Ukraine-Russia: ingabo z’Uburusiya zasubiye inyuma igihe Ukraine yisubiza ibisagara bikomakomeye
Ingabo z’Uburusiya zavuye mu bisagara bikomeye mu buseruko bwa Ukraine, mu gihe Ukraine iriko itera intambwe mu bitero vyayo vyo kwivuna umwansi.
Abategetsi ba Ukraine bavuga ko ejo ku wa gatandatu ingabo zayo zinjiye muri Kupiansk, igisagara ngirakamaro kuko ari co cacishwamwo uburyo bw’ingabo z’Uburusiya.
Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’Uburusiya buvuga ko ingabo zabwo kandi zavuye mu gisagara ca Izyum kugira ngo “zisubire zisuganye”.
Ubu bushikiranganji nyene buremeza kandi ko ingazo z’Uburusiya zavuye mu gisagara kigira gatatu ca Balaklyia mu ntumbero yo “kwongereza inguvu” ku rugamba rwa Donetsk.
Izi ntambwe zatewe n’ingabo za Ukraine – mu gihe zorama – zoba ari zo za mbere zikomeye kuva ingabo z’Uburusiya zomotse zikava mu micungararo y’umugwa mukuru Kyiv mu kwa kane.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mw’ijambo yaraye ashikirije mw’ijoro ry’ejo ku wa gatandatu, Perezida Volodymyr Zelensky avuga ko ubu Ukraine, kuva itanguye ibitero vyo kwivuna mu ntango z’uku kwezi, imaze kubohoza ubutaka bufise uburinganire bwa kirometero kwadarato 2000 bwari bwigaruriwe n’Uburusiya.
Aya majambo asobora kuba asigura ko igice c’ubu butaka cabohojwe mu masaha 48 yonyene aheze - kuko ari incuro zibiri ku butaka Zelensky yavuze ko bwari bumaze kwisubizwa igihe ashikiriza ijambo ku mugoroba wo ku wa kane.
Kubona Uburusiya bwemeje ko bwavuye muri Izyum ni ikintu gikomeye kuko cari ikirindiro ca gisirikare ngirakamaro kuri Moscou.
Itangazo ry’Uburusiya rivuga riti: "Harateguwe igikorwa c'iminsi itatu co kugabanya no kwimura ingabo ziri Izyum-Balakliya ku butaka bwa Repubulika ya Donetsk."
"Mu ntumbero yo gukingira ingabo z’Uburusiya, umwansi yabanje guhashwa bikomeye”.
Inyuma y’aho gato, umukuru w’uturere tw’intara ya Kharkiv tugenzurwa n’Uburusiya yategetse abanyagihugu batwo ko bahungira mu Burusiya “kugira bakize igufa”, nk’uko bivugwa n’itororokanirizo ry’amakuru rya reta y’Uburusiya, Tass.
Buramatari w’intara ya Belgorod mu Burusiya ihana urubibe na Kharkiv avuga ko abantu batonze imirongo barondera kujabuka umupaka bazoshobora kugaburirwa, bahabwe ibibafasha mu mbeho bongere bavurwe.
Izi ntambwe zizofatwa nk’ikimenyetso c’uko igisirikare ca Ukraine gifise ubushobozi bwo kwisubiza ubutaka bwigaruriwe n’Uburusiya, kandi zikaba ari kirumara mu gihe Kyiv ibandanya isaba incuti zayo zo mu Burengero ko zobandanya ziyifata mu mugongo mu buryo bwa gisirikare.

