Benin: Ingabo zishigikiye reta zatesheje Coup d'Etat - umushikiranganji w'intwaro yo hagati

Ahavuye isanamu, BTV
- Umwanditsi, Paul Njie, BBC Afurika, na Lucy Fleming
Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu wa Benin yabonetse ku mboneshakure y'igihugu atangaza ko coup d'Etat muri iki gihugu ca Afrika y'uburengero yateshejwe.
Imbere y'aha, umurwi w'abasirikare b'igihugu ca Benin barongowe na Liyetena-Koroneli Pascal Tigri bari batangaje ku mboneshakure ko batembagaje Perezida Patrice Talon kandi ko bafashe ubutegetsi.
Ubutumwa buva mu buserukizi bw'Ubufaransa muri Benin buvuga ko hafi y'ingoro y'umukuru w'igihugu ku mugwa mukuru Cotonou humvikanye amasasu. Ababibonye babwiye BBC ko bumvise inkoho, mbere n'abanyamakuru bakorera iki kimenyeshamakuru ca reta barafatwa bugwati.
Aba basirikare bari batangaje kandi ko bahagaritse ibwirizwashingiro, ko imbibe zose zo ku butaka no mu kirere zugaye.
Umuhanuzi w'umukuru w'igihugu yabwiye BBC ko Perezida Talon ameze neza kandi ko yari mu buserukizi bw'Ubufaransa.
"Mu gatondo ko kuri uno wa Mungu, igenekerezo rya 7 Kigarama [12] 2025, akarwi gatoya k'abasirikare bagumutse mu ntumbero yo gusenyura reta n'inzego zayo", niko umushikiranganji w'intwaro yo hagati Alassane Seidou yatangaje.
Yongeyeko ati: "Imbere y'ibi, ingabo za Benin n'indongozi zazo, zitashatse guhemuka ku ndahiro zazo, zagumye zigamburukira igihugu. Ibi vyatumye zishobora kugumana ibintu mu minwe maze zitesha uno mugambi wo kugerageza gusenyura ubutegetsi.
"Rero, reta itera akamo abanyagihugu kubandanya n'ibikorwa vyabo uko bisanzwe".
Mu gusigura imvo zatumye aba basirikare bagerageza gusenyura intwaro, banegura Perezida Talon bavuga ko igihugu akirongoye nabi.
Itangazo ryasomwe n'umwe muri aba basirikare rivuga riti: "Ingabo ziyemeje kuzanira abanyagihugu ba Benin igihe gishasha c'ukuri, ahazoba harangwa n'ubuvukanyi, ubutungane n'ibikorwa".
Ubuserukizi bw'ibihugu vy'Ubufaransa n'ubw'Uburusiya bwasavye abanyagihugu bavyo kuguma muhira ku mvo z'umutekano wabo.
Ubuserukizi bwa Amerika buhanura kwigira kure ya Cotonou, cane cane mu micungararo y'ikirimba c'umukuru w'igihugu.
Bitegekanijwe ko Talon w'imyaka 67, akaba afatwa nk'incuti y'ibihugu vy'uburengero, ashikiriza ubutegetsi inyuma yo kurangiza ikiringo ciwe kigira kabiri, mu gihe amatora ategekanijwe mu kwa kane kw'umwaka uza.
Nk'umurwizatunga azwi nk'"umwami w'ipampa", yashitse ku butegetsi mu 2016 inyuma yo gutsinda amatora. Yaramaze gutangaza ko atazorondera kwitoreza ikiringo kigira gatatu, mbere yaramaze no kwemeza Romuald Wadagni, umushikiranganji w'ikigega ca reta ko ari we azomukorera mu ngata.

Ahavuye isanamu, AFP
Talon arashimagizwa n'abanywanyi biwe ku kungene yahagarariye iterambere mu vy'ubutunzi, ariko reta yiwe iranegurwa kubera ukwigiza inyuma abayinegura.
Mu kw'icumi kw'uno mwaka, umurwi ujejwe gutegura amatora warabujije umunyaporitike mukuru atavuga rumwe n'ubutegetsi kuzokwitoza ku mvo z'uko ata bamushigikiye bakwiye afise.
Mu kwezi guheze, inama nshingamateka yaremeje impinduka mu ngingo zitari nke z'ibwirizwashingiro, harimwo ishirwaho ry'inama nkenguzamateka.
Imyaka y'ibiringo vy'umukuru w'igihugu yarongerejwe, iva kuri itanu ishika ku ndwi, ariko nta cahindutse ku biringo bibiri vy'umukuru w'igihugu.
Uku kugerageza gutembagaza ubutegetsi muri Benin kwaje inyuma y'amayinga make Umaro Sissoco Embaló w'igihugu ca Guinea-Bissau co muri ako karere nyene atembagajwe.
Muri iyi myaka ya vuba, Afrika y'Uburengero yabayemwo ama coup-d'Etat atari make, harimwo Burkina Faso, Guinea na Niger, ivyateje impungenge ko ibintu bishobora kuba nari muri ako karere.
Uburusiya bwaratsimbataje ubucuti n'ibi bihugu vyo mu karere ka Sahel muri iyi myaka ya vuba - mbere Burkina Faso, Mali na Niger vyariyonkoye mw'ishirahamwe rihuza ibihugu vya Afrika y'Uburengero CEDEAO/ECOWAS maze bishinga ihuriro ryavyo rizwi nk'Urunani rw'Ibihugu vya Sahel.
Nk'uko vyandikwa n'igisata ca BBC gikurikirana amakuru aca irya n'ino, BBC Monitoring, iyi nkuru y'itembagazwa ry'ubutegetsi yakirijwe yompi n'abakurikiranwa cane ku mbuga hwaniro (influencers) begamiye ku Burusiya.
Muri ino myaka ya vuba, Benin yahanganye n'ukwiyongera kw'ibikorwa vy'imirwi y'abarwanyi biyitirira idini rya Islam, mu gihe imirwi ifitaniye isano n'imihari Etat Islamique/Islamic State na al-Qaeda itera ikwiragira amaja mu bumanuko.
CEDEAO n'Ubumwe bwa Afrika bariyamiriza uku kugerageza gutembagaza ubutegetsi muri Benin.
Umukuru w'Inama nyobozi y'Ubumwe bwa Afrika Mahmoud Ali Yousouf ashimangira ko badashobora kwihanganira na gato ukugerageza guhindura reta hadakurikijwe inzira zitegekanijwe n'ibwirizwashingiro, "ku bihe canke impamvu izo ari zo zose".
"Agabisha ko ingendo nk'izi zituma abanyagihugu batakariza icizere inzego za reta, ububasha bwa reta bugatakara, kandi n'umutekano rusangi ukaja mu kaga", nk'uko biri mw'itangazo ryasohowe n'Ubumwe bwa Afrika.














