Igipolisi mu Buhindi kivuga ko imbeba zariye ibiro 200 vy’urumogi rwafashwe

Imbeba

Ahavuye isanamu, Getty Images

Igipolisi co mu Buhindi cagiriza imbeba ko zononye hafi ibiro 200 vy’urumogi rwafashwe ruriko ruracuruzwa rukabikwa mu birindiro vy’igipolisi.

Sentare yo mu karere ka Uttar Pradesh ivuga iti: "Imbeba ni ibikoko bito cane kandi bidatinya abapolisi. Biragoye kuzinyegeza uru rumogi”.

Sentare yasavye abapolisi gushira ahabona iri banga nk’icemezo mu manza zerekeye urucuruzwa rw’ibiyayuramutwe.

Umucamanza yashize ahabona imanza zitatu aho urumogi rwariwe n’imbeba.

Umucamanza Sanjay Chaudhary avuga ko igihe sentare isabiye abapolisi kuzana uru rumogi rwafashwe kugira rube icemezo, yabwiwe ko ibiro 195 vy’urumogi “vyononywe” n’imbeba.

Mu rundi rubanza rwerekeye ibiro 386 vy’ico kiyayuramutwe, igipolisi catanze icegeranyo kivuga ko “igice kimwe” c’uru rumogi “cariwe n’imbeba”.

Umucamanza Chaudhary avuga ko hari ibiro 700 vy’urumogi rwafashwe rukabikwa ku birindiro vy’igipolisi mu karere ka Mathura kandi ko “rwose rushobora guterwa n’imbeba”.

Avugako abapolisi badafise ubuhinga bwo gutorera umuti iki kibazo kubera imbeba ari “ibikoko bito cane”.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Avuga ko inzira yonyene yo gukiza ibi bidandazwa vyafashwe kugira ngo “izi mbeba zidatinya” ntizivyonone, ari uko bigurishwa ica munara mu mazu y’ubushakashatsi be n’amakompanyi ahingura imiti, hanyuma inyungu zikaja mu kigega ca reta.

Umushingamateka Singh, umukuru w’igipolisi mu karere ka Mathura, yabwiye abanyamakuru ko urumogi hafi rwose rwabitswe mu birindiro vy’igipolisi biri hafi yiwe “rwononekaye kubera imvura nyinshi”, ko atari imbeba zarwononye.

Mu 2018 abapolisi umunani ba Argentina barirukanywe mu kazi inyuma yo kwagiriza imbeba ko ari zo zatumye inusu y’itoni y’urumogi rwari rwabitswe mu bigega vy’igipolisi rubura.

Ariko abahinga bamirira kure ibi bivugwa, bakavuga ko ibi bikoko bito bititiranije uru rumogi n’indya, kandi ko “iyo hagira imbeba nyinshi zihereza uru rumogi, nyinshi zari gutorwa mu bubiko zapfuye”.

Mu 2017, igipolisi mu karere ka Bihar kari mu buseruko caragarije imbeba ko zanyoye amalitiro ibihumbi y’inzoga yafashwe umwaka umwe inyuma y’aho reta ifatiye itegeko ribuza kugurisha no kunywa inzoga.

Mu 2018, abafundi bari bagiye gukora imashini y’amafaranga yari yononekaye mu karere ka Assam basanze inoti zifise agaciro k’imiriyoni 1,2 (ni ukuvuga ibihumbi 14,6 vy’amadorari y’abanyamerika) z’amarupiya zari zatabaguritse, bakavuga ko zari zononywe n’imbeba.