Kenya mu bukene bw'udukingirizo

Rhoda Odhiambo

Umunyamakuru wa BBC mu gisata c'amagara y'abantu

Udukingirizo

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Ku bisanzwe muri Kenya udukingirizo dutangwa ku buntu

Amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike muri Kenya aridoga ko muri ico gihugu hakomeje kuba ubukene bw'udungikingirizo (condoms)_ abantu bahora baronka ku buntu (ata mafaranga batanze) .

Utwo dukingirizo dufasha kuronora ubuzima ku bisanzwe tugurirwa hanze y'igihugu hanyuma tugakwiragizwa ku buntu, ariko kubera amakori (imisoro, taxes) ari hejuru, abatuzana muri Kenya ntibakidutanga ku buntu.

Abaharanira uburenganzira bashaka reta ya Kenya kuvanaho amakori kuri utwo dukingirizo kuko bizofasha kugandanya abandura umugera wa Sida (HIV).

Kenya ikenera udukingirizo tungana na miriyoni 455 buri mwaka, ariko ubu reta ishobora gutanga miriyoni 150 gusa.

Udukingirizo dufise ikibanza kinini mu bikorwa vyo kwirinda Sida n'izindi ndwara zandukira biciye mu mibonano mpuzabitsina nka blennoragie/gonorrhoea canke chlamydia.

Ariko, muri iyi myaka ibiri iheze, ubwoko bw'agakingirizo reta yahora itanga ku buntu gasigaye ari umuzi w'ibuye mu bitaro vya reta mu gihugu cose ca kenya.

Amashirahamwe adagahanira inyungu za poritike avyegeka ku makori ahanitse reta ishira ku vyinjira mu gihugu.

Ipaki irimwo udukingirizo dutatu igurwa hafi dorari rimwe (ni nk'ayarenga 2.000 mu mafaranga y'Uburundi)- igiciro kinini kuri benshi.

Muri Kenya bigereranywa ko abantu bashasha bashika 34.000 bandura umugera wa Sida buriu mwaka. Ariko, kuva mu 2020, ico gitigiri cakomeje kwiyongera na cane cane mu bakora ubumaraya.

Hari impungenge ko igihugu ca Kenya kizohava gisubira inyuma ku ntambwe cari kigezeko mu kurwanya Sida.