'Uburundi bugeze mu mayira abiri' canke 'ni ugushikuza' ku gateka ka zina muntu? – Uko ONU na CNIDH babibona

Martin Blaise Nyaboho (i bubamfu) na Fortuné Gaétan Zongo (i buryo)
Insiguro y'isanamu, Fortuné Gaétan Zongo (i buryo) umuhinga wa ONU, avuga ko Uburundi bugeze mu mayira abiri mu gateka ka zina muntu, ariko Martin Blaise Nyaboho (i bubamfu) arongoye CNIDH akavuga ko ari ugushikuza
    • Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
    • Igikorwa, Umumenyeshamakuru i Bruxelles
    • Umwanditsi, Cyriaque Muhawenayo
    • Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Nairobi

Fortuné Gaétan Zongo, umuhinga w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku bijanye n'agateka ka zina muntu mu Burundi, avuga ko ibibazo vy'agateka ka zina muntu mu gihugu biguma vyunyuka.

Uwo muhinga, atemerwa na Leta y'Uburundi, avuga ko amakuru yegeranya ku munsi ku munsi yerekana ko abantu baguma baburwa irengero, abandi bakicwa , abandi bagafungirwa ubusa, hakiyongerako n'urubuga rwa poritike rwugaye aho abatavuga rumwe n'ubutegetsi baburabuzwa.

Mu kiganiro cihariye yahaye BBC Gahuzamiryango, aho yari mu rugendo rw'akazi mu Bubiligi, uwo munya Burkina Faso, ari na we ntumwa ya ONU ku vy'agateka ka zina muntu kuva mu 2022, yavuze ko kuva mu 2015 gushika ubu, abantu bamaze kuburirwa irengero barenga 1000.

Umugwi w'igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi, CNIDH ntuhakana ko muri ico gihugu hari abantu banyuruzwa, ariko uvuga ko ico gitigiri atari co.

Musenyeri Martin Blaise Nyaboho arongoye uwo mugwi avuga ati: "Abantu bose barazi ivyariko biraba mu 2015. Ntawohakana ko hariho abantu banyurujwe, abandi baricwa abandi barahunga. Kandi impamvu murayizi ko vyari vyavuye ku bantu bari bashatse gutembagaza ubutegetsi.

"Kuvuga rero ko mu myaka cumi hanyurujwe abantu barenga 1000 atavuze ingene bagiye baranyuruzwa buri mwaka, harimwo guhubisha abantu.

"Iyo yatubarira nk'abo mu mwaka uheze, nk'akarorero ni ho yari kuba adufashije.

"Harabaye inyuruzwa ry'abantu ariko ryagiye riragabanuka."

Abandanya avuga ko yaba Gaétan Zongo canke isekeza Ndondeza rikunze kuvuga abanyurujwe, bakwiye kuza baravuga n'ababonetse inyuma yo kuvugwa ko banyurujwe.

Agira ati: "Turashima abo bose babona umuntu anyurujwe bagaca basemerera. Ivyo agateka ka zina muntu ni ivya twese. Naka gahungabanye, ejo nawe kazohungabana. Nikahungabana ukamuvugira ejo nawę rwawe gahungabanye, abandi bazokuvugira.

"Ivyo rero turabishima kuko, iyo hari uwunyurujwe abantu bagasemerera, duca dukurikirana n'ingoga tukamutora hafi. Ariko ivyo ntibaheza ngo babivuge".

Zongo ati: 'Nta matora yabaye', Nyaboho na we ati: 'Yabaye mu muco'

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Zongo yaranavuze ku matora aheruka, aho yemeza ko yaranzwe n'ihonyangwa rirenze urugero ry'agateka ka zina muntu kuva agitegurwa gushika arangire, aho ngo Abarundi bambuwe uburenganzira bwo kwihitiramwo uwo bashaka, kandi abatavuga rumwe n'umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD baraburabuzwa.

Agira ati : "Nta matora yabaye, kwabaye gukurikiriza ibwirizwa. Kuva mu 2023 twakurikiranye ukuntu ayo matora yateguwe, yaranzwe n'ikumira. Abatavuga rumwe na CNDD-FDD, cane cane abo mu mugambwe CNL wa Rwasa, barapfunzwe, barakwa umugambwe aho hari n'abanyurujwe.

