Rumonge iratabaza ko 'yarengewe' n'impunzi z'Abanyecongo

- Umwanditsi, Patrick Wasso
- Igikorwa, Umunyamakuru i Bujumbura
Ushitse ku kibuga c'umupira w'amaguru ca Rumonge, biragoye kuronka aho uhonyora kubera ubwinshi bw'impunzi ziharundaniye kuva ku wa gatandatu w'indwi iheze. Wakirwa n'amarira y'abana, abavyeyi babo batazi ico bari bukore, kuko na bo nyene bavuga ko bataye umutwe.
Ibi kandi ni ko bimeze ku kivuko c'iki gisagara ca Rumonge kiri ku kiyaga Tanganyika, ari na ho izi mpunzi zishikira mu kwinjira mu Burundi zije n'ubwato.
Mu gatondo k'ejo ku wa mbere, musitanteri wa komine Rumonge Augustin Minani yaragendeye izi mpunzi, zimwe zigandagaje imbere y'ibiro vyiwe be no kuri ico kibuga nyene kitari kure y'ibi biro.
Yagize ati: "Twarengewe n'ibitigiri vy'umurengera vy'impunzi turonka ku musi ku musi."
Mu bibazo musitanteri avuga bihanze izi mpunzi, harimwo ibifungurwa, kutagira amazu babamwo, utuzu twa surwumwe tudakwiye. Ati: "Vy'ukuri, kubakira ntivyoroshe".
"Dutera akamo umuntu wese yoshobora kugira ico afashije ko yofasha kugira ngo aba bantu ntibahave bagira ibibazo biruta ivyo bahunze".
Ahamagarira kandi abanyagihugu ba Rumonge gushika mu bibanza izi mpunzi zashikiyemwo kugira ngo bashobore kuzifasha, cane cane nko mu kuzironsa ibifungurwa n'amakara.
Nta gitigiri nyezina atanga kuko ziguma ziyongera, ariko ko gushika ubu komine yiwe imaze kwakira abari hagati y'ibihumbi 10 n'ibihumbi 20.
Ishirahamwe ryitaho impunzi kw'isi HCR rivuga ko gushika ubu impunzi zimaze kwinjira mu gihugu zababa ibihumbi 64, kandi ko ryiteze ko n'iki gitigiri kibandanya ciyongera.
Mu rwandiko ryaraye risohoye ritera akamo ko ibintu bimeze nabi, rivuga ko ibibazo nyamukuru bihanze izi mpunzi harimwo ikena ry'ivya nkenerwa mu buvuzi, kuronka aho bakika umusaya, abana bihungana canke batandukanye n'abavyeyi babo hamwe n'urugero runini rw'abagore bisanga mu kaga.
Asaba ishirahamwe HCR ko ryokora ibishoboka kugira ngo impunzi zishobore kwimurirwa mu kibanza cagutse categuwe na reta muzi zone Bweru ya komine Ruyigi mu ntara ya Buhumuza, mu buseruko bw'Uburundi.
Kuva igisagara ca Uvira gifashwe n'inyeshamba za M23 zivugwa ko zishigikiwe n'Urwanda nubwo rworwo rubihakana, haciye hatangura kwisukira impunzi nyinshi mu Burundi, zimwe zinjirira ku rubibe rwa Gatumba, izindi zigaca mu kiyaga Tanganyika.

Abahunga bavuga ko amahano bahura nayo ateye ubwoba.
Riziki Noella, w'imyaka 30, yaje ava mu karere ka Baraka, agira ari: "Nahunze niruka, ibintu vyose vya nkenerwa narabitaye mu nzu, nta kintu nahunganye atari abana banje batanu abandi babiri sinzi aho bageze. Umugabo wanje na we sinzi iyari.
"Ndasavye abakuru b'ibihugu vya Congo n'Uburundi kutwumvira ikigongwe, batwakire nk'Abarundi kuko ubuhungiro ni ingorane."
Byabula Alimasi afise abana icenda, yageze mu Burundi kuva ku wa Mungu n'aba batanu, abandi akaba atazi iyo bari.
Agira ati: "Ikintu kizima c'akamaro mfise ni abana banje gusa. Ndi umupfakazi, mfise akana k'uruyoya k'indwi zibiri, nta maberebere mfise ngo ndamwonse. Inzara iratwishe. Nta mfashanyo turaronka, mbere ntiturafungura kuva tugeze aha."
Izi mpunzi zirashima ingene zakiriwe mu Burundi, ariko hari zimwe zivuga zitabinezererewe, zikanegura ukungene bamwe mu badandaza baca bikika mu kiza bakaduza ibiciro uko bashatse, nk'uko Ajax Ramadhani, w'imyaka 25, abibona.
Ano namusanze ku Kivuko ca Rumonge ariko yisinzirirako kubera uburuhe bw'urugendo, yavuze ko yakiriwe nabi.
Ati: "Abarundi baratwakiriye neza ariko hari abariko bikika mu kiza mu kutudugirizako ibiciro.
"Igitumbura kimwe turiko tukigura amahera 500 y'amakongomani mu gihe kigurwa 500 y'amarundi. Ufise ibihumbi 10 vya Congo, baguha ibihumbi 10 vy'amarundi. Tumerewe nabi."
Ahandi izi mpunzi zashikiye muri iyi komine nyene, ni muri zone Gatete, na ho nyene bikavugwa ko barengewe.
Ikigo kiri ku mutumba wa Makombe muri iyo zone, uno musi gihaye indaro impunzi zababa 4000 mu gihe gitegekanirijwe abantu 500 gusa.













