Qatar yemeye kubandanya ubuhuza inyuma y'ukwicuza kwa Israel ku gitero kuri Hamas

Umushikiranganji wa mbere wa Qatar n'umushikiranganji w'imigenderanire, Sheikh Mohammed bin Abdul Rahman Al Thani, aha yari mu nama yo gutegura inama yihuta y'abashikiranganji y'ibihugu vy'Abarabu na Islam i Doha, Qatar (14 Nyakanga 2025)

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji wa mbere wa Qatar Sheikh Mohammed Al Thani yashimye ''ugusaba imbabazi'' "n'ugutanga icizere'' vyavuye kwa mugenziwe wa Israel
    • Umwanditsi, David Gritten

Umushikiranganji wa mbere wa Qatar avuga ko igihugu ciwe citeguriye kubandanya utwigoro two kurangiza intambara muri Gaza, inyuma y'aho mugenziwe wa Israel amubwiriye ko yicuza ku gitero co mu kirere catumbereye abategetsi ba Hamas i Doha muri uku kwezi.

Mu kiyago kuri terefone c'impande zitatu hamwe na Donald Trump, Benjamin Netanyahu yabwiye Sheikh Mohammed bin Abdul Rahman Al Thani ko yicuza ku rupfu rw'umwe mu bashinzwe umutekano ba Qatar mu gitero co ku wa 9 Nyakanga (9) no kuvogera igihugu ca Qatar, ku bw'ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika.

Yanemeje kandi ko Israel itazosubira kugaba ibindi bitero nk'ivyo muri kazoza, nk'uko vyavuze.

Hamas yavuze ko abategetsi bayo barokotse muri ico gitero ariko ko abantu batanu bo ku rwego rutoya bishwe hamwe n'uwujejejwe umutekano wa Qatar.

Ico kiyago hagati y'abategetsi ba Israel na Qatar cabaye ku wa mbere, imbere gato y'uko Trump ashira ahabona integuro y'ingingo 20 zo kurangiza intambara muri Gaza.

Trump yavuze ko amasezerano arenze ''kuba hafi'' aca asaba Hamas kwemera ibiri mu nteguro.

Netanyahu yaremeye iyo nteguro, nk'uko vyakozwe n'abategetsi umunani b'ibihugu vy'Abarabu na Islam harimwo Qatar, yaciye iha ikopi yayo abategetsi ba Hamas i Doha.

Qatar ihaye indaro ibiro vya poritike vya Hamas kuva mu 2012 kandi ifatanya na Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Misiri mu gikorwa c'ibiganiro biziguye hagati y'uwo muhari Hamas na Israel muri aya mezi 23 aheze Gaza iri mu ntambara. Ni incuti kandi ikomeye ya Amerika muri ako karere ikaba irimwo ikambi nini ya gisirikare y'Abanyamerika.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Kuwa 9 Nyakanga, indege z'intanbara za Israel zarateye ibisasu vya misire ku rupangu rwo kubamwo ku murwa mukuru wa Qatar aho abategetsi ba Hamas bitaba ibiganiro bariko bariga integuro yaheruka y'Abanyamerika.

Hamas yavuze ko ico gitero kitashitse ku co cifuza kandi ko abantu batanu bo ku rugero rutoya bishwe, harimwo umuhungu w'umukuru mu biganiro al-Hayya n'umuyobozi w'ibiro vyiwe, hamwe n'umwe mu bajejwe umutekano muri Qatar.

Netanyahu ico gihe yari yashimitse avuga ko ico gitero cari ''gisiguritse'' kuko carondera abategetsi ba Hamas batunganije igitero co ku wa 7 Gitugutu (10) mu 2023 kuri Israel, ari co cabaye imbarutso y'intambara yo muri Gaza, kandi bakaba baragavye ibindi bitero kuri Israel kuva ico gihe.

Ariko, Qatar yavyakiranye uburakari bwinshi, ivuga ko ico cari ''igitero c'ubugizi bwa nabi'' carenze ''mu buryo bweruye ku mategeko yose mpuzamakungu n'aho ibintu bitegerezwa kugarukira''.

