Biden avuga ko icemezo kuri Trump ari ugutesha agaciro intwaro ishingiye ku mategeko

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Peter Bowes
- Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC muri Amerika ya Ruguru
- Umwanditsi, Jaroslav Lukiv
- Igikorwa, BBC News
- Yakoze inkuru ari, Londres
Perezida Joe Biden wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ko icemezo ca Sentare nkuru y'igihugu iha ubudahangarwa bw'igice Donald Trump yahoze ari umukuru w'iki gihugu kugira ntakurikiranwe ku vyaha ari "akarorero kabi cane".
Perezida Biden avuga ko iki cemezo gitesha agaciro "intwaro ishingiye ku mategeko" kandi ko ari "amarorerwa akomeye" ku Banyamerika.
Imbere y'aha, Trump yashimagije iki cemezo ca sentare avuga ko ari "intsinzi ikomeye" kuri demokarasi.
Ejo ku wa mbere, abacamanza basanze Trump yari afise ubudahangarwa ku "bikorwa yakoze nk'umukuru w'igihugu" ariko ko ata bwo afise ku "bikorwa bitazwi yakoze ku gatwe kiwe", maze urubanza ruca rusubizwa muri sentare y'intango.
Iki cemezo kizobandanya kudindiza urubanza aho Trump aburanywa ku vyaha vyo kugerageza guhindura ivyavuye mu matora yo mu 2020 vyahaye intsinzi Biden.
Mw'ijambo yashikirije mu masaha yitereye nijoro ku wa mbere, Biden yavuze ati: "Iki gihugu cubakiye ku mabwirizwa fatiro y'uko ata bami muri Amerika. Twese turangana imbere y'amategeko. Nta n'umwe, nta n'umwe ari hejuru y'amategeko. Yaba n'umukuru w'igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
"Icemezo c'uno musi [ca sentare] ni nk'aho cerekana ko ata mbibe zihari ku vyo umukuru w'igihugu ashobora gukora.
"Umugabo yagomoreye barya bantu ku ngoro y'inama nshingamateka na nkenguzamateka ya Amerika ashobora kwagirwa n'icaha ku vyabaye urya musi. Abanyamerika bakeneye guhabwa inyishu mu butungane imbere y'amatora yimirije".
Perezida Biden yavuze aya majambo ashaka kwerekana ko Trump ariko araburanywa ku ruhara yagirizwa mu gukokeza imigumuko.
Ati: "Ubu, kubera icemezo c'uno musi [ca sentare], birashoboka cane ko ibi bitazokunda".
Bitewe n'iki cemezo ca sentare nkuru y'igihugu, umucamanza wa sentare y'intango ubu ategerezwa kwerekana ivyakozwe na Trump nk'umukuru w'igihugu, ibi bigashobora gufata amezi.
Nta mahirwe menshi ahari y'uko hari urubanza urwo ari rwo rwose rushobora gutangura imbere y'amatora y'umukuru w'igihugu ategekanijwe ku wa 5 Munyonyo (11) uno mwaka.
Iyi ngingo ni akoyoko kadasanzwe kuri Donald Trump - "intsinzi nini" nk'uko yavyanditse ku rubuga hwaniro rwiwe Truth Social.
Sentare nkuru y'igihugu yemeje ko abahoze ari abakuru b'igihugu bose bafise ubudahangarwa bw'igice bwo kudakurikiranwa ku vyaha - ahabwa ubudahangarwa bwuzuye ku vyo yakoze ku mugaragaro nk'umukuru w'igihugu, ariko si ku vyo yakoze ku gatwe kiwe.
Umucamanza wo muri sentare y'intango azotegerezwa kwihweza inyifato z'uno yari umukuru w'igihugu zotuma akurikiranwa na sentare mpanavyaha ku vyo yagirizwa vyo kugerageza guhindura ivyavuye mu matora ya 2020.
Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa X (ico gihe rwitwa Twitter) n'amajambo yavuze ku wa 6 Nzero (1) 2021, Trump yagirizwa gukokeza imigumuko yabereye ku ngoro y'inama nshingamateka na nkenguzamateka.
Ariko sentare yafashe icemezo ko ijambo ryiwe n'ivyo yakoreye ku mbuga hwaniro kuri uwo musi vyari ibikorwa yakoze nk'umukuru w'igihugu.
Abacamanza bose batatu bashira imbere ivyiyumviro vy'ubwisanzure bari muri Sentare nkuru y'igihugu biyamirije cane iyi ngingo. Umucamanza Sonia Sotomayor avuga ati: "Umukuru w'igihugu ubu ni umwami ari hejuru y'amategeko."
Umuvugizi wa Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu wa Amerika) yashikirije ibivugwa na Perezida Biden ko ata "muntu n'umwe ari hejuru y'amategeko".
Judy Chu, umushingamateka wo mu mugambwe w'aba-Democrats, avuga ko iki cemezo ca sentare kizogira ingaruka zikomeye.
"Ni intsinzi kuri Donald Trump, kandi ni akaga kuri demokarasi muri Amerika. Ingaruka z'iyi ngingo zizoba nini cane. Ni vyashika umukuru w'igihugu akavuga yishimikije ubukuru bwiwe ko ashaka gukora ikintu tuzofata ko kitabereye kandi ari icaha, ashobora kutazokurikiranwa ku bikorwa azokora."
Iyi ngingo yemejwe na batandatu igahakanwa na batatu - ingingo y'akataraboneka yafashwe hisunzwe imigambwe - ntifuta ivyo uno yahoze ari umukuru w'igihugu yagirizwa, ariko izodindiza cane urubanza urwo ari rwo rwose - nimba bizoshika rukabandanya - gushika inyuma y'amatora yo muri Munyonyo.













