'Ntuhirahire' – niko Biden abwira Iran mu gihe iriko itegura gutera Israel

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Na Kathryn Armstrong & Hugo Bachega,
- Igikorwa, Abanyamakuru bo mu Buseruko bwo Hagati bari i Londres na Jerusalem
Perezida Joe Biden wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ko yiteze ko “bitebe bitebuke” Irani izotera Israel, mu gihe ubwoba bw’uko Irani ishobora kwihora ku gitero co mu kirere cahitanye intwazangabo zayo mu ntango z’uku kwezi bugenda bwiyongera.
Israel ntiremera ko ari yo yakoze igitero ku biro vy’ubuserukizi bwa Irani muri Syria, ariko benshi babona ko ari yo yagikoze.
Abategetsi ba Amerika babwiye CBS News, ikinyamakuru gikorana na BBC muri Amerika, ko igitero gikomeye kuri Israel gishobora kuba umwanya uwo ari wo wose.
Israel ivuga ko yiteguye kwivuna. Biden yabwiye Irani ati : "Ntuhirahire".
Ati: " Twariyemeje gukingira Israel. Tuzoshigikira Israel. Tuzofasha mu gukingira Israel kandi Irani ntaho izoshika".
Irani ishigikiye, umuhari Hamas w’Abanya-Palestina urwanya Israel muri Gaza, hamwe kandi n’imirwi itari mike muri ako karere, harimwo imwe – nka Hezbollah muri Libani – isanzwe ikora ibitero ku banya-Israeli.
Ejo ku wa gatanu, Hezbollah yavuze ko yarashe ibisasu vya muzinga bitari bike vyavuye muri Libani bija muri Israel. Umuvugizi w’igisirikare ca Israel avuga ko ibisasu vya misire vyababa 40 hamwe n’indege zitagira abadereva (amadrone) zikoreye ibibombe, ari vyo vyarungitswe. Nta makuru avuga ko hoba hari abapfuye canke ngo bakomereke muri ibi bitero, kandi nta kimenyetso cerekana ko hari izindi mpande zabigizemwo uruhara.
Umutegetsi wo muri Amerika yabwiye CBS ko ibi bitero ataco bisa bisana n’igitero ca Irani citezwe kuri Israel.
Umunyamakuru wa BBC akurikirana amakuru ajajanye n’umutekano Frank Gardner avuga ko Irani iriko ikora n’ibigirankana mu gushira akarere k’Ubuseruko bwo Hagati hamwe na Amerika mu rwikeko.
Kuva habaye igitero co ku wa 01 Ndamukiza (4) cahitanye abatari bake ku nyubakwa y’ibiro vy’ubuserukizi i Damas, inyubakwa Israel yemeza ko yakoreshwa na Irani mu kurungikira mu mpisho ibirwanisho imirwi ishigikiwe na Irani muri Libani na Syria, abakuru b’igisata co kwivuna abansi ba Irani babandanya bavugana ingene bokwihora.
Aha harimwo ibiharuro vyinshi. Igize ngo ikubite n’inguvu Israel nayo yoca yishura n’inguvu ziteye ubwoba. Igize ngo ntishiremwo inguvu naho, hari igihamana kibi c’uko Irani yoca ifatwa ko ata nguvu ifise kandi ko ataco imaze. Umuntu abiravye, nta kamaro k’uko Irani yoshoka yihora ubu nyene, mu gihe akarere kose kameze magabo kandi Amerika ikaba imaze kumeyesha isi yose icoca gikurikira.
Abipfuza ko ibintu bitwarwa mu bwitonzi ba Irani basaba ko igihugu cabo cokwigumya, mu gihe intagondwa, harimwo n’umutegetsi w’ikirere ariko arasaza, Ayatollah Khamenei, bariko basaba igitero gikomeye co kwihora.
Ariko Irani ntishaka intambara yeruye, co kimwe n’ibihugu bibanyi vyo mu Kigobe c’Abarabu. Abarongoye ibi bihugu bamaze gusaba Irani kwigumya. Ikibazo gusa ni ukumenya abumvirwa hagati y’abashaka intambara n’abashaka amahoro.