Trump yavuze ko ''yababajwe na buri kintu'' co muri ico gitero.

Ku wa mbere, ibiro vy'umukuru wa Amerika vyamenyesheje ko umukuru w'igihugu yari yaremesheje ikiyago co kuri terefone n'abashikiranganji ba mbere ba Israel na Qatar mu ntumbero yo gusubiza imigenderanire ''ku murongo mwiza inyuma y'imyaka yo gutanako umwikomo n'ukuvugana nabi''.

''Nk'intambwe ya mbere, umushikiranganji wa mbere Netanyahu yaravuze ko yicuza kuba igitero ca Israel ku ba Hamas muri Qatar cahitanye bitagambiriwe uwujejwe umutekano wa Qatar,'' niko itangazo ryavuze.

''Yabandanije kandi ko yicuza ko, mu kurondera abategetsi ba Hamas mu gihe c'ibiganiro ku bagizwe imbohe, Israel yavogereye Qatar aca yemeza ko Israel itazosubira kugaba ikindi gitero nk'ico muri kazoza.''

Ibiro vy'umushikiranganji wa mbere wa Israel vyasubiyemwo amajambo yiwe abwira Sheikh Mohammed ko Israel ''yicuza ko umwe mu banyagihugu banyu yishwe mu gitero cacu'' kandi ko ata ''mugambi uhari wo gusubira kubavogera muri kazoza''.

Ariko, ubushikiranganji bwa Qatar bujejwe imigenderanire bwavuze ko Netanyahu ''yasavye imbabazi ku gitero kuri Doha no kuvogera Qatar'' hanyuma yiyemeza ''kutazosubira gutera ubutaka bwa Qatar''.

Sheikh Mohammed yaciye ''ashima kuba ahawe ico cizere'' hanyuma yerekana ko Qatar ''yiteguriye kubandanya gufasha mu twigoro two kurangiza intambara muri Gaza, mu ntumbero y'umugambi w'umukuru w'igihugu ca Amerika'', nk'uko ubushikiranganji bwabandanije buvuga.

Aho iyo nkuru imenyekaniye, Netanyahu yaraneguwe cane mu gihugu ciwe n'abashikiranganji n'abashingamateka bo ku mpande zompi z'urunani rugize reta yiwe n'abatavuga rumwe na we.

''Gusaba imbabazi igihugu gishigikiye kandi giha uburyo iterabwoba ni akamaramaza,'' vyanditswe kuri X n'umushikiranganji ajejwe ikigega ca reta Bezalel Smotrich wo muri 'extreme droite'.

Umushikiranganji w'umutekano w'igihugu Itamar Ben-Gvir nawe nyene wo muri urwo ruhande yanditse ati: ''Igitero ku bategetsi ba Hamas, abateguye igitero co ku 7 Gitugutu mu gihugu c'umwansi ca Qatar - cari igitero gikenewe kandi kibereye cane''.

Umukuru w'abatavuga rumwe na reta Yair Lapid yavuze ko Netanyahu ''adakwiye gusaba ikigongwe abanyagihugu ba Qatar, ahubwo abanyagihugu ba Israel: ku gitero c'uwa 7 Gitugutu, ivyayangaye muri poritike, kugerageza gushira imbere itegeko ku bagerageza guhunga kwinjira mu gisirikare mu gihe c'intambara, gushiraho reta ya mbere isambura mu mateka ya Israel.''

Umukuru w'umugambwe utavuga rumwe n'ubutegetsi Democratic Party, Yair Golan, yavuze ko ari ''ukujakara''

''Kugira Hamas itsindwe, utegerezwa kuvanaho Bibi [Netanyahu] na Qatar,'' niko yongeyeko.

Igisirikare ca Israel cagavye igitero kuri Gaza gisubiza ku gitero ca Hamas ku bumanuko bwa Israel ku wa 7 Gitugutu mu 2023, ahishwe abantu bashika 1.200 abandi 251 bagenda batwawe bunyago.

Kuva ico gihe hamaze kwicwa abantu 66.000 muri ivyo bitero vya Israel muri Gaza, ku bw'ubushikiranganji bwa Hamas bujejwe amagara y'abantu.