Igiciro c'inzahabu carenze 4.000$ kuri ounce kubera igipfungu kiri imbere kiriko gituma ironderwa cane

Ahavuye isanamu, Bloomberg via Getty Images
- Umwanditsi, Osmond Chia
- Igikorwa, Akora amakuru y'ubudandaji
- Umwanditsi, Faisal Islam
- Igikorwa, Akora amakuru y'ubutunzi
Igiciro c'inzahabu kw'isi caduze ku rugero rutari bwabeho. "Once" imwe (igipimo c'amagarama arenga gato 28) irenza $4,000 mu gihe abanyamitahe bariko barondera uburere boshoramwo amafaranga yabo kubera impungenge zijanye n'ukumera nabi kw'ubutunzi hamwe n'ibijanye na politike kw'isi.
Iri duga ry'inzahabu ribaye rinini rikomeye cane kuva mu myaka ya 1970, aho rigeze hafi kuri kimwe ca gatatu kuva muri Ndamukiza igihe Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump yatangaza amatagisi yatumye urudandazwa rw'isi ruhungabana.
Abasesanguzi bavuga ko ikindi giteye impungenge abanyamitahe ari iteba ryo gusohora ibiharuro nyamukuru bijanye n'ubutunzi mu gihe ibisata bitandukanye vya reta ya Amerika vyinjiye mu ndwi igira kabiri vyugaye kubera uburyo bikoresha bitarumvikanwako.
Inzahabu ibonwa nk'ihungishirizo ry'imitahe, ryitezwe kugumana canke rikaduza agaciro mu bihe vy'uruhagarara mu masoko canke vy'ugusubira inyuma kw'ubutunzi.
Igiciro c'inzahabu iguriwe aho nyene – agaciro ko kw'isoko k'aya mabuye y'agaciro – caraduze gishika hejuru ya $4,036 kuri "once" imwe ku muhingamo w'ejo ku wa gatatu muri Aziya.
Amasezerano – asanzwe akoreshwa nk'igipimo c'ingene isoko ryifashe – yarashitse ku rugero rumwe ku wa 7 Gitugutu. Ayo masezerano ni ayo kugura canke kugurisha inzahabu aho uwuguze arungikirwa ivyo yaguze ku rindi sango
Iyugara rya reta ya Amerika (shutdown), ryatewe n'ukutumvikana kwisubiriza ku bijanye n'ikoreshwa ry'amafaranga ya Reta, ni "umuyaga uhuhura uva inyuma ku biciro vy'inzahabu," nk'uko bishikirizwa na Christopher Wong, umuhinga w'ivyerekeye igipimo c'inyungu mw'banki OCBC yo muri Singapour.
Mu gihe c'iyugarwa ry'ibisata vya reta ya Amerika muri kahise, abanyamitahe barashikamye cane ku bintu bibaronsa umutekano w'imitahe yabo nk'inzahabu.
Zaduze hafi 4% mu gihe c'iyugara ry'ukwezi kumwe ry'ibisata vya reta mu kiringo ca mbere ca Trump muri Maison Blanche/White House.
Ariko ibiciro vy'nzahabu bishobora gukoroka igihe shutdown yorangira imbere y'igihe kuruta uko bamwe mu banyamitahe bavyiteze, nk'uko bivugwa na Wong.
"Ukuduga kutigeze kubaho" kw'inzahabu mu kwezi guheze kwarengeye ivyari vyitezwe n'abasesanguzi, nk'uko bishikirizwa na Heng Koon How, umuyobozi w'ingene isoko rikora muri banki United Overseas Bank (UOB) yo muri Aziya.
Abandanya avuga kandi ko iri duga rifitaniye isano no kugabanuka kw'agaciro k'idolari ry'Abanyamerika ndetse no kwiyongera kw'abaguzi batari inzobere, bazwi nk'abanyamitahe bo kw'isoko rusangi, bariko bagura inzahabu.
N'ubwo iduga ry'ibiciro vy'inzahabu ryatewe n'ukutamenya ibihe biri imbere mu gihe ca hafi, ukwihagararako kw'inzahabu muri rusangi guterwa ahanini n'uko banki nkuru ziriko ziyigura nk'uburyo bwo kwikindira impapuro z'ideni za reta ya Amerika no kwirinda kuganzwa cane n'idolari.
