Urupfu rwa Emile Mworoha: Agiye tukimushaka – Joseph Gahama

Umwigisha wa kaminuza Emile Mworoha azwi cane kandi mu bijanye na kahise k'Uburundi yaraye ashengeye ku myaka 85 mu gihe yari amaze igihe amagara amukitse iyo yari asanzwe ari mu Bufaransa.
Hampande y'amabanga yo kwigisha yaranguye, Emile Mworoha azwi no mu mabanga atandukanye yagiye ahabwa muri poritike y'Uburundi.
Abatari bake bamwibuka ari umushikiranganji w'Urwaruka, inkino n'imicokama mu 1976-1978, umunyamabanga mukuru w'umugambwe Uprona kuva 1978 gushika1987, n'umukuru w'inama nshingamateka kuva 1982 gushika 1987. Ni muri iki kiringo nyene yari umwe mu barongoye Inama rusangi y'Ibihugu vya ACP-EEC.
Igihe yari umushikiranganji w'Urwaruka, inkino n'imico kama yatanguje ikigo c'imico ndangakaranga n'abamukerarugendo 'Musée Vivant' kiri mu gisagara ca Bujumbura.
Emile Mworoha yasubiye kuba umushingamateka kuva 1998 gushika 2004, amabanga yaranguye yongera yigisha kuri kaminuza y'Uburundi. Yabandanije yigisha kuva mu 2004 gushika mu 2012 aho yaja mu karuhuko k'izabukuru.
Umwigisha wa kaminuza Joseph Gahama, ni umwe mu bigishijwe na Emile Mworoha, yongera arakorana nawe, akavuga ko amuzi cane. Yabwiye BBC gahuzamiryango ko "Uburundi bubuze umwe mu ncabwenge za mbere twari dufise", kandi ko "agiye tukimushaka naho yari akuze".
Nk'uko abisigura, Emile Mworoha yavukiye ahitwa i Ramvya muri komine Muruta mu cahoze ari intara ya Kayanza, "jewe narashitseyo ni iruhande y'imva [y'umwami] Mutaga Mbikije".
Asigura ko mu mashure yose yagiye acamwo yerekana ko yari icambwenge, kuva mu mashure y'intango gushika aronke urupapuro rw'umutsindo rw'abisgisha babinonosoye (Diplome d'Instituteur), "arabandanya mw'ishure kaminuza y'abantu b'incabwenge cane y'i Sorbone mu Bufaransa, aho yarangije mu 1975".
Prof. Gahama avuga ko umuhisi Mworoha yaranguye amabanga atari make mu gihugu no hanze, mbere akaba yaranaronse n'imidari itari mike".
Emile Mworoha azwi kandi nk'umuntu yanditse ibitabo vyinshi, Prof. Gahama agasigura ko ari "mu ba mbere batanguye kwandika kuri kahise k'Uburundi, aradushira hamwe twandika igitabo n'ubu bacigiramwo citwa 'Histoire du Burundi, des origines à la fin du 19e siècle".
Ati: "Twari dufise n'imigambi yo kubandanya, none turabuze".
Avuga ko yitayeho cane kumenyesha kahise k'Uburundi ari na co gituma "yashinze ikigo ca kahise, Centre de Civilisation Burundaise, gica gitangura kuja mu gihugu cose kuja kubaza abatama bari bakiriho ingene akahise k'Uburundi kagenze".
Pro. Gahama avuga kandi ko Mworoha yashinze ikigo c'ububiko bwa kera bw'ivy'igihugu (Archives Nationales) avuga ko kiri mu nyubakwa y'ubushikiranganji bw'ikigega ca reta.
Emile Mworoha kandi azwi ko yari umunyamabanga mukuru w'umuhari w'urwaruka JRR wegukira umugambwe Uprona igihe c'indyane zo mu 1972 gushika ubu zasize iharama muri kahise k'Uburundi. Uno muhari uzwi ko wagize uruhara rudasanzwe mu bwicanyi bwariko buraba.
Abajijwe ico yoba apfuye abivugako, Prof. Gahama avuga ko yabereka neza ko ata bubasha bwinshi yari afise kuri JRR.
Ati: " Ivyo mu 1972 nta muntu numwe bitobabaza, kuko abantu barapfuye benshi kandi mu bwoko bwose. Ivy'uko yari umukuru wa JRR hari ukuntu yabisiguye we nyene, apfuye ico caha yaracihanaguye.
"Yavuze ko aba-JRR ruguru mu misozi ata kintu na kimwe yashobora kubakorako. Nta bubasha na bumwe yari abafiseko, nta tegeko yashobora kubaha".
Prof. Mworoha yanditse ibitabo vyinshi kuri kahise k'Uburundi. Hagati aho, bose ntibakira co kimwe ku vyo yanditse, aho mbere mu masezerano y'amahoro y'i Arusha abanyaporitike bari bemeranije ko kimwe mu vyokorwa ari uko kahise k'Uburundi gakwiye kwandikwa gushasha.
Ku bwa Prof. Gahama, nubwo yanditse vyinshi, "bose ntibovuga vyiza kuri we kuko kahise k'Uburundi twese ntitukiyumvamwo co kimwe kubera ibintu vy'amoko vyaje, ivyo ni ibisanzwe".
Eka na Sylvestre Ntibantuganya yahoze ari umukuru w'igihugu ntatandukana na we, wewe akabona ko umunyaporitike mu bisanzwe ata kahise yandika.
Ati: "[Umunyaporitike] wewe arafise uko yabona akahise bivanye n'ivyo aba aharanira mu gihugu n'ingene aba yigenza mu gihugu.
"Eka n'abandika ku kahise, nka Emile Mworoha, na bo nyene ntibavuga ngo 'ibi nanditse ni vyo vyonyene bitegerezwa gufatwa nk'ukuri'. Mu bushakashatsi, wama usanga hari ibintu bishasha abantu bashobora gutora bituma uko bavuga ibintu uno musi ejo bishobora guhinduka".
"Igihambaye gusa ni uko abantu biyugurura, bakagenda bagerageza gukurikiza ivyo umwuga w'ukwandika kahise usaba".