Inkuru nziza kuri Kyiv n’incuti zayo
Umwihwezo wa Orla Guerin, umunyamakuru akorera hagati muri Ukraine
Umuvuduko w’uru rugamba rwo kwikurako umwansi ntiwatangaje Abarusiya gusa, watangaje kandi na bamwe mu banya-Ukraine. Ntivyoroshe ko abanyagihugu baronka amakuru agezweho.
Ubu Abarusiya bamaze gutakaza ibirindiro bibiri nyamukuru bacishako ibikoresho vyabo – ibisagara bicamwo gari ya moshi vya Izyum na Kupiansk. Ku gisirikare c’Uburusiya uku ni ugutsindwa kandi ni akamaramaza kuri Perezida Putin imbere y’abanyagihugu.
Ntidushobora gushika ku rugamba. Abanyamakuru barabujijwe gushikayo. Ukraine yariyemeje kugenzura amakuru ajanye n’intambara. Ariko amashusho atari make ariko arazunguruka ku mbuga hwaniro yerekana ingabo za Ukraine ziduza ibendera mu turere ziherutse kubohoza.
Ibi vyose bitera intege Ukraine kandi bigahumuriza incuti zayo zo mu Burengero.
Uburusiya buracagenzura hafi ica gatanu c’igihugu kandi ni bake bashobora kwiyumvira ko intambara ishobora kurangira vuba. Ariko abanya-Ukraine ubu barerekanye ko ku rugamba bashobora kunesha Abarusiya, atari kubarusha amayeri vyonyene.
Nk’uko umwe mubahinga ba gisirikare abivuga, nibwo bwa mbere kuva ku Ntambara ya Kabiri y’isi yose Uburusiya butakaje imirwi y’abasirikare yose.

Imbere y’aha, abategetsi bo mu bushikiranganji bwo kwivuna umwansi b’Ubwongereza bari bavuze ko Ukraine yateye intambwe gushika ku birometero 50 mu karere kahoze kigaruriwe n’Uburusiya.
Umushikiranganji wo kwivuna abansi w’Ubwongereza avuga ati: "Ingabo z’Uburusiya zisa n’uko zatewe giturumbuka. Aka karere ntikari gacungerewe cane kandi ingabo za Ukraine zarigaruriye canke zirakikuje ibisagara bitari bike”.
Ukraine yatanguje ibitero vyo kwivuna mu buseruko mu ntango z’ino ndwi, mu gihe amakungu yari yiteze ko itera intambwe hafi y’igisagara ca Kherson kiri mu bumanuko.
Abahinga bemeza ko Uburusiya bwatwaye zimwe mu ngabo zabwo karuhariwe gucungera iki gisagara.
Ariko hampande y’itambwe iriko iratera mu buseruko, Ukraine iriko iratera ija imbere mu bumanuko nk’uko umutegetsi umwe abivuga.
Nataliya Gumenyuk, umuvugizi w’ibiro vya gisirikare vya Ukraine mu bumanuko, avuga ko bateye intambwe “hagati y’ibirometero bibiri na mirongo” muri ico gice.
Ariko ingabo z’Uburusiya zirwanira mu bumanuko zivugwa ko zubatse ibirindiro bikomeye, kandi ko ingabo za Ukraine zivunwa bikomeye kuva uru rugamba rutanguye.
Hanyuma kandi no muri Kharkiv na yo nyene, umuntu umwe yarishwe amazu atari make arononekara ejo ku wa gatandatu igihe igisasu ca muzinga c’Uburusiya caterwa muri ico gisagara, nk’uko bivugwa n’abategetsi.
Abategetsi ba Ukraine berekanye isanamu ku mbuga hwaniro isa n’iyerekana ingabo za Ukraine zidugije ibendera ry’igihugu cabo imbere y’ibiro bikuru vy’igisagara ca Kupiansk, zihagaze kw’ibendera ry’Uburusiya.
Ku wa gatanu, Perezida Zelensky yavuze ko ingabo ziwe zariko “zigarurira bukebuke uturere dushasha” zongera “zisubizayo ibendera rya Ukraine zikingira kandi abanyagihugu bacu bose”.

Yavuze kandi ko abapolisi bariko barasubizwa mu turere twabohojwe, agasaba abanyagihugu kubaha amakuru baramutse biketse ivyaha vyo mu ntambara vyakozwe n’Abarusiya.
Ateye aka kamo inyuma y’icegeranyo c’umurwi w’abahinga ba ONU muri Ukraine aho bavuga ko begeranije “amakuru atari make y’ihohotera ry’abapfungwa b’intambara” vyakozwe n’ingabo za Moscou.
Iki cegeranyo kandi kiragiriza ingabo za Ukraine ko “zakoreye iyicarubozo zongera zihohotera impfungwa z’intambara”.











