'Ibihugu vya Buraya ntibikwiye guhatira ku banye Afrika imico yo kuryamana n'abo basangiye ibitsina' - Prezida Museveni

Ahavuye isanamu, AFP
Mw'ijambo ridasanzwe mu nama nshingamateka ryo kuri uyu wa kane, prezida yongeyeko ko kuryamana n'uwo musangiye igitsina atari ibintu bisanzwe.
Yagize ati:"Dutegerezwa kubaza ikibazo 'mbega n'ibisanzwe canke yoba ari indero' ?
"Ibintu bijanye n'igitsina muri Uganda no mu bindi bice vya Afrika n'ibanga rikomeye. Mbere n'ibijanye guhuza igitsina bisanzwe nk'umugabo n'umugore. Twomenya gute ko uhuza igitsina n'uwo mugisangiye utabishize ku mugaragaro?"
Ivyo abivuze mu gihe hari abantu batanguye kwerekana urwanko ku bahuza igitsina bagisangiye mu gihugu cose no mu karere ko mu buseruko bwa Afrika.
Abaharanira agateka k'abahuza ibitsina babisangiye bavuga ko aho baba bakubitwa canke bagatukwa ku mbuga hwaniro muri izi ndwi ziheze.
Integuro y'itegeko ryo kwiyamiriza abahuza ibitsina babisangiye ryarajanywe mu nama nshingamateka mu ntango z'iyi ndwi.
Rirondera kubuza umuntu uwari wese kuvuga ko ari muri uwo mugwi.
Ritegekanya kandi igipfungo c'imyaka cumi ku muntu wese afashwe yahuje igitsina n'uwo bagisangiye canke bubakanye, no kubaharanira agateka k'abo muri uwo mugwi.
Ubu iryo tegeko ririko ririhwezwa n'umugwi w'abashingamateka ujejwe ubutungane.
Umwarimu w'akaminuza rurangiranwa Sylvia Tamale, yitavye imbere y'uwo mugwi ku musi wa kane kugira awubire aho ahagaze, yanebaguye iyo nteguro y'itegeko"ishaka kugerageza kuzimanganya igice c'abantu" no kuba bitiranya icaha co gusambanya abana n'ico guhuza igitsina n'uwo mugisangiye.
Itegeko ribuza abahuza igitsina bagisangiye, ryategekanye igihano co gupfungwa burundu, ryaraburijwemwo na sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro mu 2014, ivuga ko ryemejwe n'igitigiri c'abashingamateka kidakwiye.










