Imishamirano y'umugabo n'umugore yatumye indege igiye Thailand igwa muri India

Ahavuye isanamu, Reuters
Iyo ndege yari ivuye Munich mu Budagi ija Bangkok ku mugwa mukuru wa Thailand, yaguye ku kibuga c'indege ca Indira Gandhi ku mugwa mukuru w'Ubuhinde, igihe ugushamirana hagati y'umugabo n'umugore wiwe vyarenga urugero.
Abategetsi bavuga ko iyo ndege yashitse ku kibuga c'indege ca Indira Gandhi ku musi wa gatatu.
Inkuru zitangwa n'abajejwe uruja n'uruza rw'indege ku kibuga c'i Delhi, zivuga ko icatumye haduka iyo mishamirano hagati y'uwo mugabo n'umugore wiwe kitaramenyekana, ariko ko vyatumye iyo ndege ihindura inzira yari igenewe.
Mw'itangazo ryashizwe ahabona na Kompanyi ya Lufthansa Airlines, ari yo nyene iyo ndege, ivuga ko umugabo w'umudagi yasohowe muri iyo ndege igihe yagwa i Delhi aho kuviramwo i Bangkok.
Iyo kompanyi kandi ivuga "uwo mugabo yasavye imbabazi."
Bivugwa ko abakozi b'iyo ndege bari basavye uruhusha rwo kwururukira muri Pakistani ariko bidakunze, umudereva yaciye abandanya gushika i Delhi.
Abategetsi b'i Delhi baciye bashikiriza uwo mugabo yitwaye nabi akanashamirana n'umugore wiwe bari mu rugendo, abajejwe umutekano kuri ico kibuga c'indege.
Inkuru zivuga ko uwo mugabo yari umudagi, umugore wiwe na we akaba umunye Thailand.
Inkuru z'ikinyamakuru Indian Express zivuga ko umugore ari we yatanguye kurega umugabo wiwe ku mukozi wo mu ndege ko umugabo wiwe ariko aramwitwarako nabi.
Inkuru zitangwa n'itororokanirizo ry'amakuru PTE, zivuga ko uwo mugabo "yatanguye guta indya zitangwa mu ndege, hanyuma agerageza guturira ubureta akoresheje ikibiriti, aho akaba ari ho yaciye atangura gutuka umugore wiwe."
Izo nkuru za PTE zivuga ko uwo mugabo yanse amategeko yahawe n'abakozi bo mu ndege. Ni ho yaca yururukirizwa mu nzira agashikirizwa abajejwe umutekano.










