RD Congo: Kalehe yasubiye guterwa n’isegenya, umunani bamaze kumenyekana ko bahasize ubuzima

Kalehe

Abantu umunani ni bo bamaze kumenyekana gushika ubu ko bahitanywe n’imvura y’isegenya yateye teritware ya Kaleye y'intara ya Kivu y'Epfo muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo.

Abandi batatu ni bo bakomeretse muri iyi segenya yaguye mw’ijoro ryo ku wa 22 buca ari ku wa 23 Munyunyo (11) muri ako karere, cane cane mu gacimbiri ka Nkubi/Nyabibwe mu kigwati ca Kabulu 2, muri Groupement Mbinga-Nord mu karere ka Buhavu.

Delphin Birimbi arongoye ihuriro mpanuzwajambo ry’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike muri teritware ya Kaleye (CCTSCkalehe) yabwiye BBC Gahuzamiryango ko ibitigiri vy’abahasize ubuzima n’abakomeretse bishobora kwiyongera, igikorwa co kurondera abakizibirimwe mu bihomoka kirabandanya.

Birimbi avuga kandi ko ibintu bitari bike vyononekaye, harimwo amazu ashika 31 yabomotse n’ayandi indwi yatwawe, imirima yatwawe n’ibindi.

Ihuriro arongoye ritera akamo abategetsi barongoye intara ya Kivu y'Epfo gutegura igikorwa co gushingurana iteka ibiziga bimaze gutorwa.

Risaba kandi amashirahamwe y’abagiraneza kugarukira ku banyagihugu basigaye mu kangaratete kubera iyi segenya.