Ifatwa rya Uvira na M23: Abugaraniwe i Burundi bari mu gahinda

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
- Umwanditsi, Patrick Wasso
- Igikorwa, Umunyamakuru ari mu Gatumba
"Nk'ubu mfise imbanyi y'imvuka. None ibise nivyamfatira ngaha nja kuba uwa nde? Novyarira hehe?"
Ayo ni amwe mu majambo ashikirizwa na Fatuma (izina ryahinduwe), umugore ari mu bandi Bakongomani benshi bugaraniwe mu Gatumba, hafi y'urubibe Uburundi busangiye na Repubulika ya Demokarasi ya Kongo.
Ni inyuma y'aho intambara zirangwa muri ico gihugu hagati y'umuhari witwaje ibigwanisho wa M23 n'ingabo za reta (FARDC) zimukiye mu gisagara ca Uvira gihana urubibe n'Uburundi.
Ushitse mu Gatumba, ku birometero bitanu vy'umupaka, usanga abajejwe umutekano bagizwe n'abapolisi n'abasirikare barikanuye.
Nta modoka z'abigenga, zaba iziva canke zija muri Kongo, zirekuriwe kurengana uretse iz'inzego z'umutekano n'iz'amashirahamwe afasha impunzi.
N'abagenda n'amaguru canke abagendesha amakinga n'amapikipiki ni uko nyene.
Amafirimbi y'abaporisi ni yo aguma asamirana, bariko bagerageza gutunganya uruja n'uruza.
Uhasanga abakongomani benshi bihebuye kubera babuze ingene basubira iwabo. Benshi muri bo bamuka mu gisagara ca Uvira. Bari baje mu Burundi mu ntango z'iyi ndwi, baje kurangura.
Bavuga ko badafise aho bakika umusaya. Bamwe bemeza ko barara hanze, abandi bakaryama mu nzu zabomowe n'imyuzure yateye aho mu Gatumba mu mwaka wahera.
Imibu ni myinshi. Nta n'utuzu twa surwumwe bafise. Batinya ko bashobora kwandura ingwara.
Inzego z'Uburundi ntizibemerera gusubira muri Uvira kubera ico gisagara gishobora kuba kirimwo intambara zikomeye.
Yamara, Fatuma yipfuza ko bamwugururira inzira kugira apfe kwiroha kugira aje kuraba uruvyaro rwiwe.
Agira ati: "Abana bari muhira bonyene. Umugabo wanje ntari hafi. Yagiye kurondera ubuzima i Kalemie."
"Ni co gituma mpisemwo kuja gupfira muhira hafi y'abana banje."
"Mu bisanzwe, jewe sinahunze. Naje kurangura ibidandazwa."
N'ubwo uwo mugore ashaka gusubira mu gihugu ciwe, Abakongomani bo babandanya guhungira mu Burundi ku bwinshi baciye kuri uwu mupaka wa Gatumba.
Abashika bose baca begeranirizwa ku kibuga kiri impande y'ikirindiro c'abapolisi mu Gatumba.
Inzego z'umutekano ntizemerera abamenyeshamakuru gushika muri ico kibanza.
Kuri uwu wa gatatu inyuma y'umutaga, umuhari M23 watangaje ko wigaruriye igisagara ca Uvira.
Iri fatwa ry'ico gisagara ryaje risongera isibe.
Abarundi barangurira imirimo mito mito ku mupaka canke abakora urudandaza ndengambibe bavuga ko ibintu bitagiye kworoha.
Emmanuel (izina ryahinduwe) ni umwe muri bo:
Ati: "Gushika uwu mwanya umupaka urugaye. Twebwe tuhakorera ubuzima buca buhagarara. Rasiyo ntisubira kuboneka. Duca twicara."
"Twosaba ko Kongo yogira ico ikoze umutekano ukagenda neza, imigenderanire isubire kumera neza, imipaka yugururwe, kugira natwe dushobore gukora akazi."
Umupaka wa Gatumba, uzwi kandi nk'uwa Kavimvira, ni umwe mu mihora ikomeye Uburundi bwikorako mu kwinjiza ibidandazwa, harimwo n'igitoro gisanzwe gikenye muri iki gihugu.
Igisagara ca Uvira kiri ku birometero 30 vy'umugwa mukuru w'ubutunzi w'Uburundi, Bujumbura.
Ibarabara rya Gatumba, ni ryo barabara ryonyene rya hafi rishika muri Uvira uvuye i Bujumbura, hambavu y'inzira yo mu kiyaga Tanganyika.
Reta y'Uburundi yagiriza Urwanda gufasha umuhari M23, igashimangira ko kuba uwo muhari ubandanya wigarurira uburere ku ruhande rwegereye Uburundi bigamije guhungabanya umutekano w'Uburundi.
Urwanda rwamirira kure ivyo rwagirizwa. N'umuhari M23 uvuga ko ata mugambi wo gutera Uburundi ufise.
Kuva intambara zitanguye gukara cane mu burere bwegereye Uburundi mu ndwi iheze, ibihumbi n'ibihumbi vy'impunzi z'Abakongomani bibandanya kwisukira vyinjira mu Burundi.
Igitigiri nyezina c'izo mpunzi ntikiramenyekana.
Ariko kije ciyongera ku bandi barenga 100,000 bahungiye mu Burundi mu ntango z'uwu mwaka no mu mwaka uheze.














