Trump yasavye ko abatagira aho baba ''buno nyene" bava i Washington DC

Amahema abantu bacumbitsemwo ariko arasamburwa mu gisagara i Washington DC mu 2023. Abakozi bambaye amasarubete n'udufukamunwa. Imicafu iboneka irundanye imbere ya rimwe muri ayo mahema y'amabara y'ubururu n'iryera. Hari ibiti binini n'amazu biboneka hirya y'ikibanza rusangi co gusamiramwo akayaga

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Amahema abantu bacumbitsemwo ariko arasamburwa mu gisagara i Washington DC mu 2023
    • Umwanditsi, Max Matza
    • Igikorwa, BBC News

Perezida wa Reta Zunze Ubumnwe za Amerika Donald Trump yavuze ko abantu batagira aho baba bategerezwa kuva i Washington DC mu gihe yarahiye ko agira ahangane n'ubukozi bw'ikibi muri ico gisagara, ariko umukuru waco yiyamirije ivy'uko ibiro vy'umukuru w'igihugu, Maison Blance, bigereranya umurwa mukuru wa Amerika na Baghdad muri Irak.

Uwo mukuru w'igihugu wo mu mugambwe w'aba 'Republicain' yanamenyesheje ko aza kuremesha ikiganiro kuri uyu wa mbere kugira asigure umugambi wiwe wo kugira ico gisagara ''gitekane kandi kibe ciza kurusha ibihe vyose''.

Umukuru w'igisagara Muriel Bowser, umu-Democrate, yavuze ati: '' Nta bukozi bw'ikibi bwiyongereye bidasanzwe.''

Trump mu kwezi guheze yashize umukono kw'itegeko-bwirizwa ryorosha ihagarikwa ry'abantu batagira aho baba, ku ndwi iheze na ho aca ategeka abajejwe kwubahiriza amategeko ku rwego rw'igihugu gushwara amabarabara ya Washington DC.

''Abatagira aho baba bategerezwa kuva mu gisagara, BUNO NYENE,'' ni ko Trump yanditse ku rubuga hwaniro rwiwe, Turth Social, ku wa mungu. ''Tuzobaha ibibanza mubamwo, ariko KURE y'umurwa mukuru. Inkozi z'ikibi mwebwe ntimugende. Tuzobashira mu munyororo, ni ho iwanyu.''

Iruhande y'amafoto y'amahema n'umucafu, yongeyeko ati: '' Nta vy''UMUNTU MWIZA.' Dushaka umugwa mukuru wacu UGARUKE. Ndabashimiye kuba iki kibazo mwagifashe nka nkama!''

Nta do n'ido ry'uwo mugambi w'umukuru w'igihugu riramenyekana, ariko mw'ijambo ryo mu 2022, yatanze iciyumviro c'uko abatagira aho baba bojanwa mu mahema ''meza gusumba'' ahantu hatazimvye hanze y'ibisagara, aho bazoronka ubwogero n'abakuriikirana amagara yabo.

Ku wa gatanu, Trump yategetse inzego z'igihugu, zirimwo abaporisi bacungera ibibanza rusangi vyo gusamiramwo akayaga, abajejwe gucungera ibijanye n'ibiyayuramutwe, FBI n'abakorana n'ubushikirizamanza - gushwara Washinton DC kugira bahashe ico yise ''amazi yarenze inkombe'' mu bukozi bw'ikibi.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Umukozi wo mu biro vy'umukuru w'igihugu yabwiye NPR ko abaporisi bashika 450 bagomowe ku wa gatandatu mw'ijoro.

Ubutegetsi buriko buriyumvira kandi kugomora abasirikare b'integebizoza bo muri 'Garde Nationale', n'ubwo Trump ata ngingo ya nyuma arafata, ku bw'amakuru y'itororokanirizo Reuters na BBC News.

Trump akoze ivyo inyuma y'aho umuntu w'imyaka 19 yahoze ari umukozi w'igisata co gukurikirana ugukora neza kwa reta (doge) aterewe mu cavuzwe ko kwari ukurondera kumwiba imodoka i Washington DC.

Trump yerekanye ivyashitse ku mbuga hwaniro, asohora ifoto y'uwo mumtu yuzuyeko amaraso.

