Ibihumbi n'ibihumbi vy'abanye Zimbabwe bisanze impapuro zabo z'ubugeni zitisunze amategeko

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ibihimbu n'ibihumbi vy'abanye Zimbabwe baheruka kwubakana baguye mu gahundwe basanze impapuro zabo z'ubugeni ata gaciro zifise.
Vyagaragaye ko, kubera ikosa ryo mu butegetsi, impapuro zatanzwe mu mezi 18 aheze, ata gaciro zifise - ivyo bikaba vyagize ingaruka ku bubakanye muri ico kiringo.
Ico kibazo caje kumenyekana inyuma y'aho urwego rw'abashingwamanza rurungikiye inyandiko yo kugabishwa abashingwamanza bose hirya no hino mu gihugu.
Vyagaragaye ko impapuro zakoreshejwe mu kwandika amakete y'imvyangombwa vy'ubugeni yabandanije avuga ikigabane co mw'itegeko rigenga abubakanye rya kera, cafuswe mu 2022.
Mw'itegeko rishasha, ryatanguye kuja mu ngiro mu kwezi kw'icenda mu 2022, ryazanye impinduka zikomeye, harimwo uburenganzira bw'abubakanye biciye mu mico. Riranahana bikomeye ishingirwa ry'abana.
Urwego rw'abashingwamanza rwahanuye abo ivyo vyagizeko ingaruka gutwara impapuro zabo mu gisata kijejwe ingo n'imiryango kugira babikosore bashireko n'ikidodo.
Abashingwamanza kandi baragabisha ko mu gihe ufise izo mpapuro zitisunze amategeko, udashobora kwahukana.
Abaheruka kwubakana benshi bavuganye na BBC ntibari bazi ko impapuro bafise zishobora kuba ata gaciro zifise.
Ivyo vyatumye haba ku mbuga hwaniro abatebura bavuga ko kabaye akaryo keza ku bashaka kwahukana.
Igisata kijejwe ingo n'imiryango cabwiye ikinyamakuru ca reta The Chronicle ko n'aho bokosora izo mpapuro, badashobora badashobora gusohora izanditseko iyo ngingo nshasha reta itabimenyesheje ubwa mbere izo mpinduka biciye mu kinayamakuru.













