Abantu isinzi bagiye gutegera ikiziga ca Raila Odinga yahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Kenya

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Wycliffe Muia
- Yakoze inkuru ari, Nairobi
- Umwanditsi, Basillioh Rukanga
- Yakoze inkuru ari, Nairobi
Igipolisi co muri Kenya carashe ivyuka bikoroza amosozi kw'isinzi ry'abantu bagandariye Odinga bari ku kibuga c'umupira co mu murwa mukuru Nairobi, baje gusezera ubwa nyuma umubiri w'uwahoze ari uwo yahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Kenya, umaze gushika ukuwe mu Buhindi aho yapfiriye.
Bivugwa ko abantu benshi bakomeretse muri ako kavuyo mu gihe abajejwe umutekano bariko barondera gushwiragiza isinzi ry'abantu ryari rihari.
Abantu baharugwa mu bihumbi bagandaye bitwaje uduti n'amashami y'ibigazi bari bazindutse gutegera ikiziga ku kibuga c'indege gikuru c'ico gihugu, bikaba vyatumye ibikorwa bihagarara akanya gato.
Abategetsi bavuze ko abagandaye bashoboye kwinjira mu bibanza bibujijwe kwinjiramwo, bituma haba igikorwa co "kugura mu kwiyubara" , bikaba vyamaze nk'amasaha abiri.

Ahavuye isanamu, Reuters
Kubera abantu benshi cane batari bitezwe, umugirwa wo gusezera ikiziga ciwe ku bantu bose waciye wimurigwa mu kibanza c'inkino mpuzamakungu ca Moi International Sports Centre i Nairobi, aho kubera mu nyubakwa y'inama nshingamateka aho vyari vyategekanijwe ko bibera.
Kuva ku kibuga c'indege, abantu baharugwa mu bihumbi bagize urugendo kugira ngo baherekeze imodoka yari ireruye ikiziga gushika ku kibuga c'inkino, ku birometero nka 10 uvuye mu gisagara hagati.
Ikiziga cashikiye ku kibuga cuzuye abantu benshi hamwe n'abandi benshi bari hanze.
Abantu benshi cane bari bazindutse bakoranira imbere y'uburuhukiro bwa Lee Funeral Home, no hirya no hino y'inyubakwa y'inama nshingamateka.
Umwe mu bagandaye yari hafi y'ikibuga c'indege yabwiye BBC ati: "Nashitse hano sakumi na zibiri z'igitondo. Twamye ku kibuga c'indege gutegera Baba [izina ry'iritazirano rya Odinga]."
"Turababaye, dusigaye nk'aho turi impfuvyi. Ni umuvyeyi wacu."
William Otieno Adoyo atwara ipikipiki yavuze ko "Baba yari intwari gushika apfe".
Yabwiye BBC ati: "Turashaka kubona Baba, tuzomenya gute ko ari we ari mw'isandugu? Reka bamutwereke bizoba bikwiye".
Gusezerwa ubwa nyuma n'ubutegetsi bizobera ku kibuga c'umupira w'amaguru ca Nyayo i Nairobi ku wa gatanu, ku wa gatandatu ikiziga ciwe gice kijanwa i Kisumu, igisagara co mu burengero bwa Kenya ku nkengera y'ikiyaga Victoria - igisagara afisemwo abayoboke benshi.
Abanyagihugu bazoronka akaryo ko kumusezera ubwa nyuma imbere y'uko ashingurwa ku musi w'Imana mw'itongo ryiwe i Bondo, ku birometero 60 mu burengero bw'igisara ca Kisumu.
Nk'uko umuryango ubivuga, ni icipfuzo ca Odinga ko yoshingurwa mu kiringo gitoyi cane gishoboka, bikunze nko mu masaha 72.
Uwo yahoze ari umushikiranganji wa mbere ashengeye ku myaka 80, yararavye mu gihe yariko aragendagenda mu Buhindi ku musi wa gatatu mu gitondo, aca ajanwa mu bitaro vya Devamatha, ku bilometero nka 50 mu buseruko bw'igisagara ca Kochi kiri ku mweya.
Hatangajwe ikigandaro c'imisi indwi. Ruto yavuze ko Odinga kandi azoherekezwa mu cubahiro na leta mu mugirwa wa gisirikare.
Yari umuntu akomeye cane muri politike ya Kenya kandi yamaze imyaka myinshi ari umukuru w'abatavuga rumwe n'ubutegetsi muri ico gihugu, aho yatsinzwe incuro zitanu mu matora y'umukuru w'igihugu, ayaheruka akaba yari yabaye mu myaka itatu iheze.