Umukuru w'igisagara Bowser yabwiye MSNBC ku wa Mugu ati: ''Ni vyo urugero rw'ubukozi bw'ikibi rwaraduze cane mu 2023, ariko ubu si 2023.

''Tumaze imyaka ibiri tugabanura urugero bw'ubukozi bw'ikibi muri iki gisagara, turushikana ku rugero rwa mbere rwo hasi mu myaka 30.''

Yaneguye icegera c'umukuru w'abakozi mu biro vy'umukuru w'igihugu Stephen Miller kuba yavuze ko umurwa mukuru wa Amerika ''urimwo ubukozi bw'ikibi kurusha Baghdad''.

''Ukugereranya ukwo ariko kwose n'igihugu catabaguwe n'imntambara ni indenzarugero kandi ni ikinyoma,'' ni ko Bowser yavuze.

Urugero rw'abantu bahitanywe n'ubukozi bw'ikibi i Washington DC ruri hejuru ufatiye ku gitigiri c'abantu bahaba ukagereranya n'ibindi bisagara, aho abantu bapfuye muri iyo nzira bamaze gushika 98 muri uyu mwaka. Mu myaka nka cumi iheze bari benshi kurusha aho ku murwa mukuru wa Amerika.

Ariko ibiharuro vy'igihugu vyerekana ko igisagara ca Washington DC mu mwaka uheze muri rusangani cagize urugero rwa mbere ruri hasi rw'ubukozi bw'ikibi - hagiyemwo kwiba imodoka, gusinda no kwiba - mu myaka 30.

Trump yemeye gutanga ikiganiro ku bamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere mu nyubakwa akoreramwo, Maison Blanche, kugira asigure imigambi yiwe yo guhagarika ubugizi bwa nabi bukomeye ku mugwa mukuru wa Amerika.

Mu bundi butumwa bwo kuri uyu w'Imana, yavuze ko muri ico gikorwwa gitegekanijwe isaha 14:00 kw'isaha mpuzamakungu, n'ukuvuga isaha cumi z'umuhingamo mu Rwanda no mu Burundi, kizoba kigenewe kurangiza "ubukozi bw'ikibi, ubwicanyi" muri ico gisagara, hamwe no "kugisubiramwo".

Avuga ko Bowser "nk'umuntu mwiza yagize utwigoro", yongerako ko n'aho uwo mukuru w'igisagara yagize utwigoro, ubukozi bw'ikibi bwabandanije kuba "ndanse", hanyuma ico gisagara kikaba gisigaye "cuzuye imicafu ata n'abacicirukira".

Community Partnership, ishirahamwe rifasha kugabanya abantu baba mw'ibarabara mu gisagara ca Washington DC, ryabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ko ico gisagara kibamwo abantu 700.000 gifise abantu batagira aho bakika umusaya 3.782 muri buri joro.

Benshi baba mu mazu ya reta, abandi mu bibanza vy'agateganyo, ariko abashika 800 bafatwa nk'ababa "mw'ibarabara".

Nk'akarere atari intara, Washington DC igenzurwa na reta ya Amerika, ifise uburenganzira bwo kwirengagiza amategeko yo muri ako karere.

Prezida afise ububasha ku butaka reta ikorerako hamwe n'inyubakwa zayo muri ico gisagara, n'aho ashobora kuzokenera inama nshingamateka kugira yemeze ko afise ububasha ku karere kose.

Mu misi iheze, yaragabishije ko agiye gufata mu minwe igisata c'igipolisi c'igisagara ca Washington DC, ivyo Bowser avuga ko bidashoboka.

Bowser yagize ati: "Hariho ibintu vyihariye cane mu mategeko yacu bishobora kurekura perezida kugenzura igisata c'igipolisi. Nta na kimwe muri vyo kihari muri iki gisagara cacu ubu."

Trump yagumye anebagura ubutegetsi butandukanye bw'ibisagara bitwara n'aba-Demokrate mu biringo bibiri abaye umukuru w'igihugu.

Mu mezi aheze, yarateranye amajambo n'uburongozi bwa Los Angeles inyuma yo gutegeka ibihumbi n'ibihumbi vy'abasirikare guhangana n'imigumuko y'abimukira batagira ibibaranga.

Irungikwa ry'abo basirikare ryahindutse intambara y'amategeko izoshikanwa imbere ya sentare y'igihugu i California ku musi wa mbere.