Ibanki nkuru zaguriye hamwe amatoni arenga 1000 y'inzahabu buri mwaka kuva muri 2022, zivuye ku matoni 481 ku mwaka hagati ya 2010 na 2021. Ibihugu vya Pologne, Turukiya, Ubuhindi, Azerbaïdjan n'Ubushinwa biri mu biza imbere vyayiguze cane mu mwaka uheze.
Si bose bashira imitahe mu nzahabu bagura nzahabu nya nzahabu.
Bamwe bashora amafaranga yabo mu bijanye n'amasezerano canke ivyo vyose bibatuma batunganya neza imitahe yabo haba mu kuyiziganya canke kuyishora kugira bagabanye ingaruka nko mu bigega (ikizwi nka fonds négociés en bourse/exchange-traded funds, ETFs) bishigikiwe n'inzahabu.
Mu buryo butari bwabeho, imiriyaridi 64 z'amadolari ni zo zashowe mu kigega ETFs uno mwaka, nk'uko bishikirizwa n'ishirahamwe ry'ubudandaji bw'inzahabu kw'isi, World Gold Council.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Gregor Gregerson, uwashinze ishirahamwe rigura rikongera rikabika ibintu vy'agaciro Silver Bullion, yavuze ko abaguzi biwe biyongereye incuro zirenga zibiri mu mwaka uheze.
Avuga ko abanyamitahe basanzwe, amabanki n'imiryango ifise ubutunzi bwinshi barushirijeho kwiyegereza inzahabu, bayibona nk'uburyo bwo kwirinda ingorane z'ubutunzi kw'isi.
Ati: "Inzahabu hazogera igihe ikoroke, ariko ndemera ko, kubera uko ubutunzi buhagaze, iri mu rugendo rwo kuduga nibura mu myaka itanu iri imbere," ni ko yavuze.
Igiciro cayo gishobora kugabanuka mu gihe hoba hari ukwiyongera kw'inyungu ku ngurane, canke ibibazo vya politike n'imvururu mpuzamakungu bigabanutse, nk'uko Wong wo muri OCBC abivuga.
Avuga ko muri Ndamukiza (4) nk'akarorero, igiciro c'inzahabu cakorotse hafi ku bice 6% inyuma y'uko Trump ahevye ingingo yo kubogoza umukuru wa Banki nkuru ya Amerika Jerome Powell.
"Inzahabu ikunze gufatwa nk'uburyo bwo kwikingira mu gihe c'igipfungu ku bishobora gushika, ariko ubu buryo bwo kwikingira burashobora guhagarikwa igihe abanyamitahe babonye ko ibintu bisubiye mu buryo canke bakeneye amafaranga".
Mu 2022, agaciro k'inzahabu karakorotse kuva ku madolari 2,000 gushika ku 1,600 kuri ounce, inyuma y'uko Ibanki Nkuru ya Amerika idugije inyungu ku ngurane mu ntumbero yo kugabanya iduga ry'ibiciro ryatewe n'ingaruka za Covid-19, nk'uko Heng wo muri UOB abivuga.
Yongerako ko ingorane nyamukuru ishobora guterwa n'iri duga ry'igiciro c'inzahabu ni iduga ry'ibiciro rishobora gushika bukwi na bukwi, ivyo bikaba bishobora gutuma Ibanki nkuru ya Amerika iduza urugero rw'inyungu igipimo c'inyungu.
Iduga ry'ibiciro vy'inzahabu riherutse risigura ko Ibanki nkuru ya Amerika izomanura urugero rw'inyungu bikazotuma inzahabu ihurumbirwa, nk'uko Wong abivuga.
Hagati aho, Trump yongereje akariro mu gutera igitsure Ibanki nkuru, mu kunegura ku mugaragaro Powell ko atagabanya urugero rw'inyungu ningoga yongera agerageza no kubogoza Lisa Cook, umwe mu bari mu nama nyobozi y'Ibanki nkuru.
Wong avuga ko kubona umukuru w'igihugu yizizira Ibanki nkuru y'igihugu bishobora "gutuma itakaza icizere caco co gukora nk'ibanki nkuru yizewe kandi ishobora guhangana n'ikibazo c'iduga ry'ibiciro".
Yavuze ko muri ivyo bihe, uruhara rw'inzahabu nk'uruzitiro rwo kwikingira ingorane zitaboneka zishobora gushika muri kazoza "rusubira gufata ikibanza".










