Abantu biyemeje guheba amaterefone agezweho

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mw'isi aho benshi muri twebwe baguma ku materefone yacu, Dulcie Cowling atandukanye n'abandi - yarahevye iyo yakoresha.
Uwo mukobwa w'imyaka 36 yafashe ingingo mu mpera z'umwaka uheze yo guheba amaterefone agezweho yiwe kuko abona ko bishobora gukomeza amagara yiwe yo mu mutwe. Ku musi wa Noweli yabwiye umuryango wiwe n'abagenzi ko asubiye kuri terefone yiwe ya Nokia ishobora gusa guhamagara no kwitaba hamwe no kwandika ubutumwa.
Yibukije ko kimwe mu bintu vyatumye afata iyo ngingo, ari ivyamubayeko umusi umwe ari mu mu kibanza co kuruhukiramwo (park) ari kumwe n'abana b'abahungu biwe babiri bafise imyaka itandatu n'itatu.
Agira ati: "Nariko ndaraba kuri terefone yanje ku kibuga hamwe n'abana hanyuma nunamutse, buri muvyeyi wese - hari nk'abashika 20 - bari ku materefone yabo."
"Naribajije 'ibi vyashitse ryari?'. Bose bari batakaye. Sinibaza ko woba uri ku mpfiro hanyuma ukibaza ko ushobora kumara umwanya munini kuri Twitter canke usoma amakuru ku mbuga ngurukanabumenyi".
Umupfasoni Cowling, asanzwe ari umuyobozi mw'ishirahamwe rijejwe kwamamaza Hell Yeah! rifise icicaro i Londres, yongerako ko iciyumviro co guheba terefone zigezweho congerekanye mu gihe co kwugaranwa kubera Covid.

Ahavuye isanamu, Dulcie Cowling
"Naribajije umwanya namaze mu buzima bwanje ndi ku materefone agezweho n'ico nari gushobora gukora. Kuguma buri mwanya uri ku mbuga zitandukanye birasamaza cane, ni vyinshi ku bwonko bwacu."
Dulcie Cowling ategekanya gukoresha umwanya yahora amara kuri terefone zigezweho mu gusoma no mu kuryama.
Abantu boba bashika icenda kuri cumi mu Bwongereza ubu barafise amaterefone agezweho, igiharuro gisa nk'ico no mu bindi bihugu biteye imbere. Tuguma tuzicuritseko umutwe - icigwa kimwe ca vuba cerekana ko abantu benshi bamara n'imiburiburi amasaha 4.8 ku musi bari ku materefone yabo.
Baracari bake, ariko igitigiri kibandanya ciyongera. Birakwiye kugarukira ngaha.
Haraciye imyaka ibiri Alex Dunedin ataye terefone yiwe. "Mu mico yacu, turamaze gutwarwa n'ivyo bikoresho," uko ni ko umushakashatsi mu vy'uburezi n'ubuhinga avuga".

Ahavuye isanamu, Getty Images
Dunedin, aba akongera agakora muri Ecosse/Scotland, avuga ko iyindi mpamvu yatumye afata iyo ngingo ari ikibazo c'ibidukikije. "Duta inguvu nyinshi mu kwongereza ivyuka vya carbone."
Avuga ko yanezerewe cane aranunguka kuva ahagaritse gukoresha terefone yiwe igezweho. Dunedin ntanagira na terefone ya kera canke iyo mu nzu. Ahubwo avugana n'abantu akoresheje ubuhinga bwa mail ku nyabwonko yiwe afise muhira.
Avuga ati: "Vyarafashije ubuzima bwanje. Ivyiyumviro vyanje vyariganzuye ukuguma wubitse umutwe ku mashini ntegerezwa gutako inguvu n'amahera. Nibaza ko inkurikizi mbi y'ubuhinga ari ukudukuramwo ubuzima bwacu."
Umwigisha akaba n'umwanditsi Lynne Voyce w'imyaka 53 w'i Birmingham, we yafashe inzira itandukanye n'iyo - yatanguye gukoresha terefone igezweho kandi mu kwezi kw'umunani guheze inyuma yo kuyiruhuka imyaka itandatu.
Avuga ko vyabaye ngombwa ko agura iyindi kugira ayikoreshe mu kuraba QR mu nzu y'uburiro, izwi nk'igitabo c'inzira ca Covid, ikanamufasha kuguma avugana n'umwe mu bakobwa biwe aba i Paris.

