Harry Maguire wa Manchester United yahaye imbabazi umushingamateka wo muri Ghana yari yamushinyagurije

Mu mwaka uheze, Harry Maguire yarashinyagurijwe n’umusingamateka w'umunya-Ghana Isaac Adongo atavuga rumwe n'umugambwe uri ku butegetsi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mu mwaka uheze, Harry Maguire yarashinyagurijwe n’umushingamateka w'umunya-Ghana Isaac Adongo atavuga rumwe n'umugambwe uri ku butegetsi

Umukinyi Harry Maguire wa Manchester United yemeye gutanga imbabazi asabwa n’umushingamateka w'umunya-Ghana yamushinyagurije mu mwaka uheze.

Isaac Adongo yaratwengeje abashingamateka mu mwaka uheze, igihe yavuga ko Maguire ari yo “ngorane nyamukuru ku ruhande rw’inyuma rwa Manchester United”, hari mu cicaro [c'inama nshingamateka] co kwiga amafaranga [akoreshwa na reta].

Ico gihe, umushingamateka Adongo yagereranije ingene icegera c'umukuru w'igihugu Mahamudu Bawumia yatunganije ikibazo c'ubutunzi n'ingene Maguire yigenza mu kibuga.

Maguire yari amaze igihe anegurwa cane n'abafana bamwe bamwe ariko bagenziwe bakinana bamufashe mu mugongo.

Ku wa kabiri, Adongo yavuze ko ashaka gukosora ivyo yavuze aca ashimagiza Maguire nk'''umukinyi ahindura ibintu mu mupira w'amaguru''.

Yari ''umukinyi akomeye'' wa Manchester United, niko Adongo yavuze muri ico cicaro co kwiga amafaranga.

Ariko ntiyaretse ivyo kunegura icegera c'umukuru w'igihugu.

''Naho kuri Maguire wacu, ubu ari muri FMI/IMF [Ikigega mpuzamakungu] n'igikombe mu ntoke,'' nk'uko yabandanije avuga.

Aciye ku rubuga rwa X rwahoze rwitwa Twitter, Maguire yishuye avuga ati: “Mushingamateka Isaac Adongo, imbabazi urazihawe. Vuba duhurire i Old Trafford [ikibuga ca Manchecter United]”.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Bawumia ni we arongoye umugwi wa reta wo gutunganya ibijanye n'ubutunzi mu gihe Ghana iri mu bihe vya mbere bigoye mu butunzi mu myaka myinshi.

Mu gihe umwenda wa reta wiyongeye cane, vyabaye ngombwa ko igihugu caka FMI irindi deni rya miriyaridi 2,4 z'amadorari ($).

Mu kwezi kwa Kigarama (12) mu 2022, urugero rw'iduga ry'ibiciro rwashitse aho rutari bwigere rushika ku 54% ariko kuva ico gihe rwaramanutse rushika ku 35%.

Haraheze umwaka Adongo yari yagereranije Bawumia na Harry Maguire, mu kuvuga ko uwo mukinyi '' yari umuntu wa mbere ageramiye igice co hagati c'abakinyi b'inyuma muri Manchester United''.

Igihe yabivuga, uwo mukinyi yari asanzwe ariko aranegurwa cane.

Umumenyereza w'Ubwongereza, Gareth Southgate yariyamirije uko kumushinyaguriza ''nk'ugufata umuntu mu buryo buteye isoni'' kandi avuga ko uwo mukinyi yabaye ''vy'ukuri umwizigirwa'' w'uwo mugwi.

Nyina wa Maguire nawe yaragwaniye umuhungu wiwe avuga ko kumushinyaguriza gutyo ''bibabaje kandi bitokwihanganirwa''.

Ku bwa Adongo, reta ya Ghana vyabaye ngombwa ko iduza amakori n'ama tagisi (taxes) ku vya nkenerwa mu buzima bwa minsi yose kubera uwo mwumvikano w'ideni na IMF.

Ivyo vyatumye haba agashavu kenshi mu banya-Ghana bituma haba n'inyiyerakano yo kwiyamiriza ubuzima buguma buzimba hamwe n'ukwiyongera kw'ubushomeri mu kazi.

N'aho biri uko, umugambwe uri ku butegetsi muri Ghana, New Patriotic Party (NPP) watoye Bawumia ngo abe ari we azowuserukira mu matora y'umukuru w'igihugu yo mu 2024.

Azoba abaye uwa mbere w'umu-Islam yitoje mu kibanza c'umukuru w'igihugu kw'izina rya NPP kuva intwaro y'imigambwe myinshi igarukanywe muri Ghana mu 1992.

Bawumia yiyemeje kurongora NPP ''yiyunze kandi ifise inguvu'' muri ayo matora kandi ko ''ari wo mugambwe wonyene ushobora guhindura Ghana''.