Rwanda-UK: Urwanda ngo nta masezerano rwishe, nta nayo rwavuyemwo

Insiguro y'amajwi, Urwanda rumenyesha ko ata masezerano rwishe, kandi atari rwo rwayavuyemwo

Icegera c'umuvugizi wa leta y'Urwanda, yabwiye BBC ko amasezerano leta y'Ubwongereza ivuga ko yahambwe atarashirwa mu bikorwa, yamara yaratanguye.

Alain Mukuralinda asobanura ko ari ukwihenda, kuko ishirwa mu bikorwa ryayo ridatangurira ku gihe umwimukira wa mbere yari kuba ashitse mu Rwanda.

Nayo ku kibazo co gusubiza amafranga yari amaze gutangwa, ngo ntaho vyumvikanywe ko azosubizwa canke atazosubizwa.