Ahavuye isanamu, Lynne Voyce
Ariko arategekanya gusubira kuyiheba, mu gihe vyomushobokera. "Inyuma y'iki kiza, na Ella [umukobwa wiwe mukuru] atakiba mu mahanga, nshobora kuzogerageza kuyiheba kandi. Bisa no kuremara, si vyo?"
Igihe umupfasoni Voyce yaheba terefone igezweho ubwa mbere mu 2016, kwari ugutera intege abakobwa biwe ngo bagabanye umwanya bayimarako.
Baguma ku materefone yabo. Niyumviriye ko ico nokora gusa mu kubihagarika, ari uguheba iyanje, kandi vyaragize ico bishikako.
"Nk'akarorero, dushobora kuja mu nzu y'uburiro, ariko ntibigera bambona ntora terefona yanje."
Avuga ati: "Kutagira terefone igezweho "vyararemuruye cane ubwongo bwanje. Siniyumva nk'umuntu afise inyishu yihuta canke ngo ngire agahengwe mu gihe nasohotse."
Mu gihe abandi baterwa impungenge n'umwanya bamaze kuri terefone, ku bandi imiliyoni n'imiliyoni n'ingabire y'Imana.
Umuvugizi w'ikompanyi ikora terefone ngendanwa mu Bwongereza, Vodafone avuga ati: "Muri kino gihe, kwitaho amagara y'abantu, uburezi, ibikorwa vyo mu mibano mbere rimwe na rimwe abagenzi n'incuti tubironka ku mbuga hwaniro, terefone zigezweho zirakenewe mu buzima bwa misi yose ku bantu."
"Twashizemwo ibintu vyinshi mu ntumbero yo gufasha abantu kuronka ibintu vyinshi hakoreshejwe ubuhinga, no kudahutara igihe bari ku mbuga hwaniro - n'ibintu bikomeye cane."

Ahavuye isanamu, Getty Images
Hagati aho, Hilda Burke, umuhinga w'ingwara zo mu mutwe akaba n'umwanditsi w'igitabo The Phone Addiction Workbook, avuga ko hari ihwaniro hagati yo gukoresha terefone cane hamwe n'ivyerekeye imigenderanire, uko umuntu asinzira, ubushobozi bwo kuyizimya ukaruhuka, hamwe n'uko ushobora gufata umwanya wo gukora.
"Abantu benshi bagenda baronka ababasaba ubugenzi buhoro buhoro biciye ku materefone yabo, bamwe bamwe banabesha ko ari ibintu vyihutirwa.
"Birabananira kumenya aho bagarukira, bikabatuma baraba ubutumwa muravyo (mails) bwabo hamwe n'ubundi mw'ijoro nk'igikorwa ca nyuma no mu gitondo nk'igikorwa ca mbere."
Nimba ubona ko guheba terefone igezweho bisa n'ibintu bigoye ariko ukaba uufise impungenge z'uko uyimarako umwanya munini, hariho izindi ngingo zotuma ugabanya uko uyikoresha.
Mu gihe bishobora kuboneka nabi mu ntango, hari porogarama nyinshi ziriko ziraboneka zifasha mu guhagarika ivyo udakeneye.
Nk'akarorero, Freedom igufasha guhagarika porogarama n'imbuga kugira ukore ibindi. Hanyuma Off The Grid igufasha kwugara terefone yawe mu mwanya ushaka.
Umupfasoni Burke avuga ko vyoba vyiza abantu benshi bagiye barakurikirana umwanya bamara kuri terefone zabo. "Gutangura kumenya neza umwanya umara kuri terefone yawe buri musi birashobora kukubera inzira yo kwikangura no guhinduka".
Ahanura kandi kurondera akanya gato ko kuzimya terefone canke kuyisiga muhira, hanyuma ukagenda urongereza buke buke aka kanya ko kumara utari kuri terefone.










