Namibia yarahije perezida wayo w'umugore

Ahavuye isanamu, Reuters
Perezida musha wa Namibia yarahiye kuri uno wa gatanu kuyobora igihugu mu gihe harangwa ubushomeri, ubusumbane n'ubukenene.
Mu vyo agiye kunigana navyo harimwo kuba umukuru w'igihugu agize kabiri w'umugore agiye ku butegetsi biciye mu matora muri Afrika, akaba abaye uwa mbere muri Namibia.
"Ibintu bigenze neza, azoba abaye intangarugero", nk'uko Netumbo Nandi-Ndaitwah yabibwiye ikiganiro BBC's Africa Daily podcast. Yongeyeko ko "ariko hagize ikiba, nk'uko bishobora gushikira ubugetsi ubwo aribwo bwose, n'aho bwoba buyoborwa n'umugabo, bazogira bati 'ehe abagore!".
Uyu mukenyezi w'imyaka 72 yatsinze amatora mu kwezi kwa 11 ku majwi 58%.
Nandi-Ndaitwah yabaye umuyoboke kuva kera w'umugambwe Swapo, (South West Africa People's Organisation) – wabaye ku butegetsi kuva igihugu kironse intahe yo kwikukira mu 1990, inyuma y'igihe kire kire bahanganye n'intwaro ya karyanishamiryango y'abazungu muri Afrika y'epfo.
Yagiye muri Swapo, ico gihe wari ukiri umuhari wo kwibohora kuri Afrika y'epfo yatwarwa ahanini n'abazungu, agifise imyaka 14 gusa.
N'ubwo umugambwe wabayemwo amahinduka menshi, ukanatuma ubuzima bw'abirabure benshi buhinduka, amasigarira y'irangira ry'intwaro ya apartheid aracibonekeza uravye uko ubutunzi busabikanije, ndetse n'amatongo.
Yabwiye BBC imbere yo kwimikwa ati "vy'ukuri, amatongo kiracari ikibazo gikomereye iki gihugu".
"Turacafise abazungu bifatiye amatongo harimwo mbere n'abatahari"
Yavuze ko azogendera ku ngingo y'uko hagura uwushaka hakagurisha uwushaka, bisobanura ko ata n'umwe azonyagwa itongo ngo arigurishe ku nguvu.
Namibia n'igihugu cagutse gifise abanyagihugu baharurwa muri miliyoni zitatu.
Ibiharuro vya leta y'ico gihugu vyo mu 2023 bigaragaza ko ibice 70% vy'amatongo yo mu gihugu biri mu minwe y'abazungu. Abo nabo ni nka 53,773, n'ukuvuga ibice 1.8% vy'abanyagihugu bose ba Namibia.
Namibia kandi kirangwamwo ubusumbane budasanzwe ugereranije n'ahandi kw'isi, nk'uko bigaragara mu cegeranyo c'ibanki y'iyi yose, external, ivuga ko ubukene buzoguma buri hejuru (17% muri 2024).
Urugero rw'abatagira akazi narwo rwaraduze kuri 36.9% mu 2023 ruvuye kuri 33.4% mu 2023, nk'uko biri mu biharuro vy'ikigo ca leta.
Nandi-Ndaitwah yavuze ko ubutunzi, ahanini buzeye inze ku mabuye y'agaciro, bukwiye kwitaho kwongera agaciro ku bicukurwa muri ico gihugu, aho gushora ibidahinguwe.
Ikindi yifuza n'uko Namibia yokwibanda ku nganda z'ibikorerwa mu gihugu n'abanya Namibia ubwabo kandi igisata c'indero kigasubirwamwo bisunze ibikenewe mu gihugu.
Nandi-Ndaitwah abaye umukuru w'igihugu wa kabiri muri Afrika, atsinze amatora ya bose mu kibanza ca perezida, inyuma ya Ellen Johnson Sirleaf wo muri Liberia.
Uwundi mukuru w'igihugu w'umugore kuri uwo mugabane ni uwa Tanzania Samia Suluhu Hassan, yagiye muri ico kibanza inyuma y'urupfu rw'uwo yasubiriye mu 2021.
Nandi-Ndaitwah yifuza ko bazomufatira ku vyo akoze, ariko arashima ko isi ihaye irabona ko nk'abagabo, n'abagore bashobora gushingwa amabanga y'ubutegetsi.