"Igihe c'amatora cari amarira. Umurundi yategekwa gutora umugambwe atashaka, uwanka agapfungwa. Ivyo ntawovyita amatora, ahubwo vyari inkinamico. Ikimenyamenya ni uko Inama Nshingamateka n'Inama Nkenguzamateka bigizwe n'umugambwe umwe gusa".

Ibi na vyo nyene ntibabihurizako n'umugwi w'igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi, CNIDH.

Musenyeri Martin Blaise Nyaboho avuga ko amatora yabaye mu muco kandi ko abagize umugwi arongoye bagiye hirya no hino mu gihugu, baribonera neza ko ata munyagihugu ariko arahohoterwa.

Agira ati: "Amatora yagenze neza kuko yitabwe n'imigambwe irenga mirongo itatu. None habaye umuntu umwe atayagiyemwo, bica vyitwa ko yagenze nabi?

"Amatora yagenze neza kandi n'abayitavye barashimye ivyayavuyemwo. Gusa hariho utunenge duto duto twagiye turaboneka ariko tutotuma abantu bavuga ko yagenze nabi".

N'aho avuga gutyo ariko, hari imigambwe n'inani vyamenyesheje [bibicishe mu matangazo atandukanye] ko amatora yateguwe nabi kuva ku ntango, kandi ko ibiharuro vyashikirijwe n'umurwi ujejwe gutegura amatora CENI, ata co bisa bisana n'ico abanyagihugu batoye.

Na Ekleziya Katolika yarerekanye utunenge twinshi twaranze amatora y'abashingamateka, ikibaza "nimba bidatosekaza ibiharuro bitangazwa."

Zongo avuga kandi ko uburenganzira bw'abamenyeshamakuru n'abaharanira agateka ka zina muntu butubahirizwa.

Ati: "Abamenyeshamakuru bigenga mu Burundi bari mu ngorane, kubera gukingira igufa bemera kuvuga ibihimbaza ubutegetsi. Ikindi, ikigo kigenzura ibinyamakuru (CNC) cabaye igikoresho c'ubutegetsi co guhonyanga uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro. Abaharanira agateka ka zina muntu barazibijwe, abandi barahunze".

'Mfise amakuru yose gushika ku mutumba' - Zongo

CNIDH yagiriza Zongo ko atanga amakuru y'ibinyoma kuko ngo yaba we canke abamuha amakuru, ngo nta n'umwe aba yishikiye mu Burundi.

Musenyeri Nyaboho abaza ati: "Hagati y'uwutanga amakuru yiboneye ku rubuga hamwe n'uwurinda kubibwirwa n'abandi na bo nyene batahashitse, ni nde atanga amakuru y'ukuri?

"Kuba rero reta yaramubujije guhonyoza ukuguru mu Burundi ni vyo bituma atanga amakuru y'ibinyoma?"

Zongo wewe avuga ko afise ubuhinga nyabwo bwo kuronka amakuru nyayo kandi atagira akanenge.

Agira ati: "Igihugu gishaka kwiyugarana, ariko hari ubundi buryo bwizewe dukoresha, ntashimye kubibabwira aha kubera ibanga ry'akazi.

"Ikindi, mfise amakuru yose gushika ku mutumba, n'ivyegeranyo mpuzamakungu, kandi imbere y'uko nsohora icegeranyo, ndagikenguza neza kandi ngakirungikira reta y'Uburundi. Bahora babona ko ntabesha".

N'aho mu Burundi hari umurwi ujejwe gukurikirana ivy'agateka ka zina muntu (CNIDH), Zongo avuga ko uwo murwi utigenga kandi uvuga ivyo ubutegetsi bushaka gusa.

Ivyo uwo mugwi uvyamirira kure, ahubwo ukavuga ko uwo muhinga wa Onu mu vyo agateka ka zina muntu mu Burundi, Gaétan Zongo, adashaka gukorana n'uwo murwi.

Fortuné Gaétan Zongo yatorewe kuba umuhinga adasanzwe ku vy'agateka ka zina muntu mu kwezi kwa Ndamukiza (4) 2022. Ariko reta y'Uburundi imaze igihe yemeza ko iyo ntumwa ya ONU ihengamiye ku ruhande rumwe, ikavuga ko ivyegeranyo vyose isohora itavyemera. Kuva agenwa, reta y'Uburundi ntiyigeze imwemerera gushika mu gihugu.