Pakistan: Akamo k'imfashanyo mu gihe abantu 119 bapfuye bazize umwuzure

Abateshejwe izabo muri Pakistan

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abateshejwe izabo muri Pakistan, i Jafarabad muri Balochistan

Pakistani yateye akamo ko gusaba imfashanyo y'amakungu mu gihe umwuzure uriko uratema utongora igihugu, abantu bakaba bariko barahungira ahantu hahanitse, humutse.

Igitigiri c'abantu bamaze gupfa kiramaze gushika 1.033 - 119 bakaba bapfuye mu masaha 24 aheze, nk'uko bivugwa n'igisata c'igihugu kijejwe kugwanya ibiza.

Abategetsi bavuga ko Reta zunze Ubumwe za Amerika, Ubwongereza, Reta zunze Ubumwe z'Abarabu hamwe n'ibindi bihugu bitavye ako kamo, ariko haracakenewe izindi mfashanyo nyinshi.

Bongerako ko reta ya Pakistani iriko irakora ibishoboka vyose mu gufasha.

Avugira kuri BBC, umutegetsi wo mu bushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu, Salman Sufi, yavuze ko igihugu gikeneye cane imfashanyo y'amakungu.

Yagize ati:"Pakistani isanzwe iri mu bihe vy'ubutunzi bikomeye, ariko ubu mu gihe twagira tubisohokemwo, ivyago vy'umwuzure biciye bitera."

Yongeyeko ko uburyo bwari bugenewe imigambi y'iterambere bwatumberejwe ku bantu basizwe iheruheru.

Inkuru zitangwa n'ikimenyeshamakuru Dawn, umushikiranganji wa mbere wa Pakistani Shehbaz Sharif yatangaje imfashanyo y'imiliyoni 45 z'amadolari ku ntara ya Pakthunkhwa imerewe nabi gusumba.

Sharif yavuze ko umuryango wose wasizwe iheruheru n'umwuzure ashobora kuzohabwa amadolari 112, akaba ashobora gutangwa mu kiringo c'indwi imwe.

Abantu bariko barajabuka umwuzure mw'ibarabara mu gisagara ca Karachi

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Abantu bariko barajabuka umwuzure mw'ibarabara mu gisagara ca Karachi

Mu buraruko bushira uburengero, abantu ibihumbi n'ibihumbi barataye izabo inyuma y'aho inzuzi zo mu ntara ya Khyber Pakhtunkhwa ziseseye zituma haba umwuzure urenze urugero.

Junaid Khan w'imyaka 23 yabwiye itororokanirizo ry'amakuru rya AFP ati:"Inzu twubatse imyaka myinshi bitugoye yatanguye gutwarwa imbere y'amaso yacu. Twaciye twicara iruhande y'ibarabara inzu twarota kuronka itwarwa turorera."

Intara ya Sindh iri mu bumanuko bushira ubuseruko bw'igihugu na yo nyene yarasinzikaye, aho abantu ibihumbi n'ibihumbi bataye izabo.