Icuka kibi kibandanya ciyongera catumye ibihugu, harimwo Amerika, Ubwongereza, Ubuhindi na Australia, bibuza abanyagihugu bavyo gufata ingendo zo muri Israel. Ubudagi bwasavye abanyagihugu babwo kuva muri Irani.
Ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire kandi bwabujije abakozi bwabwo n’imiryango yabo kuja hanze y’ibisagara vya Tel Aviv, Yeruzalemu na Beersheba.
Umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu yagiranye inama n’abagize reta yiwe y’intambara inyuma y’ayo makuru yo kugabisha.

Ahavuye isanamu, Reuters
Bamwe mu banya-Israel bavuga ko ata bwoba bafise bw’igitero gishobora kuva muri Irani.
Ari kw’isoko i Yeruzalemu, Daniel Kosman yabwiye itororokanirizo ry’amakuru AFP ati: "Turazi ko tuzungurutswe n’abansi, mu bumanuko, mu buraruko, mu buseruko no mu burengero. Nta bwoba dufise, ivyo ndabikwemereye. Raba irya n’ino: abantu barasohoka ataco binona”.
Reta ya Israel nta mpanuro nshasha iha abanyagihugu iruhande y’izisanzwe zihari zo kubika amazi n’imfungurwa vy’imisi itatu, be n’imiti nkenerwa.
Hagati aho, iradiyo ya Israel ivuga ko abategetsi b’uturere babwiwe ko bokwitegurira igitero, harimwo no kuraba ingene ibigo vyo kwakiriramwo abanyagihugu vyiteguye.
Mu ndwi iheze, igisirikare ca Israel cahagaritse uturuhuko tw’ingabo zirwana, gikomeza uburyo bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere congera gihamagara ingabo z’integabizoza.
Abantu 13 barishwe muri ico gitero ca misire co ku wa 01 Ndamukiza ku buserukizi bwa Irani i Damas.
Muri bo harimwo intwazangabo nkuru z’igisirikare ca Irani, harimwo Jenerali de Brigade Mohammad Reza Zahedi, umutegetsi mukuru wa gisirikare mw’ishami ry’ingabo zidasanzwe za Irani, Quds Force, muri Syria na Libani.
Israel ntaco iravuga ariko abatari bake bazi ko ari yo yakoze iki gitero.
Abategetsi b’ibihugu bitari bike bamaze imisi bagerageza kwumvisha Irani ko itokora igitero, kubera ubwoba bafise ko cotuma haduka intambara y’akarere kose.
Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire Antony Blinken yavuganye n’abashikiranganji bajejwe imigenderanire b’Ubushinwa, Arabia Sawudite na Turukuya mu kugerageza kubumvisha ko bokoresha ububasha bafise kuri Irani.
Inyuma y’umubonano yagiriraniye n’umukuru w’ingabo za Amerika mu karere, umushikiranganji wa Israel ajejwe kwivuna abansi Yoav Gallant avuga ko ubucuti hagati y’ibi bihugu bibiri bwatsimbatajwe n’iri terabwoba, akongerako ati "turazi ico tuzokora".
Kuva intambara yo muri Gaza yadutse igihe Hamas itera Israel ikica abantu bababa 1200 abenshi muri bo bakaba ari abasivire, ikananyuruza abarenga 250, abantu barenga 33600 baramaze kwicwa muri Gaza nk’uko bitangazwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu butegetsi bwa Hamas, mu gitero ca Israel co kwihora muri Gaza.
Iyi ntambara kandi yatumye Israel yama buri musi iterana ibisasu na Hezbollah ku rubibe rwo mu buraruko, mu gihe imirwi ifashwe mu mugongo na Irani muri Iraki na Yemen igerageza gutera ubutaka bwa Israel hamwe n’ibigo vya gisirikare vya Amerika muri Iraki na Syria.
Umuhari w’aba-Houthi wa Yemen na wo nyene umaze igihe utera amato aca mu Kiyaga Gitukura, aho yatumye ubwato bumwe butwarwa, ivyatumye Amerika n’Ubwongereza bikora ibitero vyo mu kirere ku bibanza vy’aba-Houthi muri Yemen.













