Pakistan: Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere yarashwe arakomereka mu myiyerekano

Imran Khan
Insiguro y'isanamu, Imran Khan atwawe n'imodoka inyuma yo kuraswa ari mu myiyerekano

Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Pakistani, Imran Khan, yakomerekejwe n'urusase ku kuguru igihe yaraswa ari mu myiyerekano mu gisagara co mu buseruko ca Wazirabad.

Umutegetsi wo mu rwego rwo hejuru yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko cari igikorwa "co kugerageza kwica", ariko igipolisi ntikiremeza ko ari we yaronderwa.

Abanywanyi b'umugambwe wiwe wa PTI bavuga ko abandi bantu bane bakomeretse.

Khan w'imyaka 70 ni we yari ayoboye iyo myiyerekano ku mugwa mukuru Islamabad basaba ko hapa amatora ikiringo kitararangira inyuma yo gukurwa ku butegetsi mu kwezi kwa kane.

Uwo yahoze ari umushikiranganji wa mbere yabonetse ajanywe kwa muganga i Lahore. Umuvugizi w'umugambwe wiwe yavuze ko yababaye ku murundi.

Uwundi mutegetsi w'umugambwe, umushikiranganji w'amagara y'abantu w'akarere, Yasmeen Rashid, yavuze ko Khan ataremvye cane.

Igipolisi cerekanye video y'umugabo bahagaritse bavuga ko ari we yahatswe kwica uwo yahoze ari umushikiranganji wa mbere.

Ntibiramenyekana uko iyo video yafashwe, ariko muri yo, uwo mugabo yariko arabazwa n'igipolisi igituma yarashe, aca yishura:"Yariko arajana abantu mu nzira itari yo. Nashaka kumwica. Nagerageje kumwica."

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Amasanamu ya video y'aho vyabereye yerekana Khan n'abayoboke biwe baryama hejuru ya kontenere ijamwo y'ikamyo itwaye imizigo imbere y'uko humvikana urufasha rw'amasase rwumvikana. Haboneka Khan yunamye, mu gihe abandi bari bamuzungurutse bariko baragerageza kumupfuka.

Iyindi video yerekana Khan akomeye afise ibande ku kuguru kw'i buryo, ajanywe mu modoka inyuma yo kuraswa.

Umwe mu bayoboke b'umugambwe PTI na we nyene yabonetse afise ibande mu maso n'amaraso ku mpuzu, avuga ko abantu bakwiye gusengera Khan n'abandi bakomeretse.

Umutegetsi wo mu rwego rwo hejuru muri uwo mugambwe Raoof Hassan yegereye cane Khan yabwiye itororokanirizo ry'amakuru rya AFP ati:"Kwari ukugerageza kumwica, kumugandagura."

Umushikiranganji wa mbere ahari ubu Shehbaz Sharif yateye ivyatsi ico gitero aca ategeka ko haba amatohoza ubwo nyene. Prezida Arif Alvi yavuze ko ivyabaye kwari "ukugerageza kugandagura umuntu bunyamaswa."

Khan yari arongoye imyiyerekano - iyigira kabiri nk'iyo muri uyu mwaka - mu misi indwi, ahamagarira ko hoba amatora mashasha.

Reta iguma ivuga ko izotunganya amatora mu mwaka uza nk'uko bitegekanijwe.

Mu kwezi guheze, akanama kajejwe gutegura amatora karafashe ingingo yo kubuza Khan gukora amabanga ayari yo yose y'igihugu, ivyo uwo yahoze ari rurangiranwa mu rukino rwa Cricket avuga ko ari ingingo yinyegeje inyuma ya politike.

Yagirijwe ko atagiye aramenyesha ido n'ido ry'utuganuke yagiye arahabwa n'abategetsi bo mu bindi bihugu n'amahera yavuye mw'igurishwa ryatwo. Utwo tuganuke turimwo amasaha yo mu bwoko bwa Rolex, impeta,...

Pakistan ifise kahise kabi k'ubwicanyi bushingiye kuri politike.

Ubwamenyekanye cane, n'iyicwa ry'umushikiranganji wa mbere Benazir Bhutto mu myiyerekano yo mu 2007.