Komisiyo ya Sena ya Amerika isaba Urwanda gutahukana ingabo vuba, RDC nayo igahasha FDLR

Ahavuye isanamu, Présidence RDC/X
Komisiyo y'inama nkenguzamateka ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika ijejwe imigenderanire ivuga ko itewe impungenge n'ukungene ibintu bimeze mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo (RDC), igasaba reta Amerika guhasha abarenga ku nshingano zabo.
Biri mw'itangazo yasohoye inyuma y'umubonano hagati y'umukuru wayo Jim Risch ari kumwe na Jeanne Shaheen, umwe mu bari muri iyi komisiyo, na Perezida Félix Tshisekedi wa Congo, ejo ku wa gatatu.
Iyi komisiyo ivuga ko Amerika yiteguriye kuba umufatanyabikorwa akomeye cane wa RDC, ariko ko ari ngombwa ko impande zompi – Urwanda na RDC – zateye igikumu ku masezerano y'amahoro ya Washington zigira utwigoro twose mu kwubahiriza inshingano zazo muri ano masezerano.
Hagati aho, iyi komisiyo ntiyishimiye ingene ibintu bimeze mu buseruko bwa Congo burangwamwo indyane.
Mw'iri tangazo, igira iti: "Twerekanye impungenge zacu ku kungene uturere tw'Ubuseruko bwa Congo tubandanya twigaruriwe n'umuhari M23 ufashwe mu mugongo n'Urwanda, kandi ni ngombwa ko ingabo z'Urwanda zitahukanwa zose vuba kugira ngo habe amahoro nyayo kandi arama."
Mu myaka ishika hafi 30 intambara yo muri RDC imaze, Kinshasa na Kigali bama bitana ba mwana. Urwanda rwagiye rwagirizwa ko ari rwo nyirabayazana, mu gufatira umuriro imirwi yagiye irwanya reta ya Congo, uko imyaka yagiye igenda, na rwo rukagiriza Congo ko ihaye indaro abashaka guhungabanya umutekano warwo.
Muri kino gihe, rwagirizwa ko ari rwo rufasha M23, nk'uko vyagiye vyerekanwa n'ivyegeranyo vy'abahinga ba ONU, reta ya Congo ubwayo hamwe n'ibihugu vy'Uburengero, harimwo na Amerika nyene.
Urwanda rubandanya ruhakana ivyo rwagirizwa, rukavuga ko rworwo rwafashe "ingamba" zo kwikingira ingaruka z'iyi ntambara imaze imyaka n'imyaka, ahubwo rukagiriza Kinshasa ko ihaye indaro kandi igakorana n'umuhari w'inyeshamba FDLR urondera gusenyura ubutegetsi bwa Kigali.
Reta ya Congo na yo nyene yamirira kure ibi bivugwa n'Urwanda, ikavuga ko ari urwirwazo rwa Kigali rwo kurondera kuvogera ubutaka bwayo, mbere ikaba yaranagabishije abasirikare bayo ko umusirikare uwo ari we wese wa FARDC yofatwa akorana na FDLR, azofatirwa ibihano ruhasha.
Ibi vyegeranyo vy'abahinga ba ONU vyagiriza kandi FARDC (igisirikare ca Congo) gukorana n'izi nyeshamba, mbere n'iri tangazo ry'iyi komisiyo rirerekana ko FDLR, ifise uruhara mu mutekano muke urangwa mu buseruko bwa Congo, igasaba ko ifatirwa ingingo nyazo.
Iyi komisiyo igira iti: "Kugira ngo habe ituze rirama, RDC itegerezwa gukora inshingano zayo mu ntumbero yo guhosha indyane, mu gufatira ingingo ruhasha FDLR n'abarwanyi ba Wazalendo bahohotera abanyagihugu."
Iyi komisiyo isaba kandi reta ya Kinshasa gusubira kwitaho gusumba "ibiganiro vyo hagati mu gihugu aho gushira imbere inyishu za gisirikare", kugira ngo yubake ubumwe mu gihugu.
Perezida Tshisekedi ari muri uru rugendo aho yitavye inama ya Washington ku mabuye y'agaciro akenerwa cane, inama yatumiwemwo ibihugu bigera kuri 50 vyo kw'isi.
Imibonano yagiye agirana n'abategetsi batandukanye banaganira ku mugambi w'amahoro, harimwo umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire, Marco Rubio, n'umukuru wa komisiyo ijejwe imigenderanire mu nama nshingamateka ya Amerika, Brian Mast.

Ahavuye isanamu, Secretary Marco Rubio/X
Perezida Donald Trump ubwiwe ahagarariye umugambi w'amahoro hagati ya RDC n'Urwanda, ariko kandi akaba cane cane afise intumbero yo gutsimbataza imigenderanire hagati ya Amerika na RDC mu bijanye n'ubutunzi, aho Washington yoshikira ubutare bwa RDC.
Ku wa 4 Kigarama (12) 2025, Perezida Tshisekedi na Perezida Paul Kagame w'Urwanda barateye igikumu ku masezerano y'amahoro i Washington, bahagarariwe na Perezida Trump, ariko ntivyabujije ko intambara zikarishe zibandanya mu kiyaya ca Rusizi, gushika M23 yigaruriye Uvira ku wa 10 z'uko kwezi nyene.
Inyuma y'imisi mike, M23 yahavuye iva muri iki gisagara kigira kabiri c'intara ya Kivu y'Epfo ku gitsure c'amakungu, cane cane Amerika.
Hagati aho, gushika ubu uturere tutari duke tw'intara za Kivu y'Epfo na Kivu ya Ruguru turacarangwamwo intambara hagati ya FARDC na M23, aho impande zompi zitanako impfane, nubwo utwigoro tw'amahoro dutandukanye tubandanya, ubu intumwa z'impande zompi zikaba ziri i Doha muri Qatar mu biganiro.












