Magawa, intwari mu kumenya ahari ibisasu vya mine, yapfuye ku myaka munani

Magawa with his medal

Ahavuye isanamu, PDSA

Insiguro y'isanamu, Magawa yahawe umudari wa PDSA - rimwe na rimwe ugereranywa n'umusaraba wa George (George Cross) ku bikoko

Magawa, imbeba rurangiranwa yahawe umudari w'inzahabu ku butwari bwayo, yapfuye ifise imyaka umunani.

Mu bikorwa yamazemwo imyaka itanu, iyo mbeba yafashije gutora ibisasu vya mine birenga 100 hamwe n'ibindi biturika muri Cambodge.

Magawa niyo yabaye imbeba yabishoboye kurusha izindi yigisihijwe n'ishirahamwe ry'abagiraneza ry'ababirigi Apopo kugira zifashe abantu kumenya aho ibisasu biri kugira babitegure mu mutekano.

Iryo shirahamwe ryavuze ko iyo mbeba ikomoka muri Afrika "yapfuye mu mahoro" mu mpera z'indwi.

Ryavuze ko Magawa yari ifise amagara meza kandi ko "yamaze indwi yose iheze ikina n'akamwemwe yari isanganywe".

Ariko indwi iriko irarangira, "yaciye itangura kwikwega, itura ingiga cane (ifatwa n'itiro kenshi) kandi isa n'iyititayeho ivyo kurya mu minsi yayo ya nyuma".

Magawa yakuriye muri Tanzania, yamaze umwaka iriko irigishwa imbere yo kujanwa muri Cambodge gutangura akazi kayo ko kwimotereza ahari ibisasu. Vyibazwa ko hoba hari ibisasu vya mine birenga miriyoni zitandatu muri ico gihugu co muri Asia y'ubumanuko bushira ubuseruko.

Magawa, iyo mbeba yari yarigishijwe kumoterwa na bumwe mu bumara bugize ibisasu, yafashije gutegura ibisasu ahantu harenga metero kwadarato (m2) 141.000 ni ukuvuga hangana n'ibibuga 20 vy'umupira w'amaguru.

Yapima 1.2kg ikaba yari ifise uburebure bwa 70cm.

Mu gihe ubwo bwari ubunini n'uburebure buruta cane ubundi bwoko bw'imbeba, Magawa yari nto kandi ihwahutse bihagije ku buryo itatuma ibisasu biturika mu gihe yaba ibihonyoyeko.

Magawa yarashobora kurondera ibisasu ahantu hangana n'ikibuga ca tennis mu minota itarenga 20 - igikorwa Apopo ivuga ko umuntu afise icuma kirondera ahari ibisasu yomara hagati y'umunsi n'iminsi ine ariko arakora.

Mu 2020, Magawa yahawe umudari w'inzahabu wa PDS - rimwe na rimwe ugereranywa n'umusaraba wa George (George Cross) ku bikoko - kubera "igikorwa co kwitangira kurokora ubuzima".

Niyo yabaye imbeba ya mbere yahawe uwo mudari mu myaka 77 iryo shirahamwe ryari rimaze.

Iyo mbeba yari yafashe ikiruhuko c'iza-bukuru mu kwezi kwa gatandatu, igihe yari itanguye kuruha kubera imyaka y'ubusaza.

Iryo shirahamwe ryavuze mw'itangazo riti: "Twese muri Apopo turumva agahombo ko kubura Magawa kandi turayishimira cane ku gikorwa c'igitangaza yakoze".

"Ukumoterwa kwayo kudasanzwe" kwatumye abantu muri Cambodge babaho, bakora kandi bakina; badafise ubwoba bwo gupfa canke gucika ukuguru canke ukuboko", nk'uko iryo tangazo ribandanya rivuga.

Apopo risanzwe ryorora ibikoko vyaryo -bizwi nka HeroRats - kugira birondere ibisasu bitegwa mu kuzimu (mines) kuva mu myaka ya 1990.