Abategetsi ba Commonwealth bemeranije kuganira ku mpozamarira

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Chris Mason
- Igikorwa, Political editor
- Yakoze inkuru ari, Samoa
- Umwanditsi, Ian Aikman
- Igikorwa, BBC News
Abategetsi ba Commonwealth bumvikanye "ko hageze" ko haba ibiganiro ku mpozamarira ku rudandaza rw'abaja, n'aho Ubwongereza butashaka ko bija mu rutonde rw'ivyigwa mu nama y'imisi ibiri yabera Samoa.
Inyandiko yashizweko umukono n'abarongoye amareta 56, harimwo n'umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Sir Keir Starmer, bafashe ingingo yo gutera akamo "ko haba ibiganiro ku mpozamarira" ku rudandaza rw'abaja "ruteye isoni" bajanwa ku yindi migabane .
Iryo tangazo rivuga ko hageze ko haba ibiganiro"vy'akamaro, vy'ukuri kandi mu bwubahane".
Sir Keir avuga ko ata biganiro vyabaye vyerekeye amahera muri iyo nama, kandi ko Ubwongereza "budaca iruhande" aho buhagaze ko ata ndishi y'akababaro buzotanga.
Ubwongereza bumaze imisi buterwa akamo n'abategetsi ba Commonwealth ngo busabe ikigongwe bwongere butange indishi y'akababaro ku ruhara ico gihugu cagize muri kahise mu rudandaza rw'abaja.
Impozamarira ku bagizweko ingaruka n'ivyo bikorwa vy'ubuja ishobora kuba mu buryo butandukanye, uhereye ku mahera gushika ku kimenyetso.
Imbere y'uko iyo nama itangura, ibiro vy'umushikiranganji wa mbere vyavuze bishimitse ko bishobora kutaja ku rutonde rw'ivyigwa.
Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatandatu, Sir keir yavuze ko abategetsi ba Commonwealth "bagize imisi myiza ibiri" i Samoa ariko ntiyaha agaciro ivyerekeye indishi y'akababaro yavugiwe muri iyo nama.
"Ibikomeye vyavuzwe muri iyo misi ibiri vyari "ukwiyakira hamwe n'ihindagurika ry'ibihe," uko ni ko avuga, yongerako ko agace karaba impozamarira muri iryo tangazo bashizeko umukono "ari igihimba kimwe muri 20 birenga".
Agira ati:"Mu biganiro vyabaye nta na kimwe cari cerekeye amahera. Aho duhagaze haratomoye cane kuvyerekeye ivyo bintu."
Mu ndwi iheze, Rachel Reevers yabwiye BBC ko Ubwongereza butazoriha impozamarira ku buja.
Aho duhagaze 'ntihahinduka'
Imbere y'uko iryo tangazo risohoka , iyo nama y'abategetsi - aho abaprezida n'abashikiranganji ba mbere b'ibihugu bigize Commonwealth bahuye batari kumwe n'abahanuzi babo - bamaze amasaha nk'atandatu.
Umushikiranganji wa mbere yavuze ko atari ibiganiro ku mpozamarira vyatumye uwo mubonano umara umwanya munini.
Umwe mu bakora mu biro vy'umushikiranganji wa mbere mu Bwongereza yabwiye BBC ati:"Twarashikirije aho duhagaze ata guca hirya no hino kandi ntakirahinduka."
Babikoze ariko ntacavuyemwo - uko bashikiriza amajambo kuvyerekeye iyo ndishi y'akababaro ata kurya umunwa muri iyo nama, ntivyanezereje bimwe mu bihugu vyariko birayisaba.
Igice c'ubuhinga bwa 'diplomatie' n'ukubandanya uvuga ibintu wipfuza kuganirako - kureka ibiganiro bikabandanya, n'aho woba ubona ko icizere c'uko ibintu bishobora guhinduka coba ari gito.
Ku bibaza ko igihe kigeze ko ibihugu nk'Ubwongereza bihangana na kahise kavyo, iryo tangazo ryabahaye akaryo ko kuvuga ko ibiganiro bibandanya.
Ku Bwongereza n'ibindi bihugu, bashobora kuvuga ko aho bahagaze hadahinduka bagaca bivugira ibindi bikwiye kwigwa - urudandaza, ihindagurika ry'ibihe hamwe n'umutekano nk'akarorero - bavuga ko Commonwealth ari vyo yibandako.
Umushikiranganji wa mbere yameze nko gusiga umuryango wuguruye ku biganiro bizokurikira, ku buhe buryo bw'impozamarira bwotangwa, avuga "akaryo kazokurikira ko kuvyihweza" gashobora kubera mu nama izobera mu bihugu vya Caraïbes.
Frederick Mitchell, umushikiranganji w'imigenderanire wa Bahamas yavuze ko abategetsi biteze gushika "ku cegeranyo bumvikanyeko" kuri ico kibazo mu nama nk'iyo izobera i Londres mu kwezi kwa Ntwarante (3) mu mwaka uza.
Yabwiye BBC Radio4's Today ko yiteze ko Ubwongereza bushobora kuzoriha impozamarira y'amafaranga ku bihugu bigize Caraïbes.
Abajijwe ku kungene amajambo ari muri iryo tangazo atadomako urutoke neza, yavuze:"Inyuma y'imvugo haba hinyegeje ukugerageza kuja mu nzira kanaka."
Abaserukira ibihugu vyabo bavuga ko biteze ko impozamarira izoshimikirwako ku kirangamisi c'inama ya Commonwealth izokurikira mu myaka ibiri iri imbere.
Mu mwaka uheze, umucamanza wa Onu yavuze ko Ubwongereza bushobora kuba bufise ideni ry'impozamarira ringana n'imiriyaridi ibihumbi cumi n'umunani ku ruhara bwagize mu buja mu bihugu 14 vya Caraïbes.
Ariko impozamarira kandi ishobora kuba ugusaba ikigongwe gusa ku mugaragaro, gufasha mu burezi canke mu vyo amagara y'abantu.










