Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
‘Narahobereye cane papa’: Menya uno mwana w’imyaka itanu yuriye Umusozi Kilimanjaro
Umwana w’umunya-Aziya w’imyaka itanu wo mu ntara ya Punjab mu Buhindi azwi ko ari we muntu wa mbere akiri muto cane ashoboye gushika kw’isonga ry’umusozi Kilimanjaro wo muri Tanzania, umusozi wa mbere muremure ku mugabane wa Afrika.
Muri Myandagaro (8), niho Teghbir Singh yakora uru rugendo rugoye cane ari kumwe na se wiwe. Mu kurwitegurira, bompi babanje gukora imyimenyerezo nkomezamubiri ikomeye.
Bavuganye n’igisata ca BBC gikoresha ururimi rw’igipunjabi bayibwira ingene urugendo rwabo rwagenze.