Ukraine: Abarusiya 'barutwa 8-1' mu gitero co kugaruza uturere

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ingabo za Ukraine zaruta iz’Uburusiya ku rugero rwa munani kuri umwe mu gitero co mu ndwi iheze co kugaruza ibice vyinshi vy’intara ya Kharkiv, nk’uko bivugwa n’umwe mu barusiya bakomeye barangurira imirimo muri ico gice.
Vitaly Ganchev yabwiye television y’Uburusiya ko ingabo za Ukraine zafashe ibigwati mu buraruko mbere ziranashika ku rubibe bihana n’Uburusiya.
Ukraine ivuga ko yagaruje akarere karenga kirometero kwadarato 1.158 (1.157km2) mu gishobora kuba ariyo ntambwe ya mbere ikomeye cane muri iyo ntambara imaze amezi atandatu.
BBC ntishobora guhinyuza ivyo biharuro.
Igisirikare ca Ukraine kivuga ko cagaruje ibigwati 20 mu masaha 24 aheze yonyene, mu gitero cayo kibandanya co kugaruza intara zari zafashwe n’Uburusiya.
Yavuze kandi ko ingabo zaco zagaruje akarere kangana hafi 500km2 mu ntara y’amajepfo ya Kherson.
Abategetsi mu bushikiranganji bw’Ubwongereza bujejwe imigenderanire bavuga ko ivyo ingabo za Ukraine zashitseko bizogira ingaruka zikomeye ku buryo Uburusiya buriko buragwana iyo ntambara muri rusangi.
Ariko umuvugizi wa Kremlin (ibiro vy’umukuru w’igihugu mu Burusiya) Dmitry Peskov ntivyamuciye intege, avuga ko ibikorwa vya gisirikare muri Ukraine bizokomeza ”gushika imirimo yose yategekanijwe mu ntango” irangutse.
Yongeye avuga ko prezida Vladmir Putin aguma ahabwa amakuru agezweho y’ibiriko biraba.
Uburusiya bwavuze ko ingabo zabwo ziriko ziragaba ibitero vy’indege muri utwo turere Ukraine iherutse kugaruza.
Aho harimwo Izyum na Kupiansk Ukraine yisubije ku wa gatandatu. Uburusiya bwemeye ko ingabo zabwo ”muri ivyo bisagara kugirango zisubire ”kwisuganya”.
Uburusiya bwagirijwe kuba buriko buratumbereza ku bikorwa remezo bisanzwe (vy’igi-sivire) mu kwihora ku kubiriko biraba ku rugamba.
Urutavanako rw’ibitero vy’indege ku wa gatandatu rwatumye amatara acika muri ako karere.

Ahavuye isanamu, Reuters
Ico kizime cakoze ku bantu baharurwa muri za miriyoni mu ntara ya Kharkiv na Donetsk.
Ihor Terekhov, umukuru w’igisagara ca Kharkiv, yavuze ko ari igikorwa c’ubukozi bw’ikibi n’ubugome nk’inzira yo kwihora kubera ivyo igisirikare ca Ukraine giherutse gushikako.
Umushikiranganji wa Ukraine ajejwe kwivuna abansi, Oleksii Reznikov, yavuze ko icihutirwa ubu ari ukugumya utwo turere twagarujwe mu ndwi imwe mu ntara ya Kharkiv.
Ingabo z’Uburusiya zisa n’izataye ibikoresho vya gisirikare n’ibigwanisho vyinshi igihe zariko zirava mu turere zari zafashe mu ndwi za mbere z’iyo ntambara.
Hari ivyegeranyo bivuga ko uruganda rw’Uburusiya rukora ibiduga ntamenwa vyo ku rugamba ubu ruriko rurakora amasaha 24 kuri 24 kuva ibintu bihindutse ku rugamba.
Abakozi mu ruganda rwa Uralvagonzavod muri Nizhny Tagil, uruganda rwa mbere runini rw’Uburusiya rukora ibiduga ntamenwa, bivugwa ko batemerewe kuja mu kiruhuko kubera ”ibikenewe gukorwa”.











