isanamu, Kampala: ahasukwa umwanda nk'uyu ubu hangana n'ibibuga 37 vy'umupira w'amahuru.