Umushikirizamanza wa CPI/ICC yisiguye ku mutahe wo gufata Netanyahu mu kiganiro na BBC

Kharim Khan

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Kharim Khan yavuze ko ata ruhande yarenganije mu kurondera gufata abategetsi ba Israel n'aba Hamas
    • Umwanditsi, Ido Vock na James Gregory
    • Igikorwa, BBC News

Umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI/ICC yabwiye BBC ko ubutungane butegerezwa kugaragara ko bwakoze inyuma yo kurondera umutahe wo gufata abategetsi babiri ba Israel: umushikiranganji wa mbere n'umushikiranganji wo kwivuna abansi.

Karim Khan yavuze ko ari nkenerwa kwerekana ko iyo sentare ifata ibihugu vyose co kimwe ku bijanye n'ibishobora kuba ari ivyaha vyo mu ntambara. Yanashimye kandi ingingo ya reta nshasha y'Ubwongereza yo kuvanaho inzitizi kuri iyo mitahe yo gufata abo bantu.

Mu kiganiro na Nick Robinson wa BBC yavuze ko reta nshasha ifise imvugo nshasha ku bijanye n'amategeko mpuzamakungu. ''Kandi nibaza ko ari vyiza,'' nk'uko Khan yavuze.

Yanasavye imitahe yo gufata abategetsi batatu ba Hamas, babiri muri bo kuva ico gihe bakaba barishwe.

Mu kiganiro ku bibazo bitandukanye, yasiguye ko CPI yari ikeneye gusaba iyo mitahe yo gufata abategetsi ku mpande zompi kugira abantu irya n'ino kw'isi babone ko iyo sentare iriko irakoresha ''amategeko ku rugero rumwe hashingiwe ku bintu bihurirwako hose''.

''Iyo hasabwa imitahe ku bategetsi ba Israel ariko ntisabwe ku bo muri Gaza, [bamwe] bari kuvuga: 'emwe, ivyo ni ibara' kandi ''ivyo bishoboka gute?''' niko Khan yavuze.

''Ntushobora kugira ingendo imwe ku bihugu aho ushigikiwe, kwaba ugushigikirwa na OTAN, ibihugu vya Buraya n'ibindi bihugu bikomeye, n'iyindi ngendo aho ufise ububasha bugaragara,'' nk'uko yongeyeko.

Mu kwezi kwa gatanu, Khan yavuze ko hariho imvo zumvikana zo kwemera ko umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu n'umushikiranganji wiwe wo kwivuna abansi Yoav Gallant, n'abategetsi ba Hamas Yahiya Sinwar, Mohammed Deif na Ismail Haniyeh bafise ivyo babazwa mu vyaha vyo mu ntambara n'ivyaha bikorewe zina muntu kuva umunsi Hamas igaba igitero kuri Israel ku wa 7 ukwezi kw'icumi no kubandanya.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ariko isabwa ry'iyo mitahe ritegerezwa kubanza kwemezwa n'abacamanza ba CPI.

Khan yavuze ko umushikiranganji wa mbere n'umushikiranganjji wo kwivuna abansi ba Izrael bakekwako ivyaha birimwo kwicisha inzara abanyagihugu basanzwe nk'uburyo bwo kurwana intambara, kugandagura, gutumbereza n'ibigirankana ibitero ku banyagihugu basanzwe, hamwe no gutikiza [abantu].

Yagirije abategetsi ba Hamas kuba barakoze ivyaha birimwo gutikiza, kugandagura, gufata abantu bugwati, gusambanya ku nguvu n'amabi ashingiye ku gitsina, hamwe no kuboreza igufa.

Yaba Israel yaba na Hamas bose bariyamirije iyo mitahe. Umukuru wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Joe Biden yavuze ko gusaba iyo mitahe yo gufata abategetsi ba Israel ''ari ibara''.

Ariko Khan yabwiye BBC ko bitandukanye n'abamunegura, we yabonye ivyemezo vyashingiweko kugira hasabwe iyo mitahe.

''Nibura hari ico nsumbije abandi. Nizeye ko na bo nyene bemera ko nabonye ivyemezo. Bo ntavyo babonye,'' ni ko yavuze.

''Ivyo nasavye si ibishirwa ahabona [ngo umuntu wese abibone]. Biri mw'ibanga. Birungikirwa abacamanza ba sentare. Rero [abandi] baribaza gusa ivyemezo vyashikirijwe.''

Reta y'aba Conservative yahahora mu Bwongereza yari yavuze ko yari ifise umugambi wo kuzibira isabwa ry'iyo mitahe yibaza niba umushikirizamanza mukuru afise uburenganzira bwo gusaba umutahe wo gufata abategetsi ba Israel.

Ariko mu kwezi kw'indwi, umuvugizi wa reta nshasha y'aba Labor yasubiriye aba Conservative yavuze ko ico ari ''ikibazo ca sentare'' ko rero ata nzitizi izoshiraho.

Khan yabwiye BBC ko yaremerewe n'abategetsi bamwe bamwe ngo ntasabe iyo mitahe.

''Abategetsi benshi n'abandi barambwiye barangira inama kandi barangabisha,''niko yavuze.

Hageze ku kibazo ca Ukraine, Khan yavuze ko yemera ko umukuru w'Uburusiya Vladimir Putin [amaherezo] ''azokwinjira icumba ca sentare'', agaruka ku vyashikiye abandi bategetsi muri kahise bashikanywe imbere y'iyo sentare.

''Nta kintu na kimwe gihoraho. Ubuzima burarengana. Kandi ubuzima bwose bwa poritike burangirira mu kunanirwa,'' niko yavuze.

Putin ntiyafashwe igihe yari mu rugendo muri Mongolia, igihugu gisanzwe kiri muri CPI, n'ubwo hari umutahe wo kumufata kubera ivyaha vyo mu ntambara akekwako vyakozwe mu gitero Uburusiya n'ubu bubandanya muri Ukraine.

Umukuru w'Uburusia aronderwa no kujana mu Burusiya mu buryo buteye kubiri n'amategeko abana b'abanya-Ukraine kuva intambara itanguye mu 2022.

Uburusiya muri kahiise bwarabihakanye buvuga ko iyo mitahe ari ''ibara''.