#5-Inkuru mwasomye cane mu 2024 : 'Nta kwibuka Abanyarwanda bamwe ukareka abandi' – Marie Rose Habyarimana

Marie Rose Habyarimana

Ahavuye isanamu, BBC Gahuza

Insiguro y'isanamu, Marie Rose Habyarimana avuga ko kugira ngo Abanyarwanda bakire mu mitima hakenewe ukuri kuri bose
    • Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
    • Igikorwa, Umunyamakuru ari i Bruxelles

Umukobwa wa Juvénal Habyarimana yahora ari Prezida w'Urwanda avuga ko "nta kwibuka Abanyarwanda bamwe ukareka abandi".

Marie Rose Habyarimana yabivuze ejo ku wa gatandatu ubwo umuryango wiwe wibuka imyaka 30 iheze indege ya Prezida Habyarimana ikorowe, itariki 6 z’ukwa kane mu 1994, avuga ko ababajwe no kubona bataramenya uwabiciye.

Ihanurwa ry'iyo ndege rifatwa ahanini nk'iryabaye imbarutso ya jenoside yabaye mu Rwanda mu 1994.

Yagize ati: "Nta butungane [ubutabera] bw’Abanyarwanda bamwe bureranganije [burenganya] abandi, nta kwibuka Abanyarwanda bamwe ukareka abandi."

Leta y'Urwanda ivuga ko abibukwa ubu ari abishwe muri jenoside yabaye mu Rwanda yibasira Abatutsi.

Marie Rose Habyarimana yabivugiye mu muhango watangujwe n’imisa yabereye muri ekleziya nini y’abakatolika iri hagati mu muji wa Buruseli mu Bubiligi, izwi nka 'Basilique Nationale du Sacré-Coeur', iri muri komine ya Koekelberg.

Marie Rose Habyarimana yagize ati: "Abacu twabuze barishwe kandi turacafise agahinda mu mutima, nta butungane [ubutabera] turaronka, turababazwa no kubona hari abibuka ababo ariko abandi bakankirwa kwibuka.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

"Twebwe umengo ntidufise uburenganzira bwo kwibuka abacu. Murabona ko hari imanza nyinshi ziba z'abiciwe, bakanaburanirwa na leta y’Urwanda, ariko urundi ruhande rwacu nta butungane turahabwa uretse kudutako ibinyoma batwita amazina atari ayacu.

"Rero mu gihe ubutungane ari ubwa bamwe, mu gihe ukwibuka bigenerwa bamwe abandi ntibahabwe ubwo burenganzira kandi turi Abanyarwanda twese... biragoye ko Abanyarwanda bakira mu mitima kuko harakenewe ukuri kuri bose kuko twese turangana, turakeneye ubutungane [ubutabera] buhabwa [butangwa] atakurobanura."

Leta y'Urwanda yakomeje kuvuga ko ata muntu ibuza kwibuka abe, ariko ko abibukwa muri iki gihe ari Abatutsi bishwe n'Abahutu b'intagondwa, mu gihe c'iminsi 100 jenoside yamaze, uhereye kw'itariki ya 7 z'ukwa kane mu 1994, n'abandi bishwe batari bashyigikiye jenoside, hatitawe ku bwoko bwabo.

Ariko ifata gushaka kuringaniza ubwicanyi bwose bwabaye muri ico gihe – burimo n'ubwagirizwa izari inyeshamba za RPF zahavuye zifata ubutegetsi – nk'uburyo bw'ipfovya n'ihakana rya jenoside.

Abitabiriye misa yo kwibuka ababo bapfanye na Prezida Juvénal Habyarimana kw'itariki ya 6/4/1994, aha ni i Buruseli mu Bubiligi, muri 'Basilique Nationale du Sacré-Coeur', kw'itariki ya 6/4/2024

Ahavuye isanamu, BBC Gahuza

Insiguro y'isanamu, Umuhango wo kwibuka abapfiriye mu ndege yari itwaye uwari Prezida w'Urwanda Juvénal Habyarimana kw'itariki ya 6/4/1994, watangujwe n'imisa muri 'Basilique Nationale du Sacré-Coeur', i Buruseli mu Bubiligi

Umuhango wo kwibuka imyaka 30 indege yari ireruye Prezida Habyarimana ikorowe hejuru y’ikibuga c’indege ca Kanombe i Kigali, witabwe n’Abanyarwanda bari hagati ya 500 na 1000.

Bari bakoraniye mu misa umuryango wa Habyarimana wari watunganije uri kumwe n’abasigwa b’imiryango y’Abanyarwanda bari kumwe muri iyo ndege bapfanye.

Abo ni Jenerali Majoro Déogratias Nsabimana yari umugaba mukuru w'ingabo, Koloneli Elie Sagatwa yari umunyamabanga yihariye wa Prezida Habyarimana, Juvénal Renzaho yari umujanama wa Habyarimana mu migenderanire n'amakungu, Dr Emmanuel Akingeneye yari muganga yihariye wa Habyarimana na Majoro Thaddée Bagaragaza yari ashinzwe ibiro vya Prezida Habyarimana.

Bose bapfuye ubwo iyo ndege yo mu bwoko bwa Falcon 50 – yari irimo n'uwari Prezida w'Uburundi Cyprien Ntaryamira – yakororwa mw'ijoro ryo kw'itariki ya 6 z'ukwa kane mu 1994.