BBC yamenye ko umukuru wa gisirikare wa Hamas atemera integuro ya Trump yo guhagarika intambara

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Rushdi Abualouf
- Igikorwa, Akurikirana amakuru ya Gaza, Istanbul
BBC yamenye ko abahuza barondeye umukuru w'ishami rya gisirikare rya Hamas muri Gaza, nawe akaba yavuze ko atemera integuro ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika yo guhagarika intambara.
Izz al-Din al-Haddad vyibazwa ko yemera ko iyo nteguro yakozwe kugira harandurwe Hamas, uwo muhari uvyemera canke uvyanka, ko rero witeguriye kubandanya urugamnba.
Integuro y'ingino 20 y'umukuru wa Amerika Donald Trump yo kurangiza intambara - integuro yamaze kwemerwa na Israel - itegekanya ko Hamas ishira ibigwanisho hasi kandi ntigire uruhara mu ntwaro ya Gaza.
Vyibazwa ko bamwe mu ndongozi za poritike za Hamas muri Qatar bashobora kwemera iyo nteguro hari ibibanje guhinyanyurwa - ariko ko basanze ijambo ryabo rifise aho rigarukjira kuko batagenzura imbohe z'abanya-Israel ziri mu minwe ya y'uwo muhari.
Vyibazwa ko mu batwawe nk'imbohe 48 basigaye, 20 bonyene ari bo bibazwa ko bakiri bazima.
Iyindi ntambamyi kuri bamwe muri Hamas ni uko iyo nteguro ibasaba gutanga izo mbohe zisigaye zose mu masaha 72 kuva ihagarikwa ry'intambara rigiye mu ngiro – gutyo bakaba batakaje ikarata yonyene bari basigaranye bokoresha mu gihe nabo hari ivyo bashaka gusaba.
No kuvyerekeye ko Trump yizeza ko Israel izokwubahiriza ibiri muri iyo nteguro, hari ukutizera muri uwo muhari ko Israel itoca isubira ibikorwa vyayo vya gisirikare imaze kuronka abantu bayo bose – na cane cane inyuma y'aho igeragereje kwica indongozi za Hamas i Doha mu gitero co mu kirere, mu kwezi guheze, batanezwe Amerika.
Zimwe mu ndongozi za Hamas vyibazwa kandi ko bataremera irungikwa n'ibihugu vya Amerika n'Abarabu ry'ico iyo nteguro yita ''ingabo z'igihe gito zo kugarukana amaragamo'' muri Gaza, ico babona nk'ubundi buryo bwo kwifatira iyo ntara.
Vyongeye, ikarata yatanzwe n'ibiro vya Trump y'integuro y'ingene ingabo za Israel zova muri Gaza mu ntambwe yerekana ico yita ''akarere k'umutekano (zone tampon/buffer zone) ku mbihe Gaza ihana na Misiri na Israel.
Ntibizwi neza ingene ako karere kotwarwa, ariko hamwe Israel yoba irimwo, n'ico gishobora kuba ikindi kibazo co cotera impari.
Ikindi ni uko kuva yemeye iyo nteguro ku wa mbere ku mugoroba, umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu asa n'uwumaze gusubira inyuma ku bitari bike mu bivugwa muri iyo nteguro.
Muri video yashize kuri X, yashimitse ko igisirikare ca Israel gishobora kuzoguma mu bice bimwe bimwe vya Gaza kandi ko Israel izokoresha ''inguvu mu kugwanya'' ishingwa ry'igihugu ca Palestine.
Ibi biteye kubiri n'ibiri mu nteguro ya Amerika, ivuga ko ingabo za Israel zizovayo zose ''kiretse kuba ku nkengera y'umutekano gushika Gaza itekanye neza itakirangwamwo igishobora kuvamwo iterabwoba''.
Integuro ivuga kandi ko vyose bimaze kuja mu ngiro hashobora kuba inzira yizewe ku banya-Palestina yo ''gushikira ubwigenge n'igihugu''.
Hamas imbere yari yavuze ko itazoshira ibigwanisho hasi gushika igihugu ca Palestina gishinzwe.
Igisirikare ca Israel cagavye igitero kuri gaza gisubiza ki gitero ca Hamas ku bumanuko bwa Israel ku wa 7 Gitugutu(10) mu 2023, caguyemwo abantu hafi 1.200, abandi 251 batwarwa nk'imbohe.
Abantu nibura 66.225 baramaze gupfa mu bitero vya Israel muri Gaza kuva ico gihe, ku bw'ushikiranganji bwa Hamas bujejwe amagara.













