Ubuhindi bwategetse Google kuriha irindi hadabu ry’imiliyoni $113

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ikigo c’Ubuhindi kijejwe kugenzura ihiganwa ku masoko caciye Google ihadabu ry’imiriyoni 113 z’amadorari y’abanyamerika kubera ibikorwa biteye kubiri n’amategeko ajanye n’ihiganwa mu gisata c’itumatumanako, igihano kigira kabiri mu kiringo kiri munsi y’indwi imwe.
Ico kigo cagiriza Google gukoresha ubwiganze ifise mu bubiko bwayo bw’ama Apps (applications) mu guhatira abahingura ama Apps kuriha bakoresheje app yayo.
Iki kigo gisaba iyi kompanyi rutura y’ubuhinga kutazibira abahingura ama Apps kuriha bakoresheje ubundi buryo canke baciye mu zindi nzira.
Google yavuzeko iriko irihweza ivyo birego.
Umuvugizi wa Google avuga ati: “Mu kugumiza ku giciro gito, vyatumye ubuhinga bwa digital (numérique) bukomera mbere bwugururira imiryango amamiriyoni amajana n’amajana y’Abahindi”.
Uyo muvugizi yagize ati: “Tubandanya kwitaho abakoresha n’abahingura ama Apps, tukaba turiko turihweza iyi ngingo kugira ngo turabe intambwe zikurikira”.
Muri iki cemezo canditse ku mpapuro 199 casohowe ku wa kabiri, ikigo c’Ubuhindi kijejwe kugenzura ihiganwa ku masoko, (Competition Commission of India, CCI) kivuga ko Google iriko ikoresha amategeko amwe amwe mu bubiko bwayo bwa Play Store ategeka abahingura ama Apps “gukoresha gusa” ubuhinga bwayo mu gutanga canke kugurisha ama Apps.
Ikinyamakuru Reuters kivugako ico kigo kijejwe ubugenzuzi gisaba Google gufata ingingo umunani zikosora ibi bintu mu mezi atatu, harimwo kutazibira abahingura ama Apps gukoresha ubundi buryo bwo kuriha, haba mu kugura ikibanza muri Apps zisanzwe zirimwo canke kugura ama Apps.
CCI ivuga kandi iti: “Google itegerezwa gukorera mu muco iyo ivugana n’abahingura ama Apps kandi igatanga insiguro ku mafaranga basabwa”.
Iyi ni ingingo y’incamugongo ya vuba kuri Google isanzwe ihanzwe n’ibirego bituma itakaza icizere mu Buhindi.
Mu ndwi iheze iyi kompanyi yatangishijwe ihadabu ry’imiliyoni 161 z’amadorari y’abanyamerika kubera yakoresheje urubuga rwa Android kugira yiganzire isoko.
CCI ivuga ko Google iriko ikoresha amasezerano y’agahato ku bakoresha ububiko bwayo kugira ngo imbuga zayo – nka Google Chrome, YouTube, Google Maps n’izindi – zikoreshwe.
Itohoza rijanye na Android ryaratangujwe mu 2019, inyuma y’imyidogo y’abakoresha Telefone zo mu buhinga bwa Android.










