OTAN yamiriye kure iciyumviro ca Macron co kurungika ingabo muri Ukraine

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Na Lipika Pelham & Lou Newton
- Igikorwa, BBC News
Ibihugu bitari bike vya OTAN/NATO, harimwo Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ubudagi n’Ubwongereza, vyamiriye kure ivyo kurungika ingabo zirwanira ku butaka, inyuma y’aho Perezida Emmanuel Macron w’Ubufaransa avugiye ko ata kintu "na kimwe cokwiyobagizwa".
Perezida Macron yavuze ko ata "mwumvikano wari bwahabe" wo kurungika ingabo z’Uburengero muri Ukraine.
Umuvugizi wa Kremlin (ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburusiya) Dmitry Peskov agabisha ko hoca haba intambara itaziguye ari nka hamwe OTAN yoramuka irungitse ingabo muri Ukraine.
Ingabo z’Uburusiya ziherutse gutera intambwe ikomeye muri Ukraine, nayo ikabandanya isaba ishimitse ko yorungikirwa ibindi birwanisho.
Perezida Macron yabwiye abanyamakuru ku mugoroba wo ku wa mbere ati: "Ariko ntitwokwiyobagiza ko hashobora kuba ikibazo c’umutekano cosigura imvo zimwe zimwe zo kurungika ingabo.
"Ariko nabibabwiye neza aho Ubufaransa buhagaze gushika ubu, ni umukenyuro wo kudatomora ibintu kandi nsanzwe nshigikiye”.
Uno mutegetsi w’Ubufaransa yavugiye ibi ku mugwa mukuru Paris, ahasanzwe hariko habera inama yo kwiga ikibazo ca Ukraine, yitabwe n’abakuru b’ibihugu vya Bulaya, hamwe n’abategetsi ba Amerika na Canada.
Intambara yuzuye yatangujwe na Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya kuri Ukraine ubu yinjiye mu mwaka ugira gatatu, ata kimenyetso na kimwe cerekana ko ino ntambara ya mbere nini ku mugabane wa Bulaya kuva ku ntambara ya kabiri y’isi yose ishobora kurangira vuba.
Amajambo ya Macron yatumye abandi bategetsi b’ibihugu vya Bulaya n’ivya OTAN bagira ico bayavuzeko.
Perezida Joe Biden wa Amerika yemera ko "inzira y’intsinzi" ari ugutanga imfashanyo ya gisirikare "kugira ngo ingabo za Ukraine zironke ibirwanisho n’amasasu zikeneye mu kwivuna", nk’uko biri mw’itangazo rya Maison Blanche/White House (ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Amerika).
Ryongerako riti: "Perezida Biden aratomora neza ko Amerika itazorungika ingabo kurwana muri Ukraine".
Umukuru wa reta y’Ubudagi Olaf Scholz avuga ko ata mpinduka zabaye ku mwumvikano usanzwe uhari w’uko ata gihugu ca Bulaya canke ca OTAN kizorungika ingabo muri Ukraine.
Umuvugizi w’Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza Rishi Sunak avuga ko iki gihugu ata mugambi gifise wo kurungika ingabo muri Ukraine, hejuru y’ingabo nkeya zisanzwe ziriko zirigisha ingabo zayo.
Ibiro vy’umushikiranganji wa mbere w’Ubutaliyano Giorgia Meloni bivuga ko imfashanyo y’Ubutaliyano itarimwo “irungikwa ry’ingabo z’ibihugu vya Bulaya canke vya OTAN ku butaka bwa Ukraine".
Peskov, kw’izina rya Kremlin, avuga ko amajambo ya Macron ari "ikintu gishasha gikomeye cane”, akongerako y’uko ata nyungu vyozanira ibihugu vya OTAN.
Ati: "Muri ico gihe, ntitwoba tugikeneye kwibaza nimba [intambara itaziguye] ishoboka, ahubwo twotegerezwa kuvuga ibijanye no kuyizibira ".
Imbere y’aha, umunyamabanga mukuru wa OTAN, Jens Stoltenberg arahakana ko batariko bihweza ingene borungika ingabo muri Ukraine, ariko agashimangira ko uru runani rwo kwivunira umwansi hamwe ruzobandanya rufasha Ukraine, igihugu kitari muri OTAN.
Ibi bisubirwamwo n’ibihugu bitari bike vya OTAN harimwo Espagne, Pologne, Repubulika ya Tchèque.
Uburusiya bufise vya muzinga vyinshi cane kandi igisirikare cabwo gisumba kure cane ica Ukraine kigendera cane ku birwanisho vya none bitangwa n’incuti zayo z’Uburengero, cane cane Amerika.
Umubonano ‘wa mbere ugoye'
Ejo ku wa kabiri Biden yasavye abategetsi b’inama nshingamateka na nkenguzamateka kwemeza imfashanyo ya Amerika ingana n’imiriyaridi 95 z’amadorari y’Abanyamerika, irimwo imiriyaridi 60 zigenewe Ukraine, hari mu nama yabereye muri Maison Blanche.
Iyi mfashanyo iracateza impari mu nama nshingamateka ya Amerika. Umukuru w’inama nshingamateka, Umurepubulika Mike Johnson yatsimbataye ku cipfuzo ciwe, ashimangira ko ari ngombwa ko habanza kuba impinduka zindi ku bijanye n’umutekano wo ku rubibe Amerika ihana na Mexique.
Johnson avuga ko iki kibazo ari co kiza imbere y’ibindi vyose, kandi Biden yaramaze kwemera gushira izi mpinduka muri ino mfashanyo – ariko Abarepubulika ntibararekura.
Umukuru w’inama nkenguzamateka, umu-Democrat Chuck Schumer avuga ko ari wo mubonano “wa mbere ugoye” yitavye kuva abaho.
Gushika ubu, Amerika ni co gihugu giha Ukraine imfashanyo ya gisirikare nini gusumba ibindi bihugu vyose, ikaba imaze gutanga imiriyaridi 42,2 z’amadorari y’Abanyamerika gushika ku wa 15 Nzero (1), nk’uko vyerekanwa n’ikigo Kiel Institute.
Ubudagi ni ubwa kabiri, aho muri ico kiringo bumaze gutanga imiriyaridi 17,7 z’ama-euro (amafaranga y’Abanyabulaya), bugakurikirwa n’Ubwongereza bumaze gutanga imfashanyo ya gisirikare ifise agaciro k’imiriyaridi 9,1 z’ama-euro.
Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yitabiriye iyo nama ku wa mbere akoresheje ubuhinga bwa videwo yabwiye abari muri yo ko "ivyo dukorera hamwe vyose vyo kwivuna Uburusiya vyongereza umutekano w’ibihugu vyacu mu myaka mirongo iri imbere".










