Umwami Charles III muri Kenya: Nta kigongwe yasavye ku mabi y'ubukoroni

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Na Sean Coughlan, umunyamakuru w'i bwami & Anne Soy, umunyamakuru i Nairobi
- Igikorwa, BBC News
Umwami Charles (Karori) w’Ubwongereza yemanze "ibikorwa vy’ubukozi bw’ikibi bw’agahomerabunwa kandi bidafise insiguro vyakorewe Abakenya” mu rugamba rwabo rwo kurondera intahe yo kwikukira.
Mu rugendo arimwo muri Kenya, Umwami yavuze ku “makosa” y’Ubwongereza mu gihe c’ubukoloni.
Yabwiye abari bitavye ibirori vyo kumwakira i Nairobi ko yumva "umubabaro mwinshi n’ukwicuza" kandi ko ata "rwitwazo".
Ariko Umwami nta mbabazi yasavye ku mugaragaro – ibi bikaba vyategerezwa kuba vyemejwe n’inama nshikiranganji.
Mu kwishura kw’ijambo ryiwe, Perezida William Ruto wa Kenya yashimagije ubutwari bw’Umwami bwo gushobora kwemanga “uku kuri kutaryoheye ugutwi”.
Umukuru w’igihugu ca Kenya yabwiye Umwami ko intwaro ya gikoloni yabaye “iy’agahotoro n’ubugome ku Banyafrika” kandi ko “hari vyinshi bitegerezwa gukorwa kugira ngo haboneke indishi nyayo”.
Imbere y’urugendo rw’uno Mwami muri Kenya, ari na co gihugu ca mbere agendeye mu bihugu bigize umuryango wa Commonwealth kuva ashitse ku ngoma, havuzwe vyinshi ku bijanye n’ikimenyetso co gusaba imbabazi nk’umwami.
Ariko n’ubwo Umwami atasavye imbabazi, ijambo ryiwe yavugiye kuri State House (ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Kenya) ryabaye ikintu gikomeye co kwemanga ku mugaragaro amakosa yakozwe mu gihe c’ubukoloni.
Mu gihe Kenya ihimbaza isabukuru y’imyaka 60 y’intahe y’ukwikukira, Umwami yabwiye abo bari kumwe ati: "Ni ikintu c’ingirakamaro kuri jewe kurondera gutahura aya makosa, kandi ko mbonana n’abo yagizeko ingaruka zikomeye ku buzima bwabo n’ikibano”.

Ahavuye isanamu, Reuters
Muri Kenya, ikintu nyamukuru cibukwa ni urugamba rwo kurwanya ubugumutsi bwa Mau Mau, aho ibihumbi n’ibihumbi bagandaguwe abandi bakaborezwa igufa mu myaka ya 1950 imbere yo kwikukira.
Haraciye imyaka cumi reta y’Ubwongereza itangaje ko “ibabajwe n’iri totezwa ryakozwe”, ica itangaza indishi y’imiriyoni zababa 20 z’amapawundi (ni ukuvuga imiriyaridi zirenga 68.8 mu mafaranga y’amarundi) ku bantu barenga 5000, mu co yise “inzira yo gusubiza hamwe”.
Mu majambo bashikiriza, abami bategerezwa kugendera ku mpanuro bahawe n’abashikiranganji, kandi umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza Rishi Sunak amaze kwiyamiriza abamuhamagarira gusaba imbabazi ku kibazo gitandukanye n'iki, c’ubucakara.
Kubona atasavye imbabazi muri uru rugendo bishobora kuba vyababaje bamwe mu Bakenya nka David Ngasura wo mu muryango w’aba-Talai.
Aramaze kwandikira Umuryango w’i Bwami awuhamagarira gusaba imbabazi no gutanga indishi – Ikirimba ca Buckingham (Buckingham Palace, iki kikaba ari ikirimba c’Umwami w’Ubwongereza) kikaba caciye kirungika iki gisabo mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire.
Nimba hari amakenga ko mu gihe yoramuka asavye imbabazi bishobora kuboneka nkaho yoba yemeye ivyaha, ibi bigatuma hugururwa imanza, Abakenya barokotse amabi yakozwe n’ubukoloni babona ko ahubwo vyofasha mu gukiza imitima no kurangiza iki kibazo.
Umwami Charles, mu kwemera ashimitse "ibihe bibabaje cane mu bucuti bwacu bw’igihe kirekire kandi burimwo vyinshi”, yabwiye abariko baramwumviriza ko ubugenzi hagati y’Ubwongereza na Kenya bushobora gutsimbatazwa no “gutorera umuti ibibazo vyo muri kahise mu bugwaneza no mu muco [ahabona]”.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Amajambo yiwe yashitse kure gusumba ijambo yavugiye mu Rwanda mu mwaka uheze aho yavuga ku “mubabaro mwinshi yumva ku giti ciwe” ku marushwa yatewe n’urudandaza rw'abacakara.
Bimwe mu vyo yavuze mw’ijambo ryiwe muri Kenya yabivuze mu giswahili, mu kwerekana isano riri hagati y’ibi bihugu no mu kwibuka urukundo umuhisi nyina wiwe yari afitiye abanyagihugu ba Kenya.
Ku musi wa mbere w’urugendo rwiwe, Umwami Charles ku wa kabiri yagiriraniye umubonano na Perezida Ruto, agendera umurima uri mu gisagara yongera abonana n’urwaruka rwijukiye ubuhinga bwa none.
Umwami yagendeye kandi inzu ndangamurage yagenewe akahise ka Kenya n’urugamba rwo kwikukira.
Umuryango w’i Bwami, iyo cane cane uri mu ngendo mu bihugu vya Commonwealth, wama uhura n’ibibazo bijanye n’umurage w’ubukoloni n’ubucakara, hakaba abasaba ko usaba imbabazi ukanatanga n'indishi.

Ahavuye isanamu, Reuters

Ahavuye isanamu, PA Media

Ahavuye isanamu, Reuters
Mu ntango z’uno mwaka, Ikirimba ca Buckingham cavuze ko gishigikiye ubushakashatsi bwigenga kuri kahise mu ntumbero yo kwihweza uruhara umuryango w’i Bwami woba waragize mu bucakara.
Ariko ubushakashatsi buherutse gusohoka bwerekana isanamu y'uruvangatiranemu nyifato zaranze ubwami mu gihe c’ubucakara, aho umuryango w’i bwami mu ntango z’imyaka ya 1800 wacanyemwo ku kibazo c’uguhagarika ubucakara.
William IV yahavuye aba Umwami, yari ashigikiye cane ubucakara, mu gihe muvyarawe, Igikomangoma ca Gloucester yafata iya mbere mu kuburwanya.
Mu misi mike iri imbere, uru rugendo rw’Umwami Charles muri Kenya ruzokwibanda ku kungene Ubwongereza na Kenya biriko birakorana, harimwo mu bijanye no kurwanya ihindagurika ry’ikirere hamwe no guhimiriza guha amahirwe n’akazi urwaruka.
Hazoba kandi n’inama n’abarongoye amashengero kugira bavugane ibijanye no kwubaka ubucuti hagati y’imiryango y’abemera.










