Amatora mu Bwongereza: ni bande bamaze kumenyekana muri leta ya Sir Keir Starmer?

Sir Keir Starmer yaraye atsinze amatora yo mu Bwongereza, akaba arangije intwaro y'aba-Conservateur bari bamaze imyaka 14 bari ku butegetsi
Insiguro y'isanamu, Sir Keir Starmer yaraye atsinze amatora yo mu Bwongereza, akaba arangije intwaro y'aba-Conservateur bari bamaze imyaka 14 bari ku butegetsi

Umushikiranganji wa mbere mushasha w'Ubwongereza Keir Starmer yamaze gutangura kugena muri leta yiwe, bamwe mu bashingamateka b'umugambwe Labour, waraye utsinze urukombamazi amatora yo kuri uyu wa kane.

Rachel Reeves yabaye umushikiranganji w'umugore wa mbere ajejwe ikigega ca leta.

Nayo Angela Rayner yagizwe icegera c'umushikiranganji wa mbere.

Yvette Cooper yahawe ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati nayo David Lamy aramutswa ubushikiranganji bw'imigenderanire y'Ubwongereza n'amakungu.

Muri ano matora y’ejo ku wa kane, umushikiranganji wa mbere Rishi Sunak wo mu mugambwe w’aba-Conservative yemeye ko yatsinzwe.

Hafi nk’isaha cumi n’iminota 40 (04h40) mu gicugu mu masaha y’Ubwongereza, kuri uno wa gatanu, niho Sunak yemera ku mugaragaro ko umugambwe w’Abakozi (Labour) wayatsinze, kandi ko yanahamagaye Sir Keir Starmer kugira amukeze.

Muri ayo matora, umugambwe Labour yatahukanye intebe 412, ni ukuvuga ko yungutse 211 ugereranije n'izo uwo mugambwe wahorana. Nawe Conservative, watahukanye intebe 121, ni ukuvuga ko watakaje 250 ugereranije n'izo wahorana mu nama nshingamateka yahaora.

Sir Kier Starmer yiyemeje kugarura icizere muri politike no gushiraho leta 'ikorera abanyagihugu', mw'ijambo yashikirije ubwa mbere kuva abaye umushikiranganji wa mbere.

Rishi Sunak aja yamaze gutanga imihoho mu mabanga y'umushikiranganji wa mbere.

Yavuze ko aca ava no ku burongozi bw'umugambwe 'Conservatives'

N'umwami Charles III yamaze kuvyemera inyuma yo kumuha umubonano.

Ubu Rishi Sunak n'umugore wiwe Akshata Murty bamaze kuva 10 Downing Street (ikirimba n'ibiro vy'umushikiranganji wa mbere mu Bwongereza).

''Numvise ishavu ryanyu'' niko Sunak yavuze mw'ijambo imbere yo kugenda, yingerako ko azotanga imihoro nk'umukuru w'umugambwe wa Conservative niyo hamara gutorwa uwumusubirira.

"Ku gihugu nashaka kuvuga ubwa mbere n'imbere ya vyose, ndasavye imbabazi.

''Ntaco ntakoze mu kwitanga muri aka kazi, ariko mwarungitse ubutumwa butomoye ko reta y'Ubwongereza itegerezwa guhinduka, kandi urubanza muciye nirwo nyene rufise ijambo.''

Ivyavuye muri ano matora y’ejo ku wa kane birangije ubutegetsi bw’aba-Conservatives bwari bumaze ikiringo c’imyaka 14 c’abashikiranganji ba mbere batanu.

Ivyo kurungika abimukira mu Rwanda bizoherera he?

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Kimwe mu bibazo vyavuzwe cane muri aya matora, ni ikibazo co kurungika abimukira mu Rwanda, mu ntumbero yo kurondera kuzibira abinjira mu Bwongereza mu buryo buteye kubiri n’amategeko.

Muri uno mugambi watangujwe muri Ndamukiza (4) 2022, reta y’aba-Conservateurs yavuga ko umuntu uwo ari we wese yinjiye “mu buryo buteye kubiri n’amategeko” mu Bwongereza inyuma y’uwa 01 Nzero (1) 2022, yorungitswe mu Rwanda kugira ngo aje gusabirayo ubuhungiro.

Uno mugambi wategekanya ko uwari kwemererwa yoronkejwe ubuhungiro hanyuma agaca aguma muri iki gihugu co mu karere k’Ibiyaga binini.

Uwo vyokwanse na we, yosavye kubandanya aba mu Rwanda ku zindi mvo, canke naho akarondera ikindi “gihugu gitekanye” yosabamwo ubuhungiro.

Nta n’umwe yokwemerewe gusaba ngo asubire mu Bwongereza.

Reta yavuga ko uno mugambi wari kuzibira aborondera kwinjira mu Bwongereza bakoresheje utwato duto duto binjiriye mu Muhora w’Ubwongereza (Manche/Channel), iyi ikaba yari intumbero nyamukuru ya Rishi Sunak.

Rishi Sunak

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Kurungika abimukira mu Rwanda Rishi Sunak yari yabigize umwe mu migambi yiwe ikomeye

Ku ncuro zitari nke, hagumye hageragezwa igikorwa co kurungika aba bimukira mu Rwanda, ariko igihe cose wagiye uburizwamwo n’amategeko.

Muri iki gihe, vyari vyitezwe ko iyo Sunak aramuka atsinze amatora, aba mbere borungitswe muri uku kwezi kw’indwi, ariko mu gihe yariko yiyamamaza, Sir Keir Starmer yemereye Abongereza ko aramutse atsinze azoca ahagarika uno mugambi.

Iki rero ni co citezwe nk’uko yavyiyemeje kuko yaraye atsinze ano matora.

Nk’uko bivugwa n’ikigo kigenzura ingene reta ikoresha amafaranga y’igihugu, National Audit Office, uno mugambi wotwara imiriyoni 370 z’amafaranga y'Ubwongereza, pound (£) mu kiringo c’imyaka itanu, hakiyongerako n’izindi miriyoni 120 mu gihe horungikwa abarenga 300, hariko n’ibihumbi 20 vy’ama £ kuri buri muntu arungitswe.

Uno mukuru w’umugambwe w’abakozi yiyamamaza avuga ko ahagaritse uno mugambi azoshobora kuziganya imiriyoni zishika 75 z’amapawundi agaca azikoresha mu kurondera abahinga mu vy’amatohoza n’igendereza kugira ngo bazibire utwato duto duto tujabuka Manche.

Sir Keir avuga kandi ko ashaka gukoresha ububasha bwo kurwanya iterabwoba mu gutuza imirwi y’abantu binjiza abimukira mu kinyegero.

Ku bwiwe, uno mugambi w’aba-Conservateurs ntiwoshobora guhagarika abantu bagerageza kwinjira mu gihugu.

Igihe yabazwa nimba umugambwe wiwe woca ufuta uno mugambi, Sir Keir yabwiye abanyamakuru ko umugambwe w‘Abakozi “ubwo nyene uzoca ufuta iyi nteguro”.

Ati: “Si nshobora kubandanya n’uno mugambi mbona ko ataco uzomara, ahubwo uzotwara uburyo bwinshi.

“Tuzogarukana ubutegetsi bukomeye ku mbibe zacu, dutorere umuti iki kibazo kw’isoko ryaco hanyuma dusubirize burundu uno mugambi ku Rwanda”.