Ibiziga 89 vy'abarondera gushika i Buraya vyatowe muri Atlantique

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Jaroslav Lukiv
- Igikorwa, BBC News
- Yakoze inkuru ari, London
Abacungera inkengera muri Mauritania batoye ibiziga vy'abantu 89 bari mu bwato bwazamiye mw'ibahari Atlantique ku wa mbere.
Abantu icenda, barimwo umwana w'umukobwa w'imyaka itanu - baratabawe, ariko abandi baharurwa mu mirongo ntawurabona irengero ryabo.
Abarokotse bavuga ko ubwo bwato - busanzwe bwo kuroba - bwari bwafashe urugendo mu ndwi iheze buva mu karere k'urubibe rwa Gambia na Senegal burimwo abantu 170. Bwazamye bugeze mu bumanuko bushira uburengero mu mazi ya Mauritania.
Mauritania ni inzira ikomeye ku bagerageza gushika i Buraya bavuye muri Afrika y'uburengero, aho ubwato buharurwa mu bihumbi bwahagurutse buva mu mwaka uheze.
Akenshi urwo rugendo rubangamye ruba rugana amazinga ya Canari y'igihugu ca Espagne.
Reta ya Espagne ivuga ko abantu bashika 40.000 bahashitse mu mwaka uheze - incuro zibiri ugereranije n'abo mu mwaka w'imbere y'aho.
Mu kwiheba barondera gushika i Buraya, abimukira akenshi bafata ingendo n'ubwato bwuzuye umurengera.
Abimukira barenga 5.000 barapfuye bagerageza gushika muri Espagne baciye mw'ibahari mu mezi atanu ya mbere ya 2024, nk'uko bivugwa n'ishirahamwe ry'abagiraneza Ca-minando Fronteras.
Muri Ndamukiza (ukwezi kwa kane), ishirahamwe rya Buraya ryarahaye Mauritania miriyoni 210 z'amafaranga y'abanyaburaya, euro (miriyoni 225 z'ama dorari) y'imfashanyo - hafi miriyoni 60 akazoshirwa mu bikorwa vyo kurwanya abimukira barondera gushika i Buraya batagira ivyangombwa.












